Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo cumi bijanye n’ivy’igitsina

Inyishu z’ibibazo cumi bijanye n’ivy’igitsina

Inyishu z’ibibazo cumi bijanye n’ivy’igitsina

1 Guhuza ibitsina coba ari co caha Adamu na Eva bakoze mw’itongo ry’i Edeni?

▪ Inyishu: Abantu benshi biyumvira yuko ca camwa cari kibujijwe mw’itongo ry’i Edeni cagereranya amabanga mpuzabitsina. Yamara ivyo si vyo Bibiliya yigisha.

Zirikana iki kintu: N’imbere yuko Eva aremwa, Imana yategetse Adamu kutarya ku vyamwa vy’“igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:15-18) Kubera ko Adamu yari wenyene, urumva nawe ko itariko iramubuza kurangura amabanga mpuzabitsina. Vyongeye, Imana yahaye Adamu na Eva itegeko ritomoye rigira riti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 1:28) None Imana yuzuye urukundo yoba yari kubwira uwo mugabo n’umugore ba mbere ngo ‘buzure isi,’ maze igaca ibacira urwo gupfa kubera bagamburutse iryo tegeko kandi kwuzura isi vyasaba ko barangura amabanga mpuzabitsina?​—1 Yohani 4:8.

Vyongeye, Eva “yakir[iye] ku vyamwa [vyari bibujijwe] ararya” igihe atari kumwe n’umugabo wiwe. “Inyuma y’aho, [yarahayeko] n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya.”​—Itanguriro 3:6.

N’ikindi kandi, Imana ntiyahambariye Adamu na Eva igihe barangura amabanga mpuzabitsina maze bakavyara abana. (Itanguriro 4:1, 2) Biratomoye yuko icamwa Adamu na Eva bariye kitagereranya amabanga mpuzabitsina, ahubwo ko cari icamwa co ku giti.

2 Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?

▪ Inyishu: Igitabu ca mbere ca Bibiliya kirerekana yuko Imana ari yo yaremye abantu ari “umugabo n’umugore.” Yavuze yuko ivyo yaremye vyari ‘vyiza cane.’ (Itanguriro 1:27, 31) Mu nyuma, Imana yarahumekeye umwanditsi wa Bibiliya guha abagabo ubu buyobozi bugira buti: “Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe . . . Amabere yiwe nakuboreze ibihe vyose.” (Imigani 5:18, 19) Ayo majambo yoba yerekana ko Bibiliya ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?

Ibimenyamenya vyerekana yuko Imana itaremye ibitsina kugira ngo itume gusa bishoboka ko abantu barondoka, ariko kandi ko yabiremye mu buryo butuma abubakanye baseruriranira urukundo n’igishika, bompi bakumva baryohewe. Igihe umugabo n’umugore bafitaniye igishika kandi bakaba bashikirana cane, kurangura ayo mabanga birashobora kubaronsa ivyo bakeneye ku mubiri no mu kanyengetera.

3 Bibiliya yoba yemera ko umugabo n’umugore babana batubakanye imbere y’amategeko?

▪ Inyishu: Bibiliya iratomora yuko “Imana izocira urubanza abasambanyi.” (Abaheburayo 13:4) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubusambanyi,” ari ryo por·neiʹa, rifise insobanuro yagutse, rikaba ryerekeza ku gukoresha ibihimba vy’irondoka kw’abatubakanye. * Rero, Imana ntiyohimbarwa n’uko umugabo n’umugore babana batarubakana, naho boba bafise umugambi wo kuzokwubakana mu nyuma.

Naho abantu babiri boba bakundana cane, Imana isaba ko babanza kwubakana imbere yo kurangura amabanga mpuzabitsina. Imana ni yo yaturemanye ubushobozi bwo gukunda. Urukundo ni rwo ahanini ruyiranga. Irafise rero imvo yumvikana yo gusaba ishimitse yuko abubakanye baba ari bo gusa barangura amabanga mpuzabitsina, nk’uko ikiganiro gikurikira kibisigura.

4 Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

▪ Inyishu: Imana yaramaze igihe ireka umugabo akagira abagore barenga umwe. (Itanguriro 4:19; 16:1-4; 29:18–30:24) Ariko si yo yabitanguje. Yahaye Adamu umugore umwe atarenga.

Imana yarahaye Yezu Kristu uburenganzira bwo gusubizaho ya ngingo ngenderwako yo mu ntango isaba yuko umuntu agira umugore umwe canke umugabo umwe. (Yohani 8:28) Igihe Yezu bamubaza ibijanye n’umubano w’abubatse, yavuze ati: “Uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, [avuga] ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.’”​—Matayo 19:4, 5.

