Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 76

Yezu ahumanura urusengero

Yezu ahumanura urusengero

Mu mwaka wa 30, Yezu yaragiye ku rusengero i Yeruzalemu. Abantu benshi bari baje guhimbaza Pasika. Mu kuyihimbaza baratanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero. Bamwe baza bavyizaniye, abandi bakabigurira aho i Yeruzalemu.

Yezu yinjiye mu rusengero, yarabonye abantu bariko baragurishirizayo ibitungwa. Bariko baronderera amahera mu nzu yo gusengeramwo Yehova! None Yezu yaciye akora iki? Yarafashe imigozi arayizinga nk’ikimoko, aca ahindira hanze intama n’inka zari mu rusengero. Yarahenuye amameza y’abavunja amahera yongera arasanzaza ibingorongoro vyabo. Yezu yabwiye abariko baragurisha  inuma ati: ‘Kura ivyo bintu ng’aha! Mugomba guhindura inzu ya Dawe isoko?’

Abari ku rusengero baratangaye babonye ivyo Yezu akoze. Abigishwa biwe baciye bibuka ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bugira buti: ‘Nzogirira umwete mwinshi inzu ya Yehova.’

Ikindi gihe, mu mwaka wa 33, Yezu yarasubiye kwirukana abariko baradandariza mu rusengero. Yashaka ko abantu bose bubaha inzu ya Se wiwe.

“Ntimushobora kuba abashumba b’Imana n’ab’Ubutunzi.”​—Luka 16:13

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

Kubera iki Yezu yashavuriye abadandariza ku rusengero kandi amategeko y’Imana yararekurira abantu kugurira i Yeruzalemu ibitungwa batangako ibimazi?

NUBE UMUGENZI WA YEHOVA

Nusonere inzu ya Yehova

Wokwerekana gute ko usonera cane inzu yo gusengeramwo Yehova?