Mu nyuma, umwe mu bigishwa ba Yezu Kristu yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Umugabo wese nagire umugore wiwe bwite, n’umugore wese agire umugabo wiwe bwite.” (1 Abakorinto 7:2) Bibiliya ivuga kandi yuko umugabo wese yubatse wo mw’ishengero rya gikirisu ashingwa amabanga adasanzwe ategerezwa kuba ari “umugabo w’umugore umwe.”​—1 Timoteyo 3:2, 12.

5 Vyoba ari bibi yuko abubakanye bakoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara?

▪ Inyishu: Yezu ntiyategetse abayoboke biwe kuvyara abana. Eka mbere nta n’umwe mu bigishwa biwe yigeze atanga itegeko nk’iryo. Nta na hamwe Bibiliya ivuga itomora ko kwirinda kuvyara ari bibi.

Abubakanye ni bo rero bihitiramwo kuvyara canke kutavyara. Boshobora kandi kwifatira ingingo y’igitigiri c’abana bovyara n’igihe bobavyarira. Nimba umugabo n’umugore bahisemwo gukoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara budakorora inda, iyo ni ingingo ibega. * Nta wukwiye kubacira urubanza.​—Abaroma 14:4, 10-13.

6 Vyoba ari bibi gukorora inda?

▪ Inyishu: Ubuzima ni bweranda ku Mana, kandi ibona yuko n’inda y’agasamo ari umuntu muzima akwiye. (Zaburi 139:16) Imana yavuze yuko umuntu aramutse atumye umwana akiri mu nda agira ico aba, yogize ico abazwa. Rero Imana ibona ko kwica umwana akiri mu nda ari icaha c’ubwicanyi.​—Kuvayo 20:13; 21:22, 23.

Ariko tuvuge iki bishitse mu gihe c’ukwibaruka bikagorana maze bikaba ngombwa ko abubakanye bahitamwo kurokora umuvyeyi ariko umwana agapfa, canke kurokora umwana ariko umuvyeyi agapfa? Ico gihe, abubakanye ni bo bokwihitiramwo uwo borokora. *

7 Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

▪ Inyishu: Bibiliya iremerera umuntu kwahukana. Ariko rero, Yezu yarerekanye imvo imwe rudende yotuma umubano uhagarikwa, mu kuvuga ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi [ukuryamana n’uwo batubakanye] akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”​—Matayo 19:9.

Imana iranka ukurondera kwahukana biciye ku rwenge no ku buhemu. Izogira ico ibaza abapfa kuvana n’abo bubakanye, na canecane igihe babigira barondera kwibanira n’uwundi.​—Malaki 2:13-16; Mariko 10:9.

8 Imana yoba yemera ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

▪ Inyishu: Bibiliya iriyamiriza itomora ubusambanyi, bukaba burimwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina. (Abaroma 1:26, 27; Abagalatiya 5:19-21) Bibiliya irerekana idacisha ku ruhande yuko Imana yiyamiriza iyo nyifato, ariko turazi kandi yuko “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

Naho abakirisu b’ukuri badashigikira ukuryamana kw’abasangiye igitsina, baragaragariza ubuntu abantu bose. (Matayo 7:12) Imana idusaba “[gutera] iteka abantu b’uburyo bwose.” Abakirisu b’ukuri rero ntibanka urunuka abaryamana n’abo basangiye igitsina.​—1 Petero 2:17.

9 Kugira ivy’ubushirasoni biciye kuri telefone canke kuri Internet, hari ikibi birimwo?

▪ Inyishu: Kuri telefone no kuri Internet, ivyo bigirwa mu kuvugana mu buryo butisoneye n’uwundi muntu ivyerekeye igitsina, mu kwumviriza ubutumwa bweruye buvyura inambu y’umubiri, canke mu kurungikiranira amafoto avyura inambu y’umubiri be n’ubutumwa buvuga ivy’igitsina mu buryo bweruye.

Bibiliya ntivuga idomako mwene ivyo bintu bigirwa muri iki gihe. Mugabo iravuga iti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, nk’uko bibereye abantu beranda; ntihakabe n’ingeso ziteye isoni canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni, ivyo bikaba ari ibintu bitabereye.” (Abanyefeso 5:3, 4) Kuvugana canke kurungikiranira ubutumwa n’amashusho vy’ubuhumbu kuri telefone canke kuri Internet biraremesha abantu kubona mu buryo butari bwo ibijanye n’igitsina bikongera bikabaremesha kurondera kuryoherwa mu vy’igitsina atari mu mubano w’abubatse. Ntibifasha abantu gucungera inambu y’umubiri, ahubwo riho bituma barondera kuyimara.

10 Bibiliya ibona gute ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene?

▪ Inyishu: Bibiliya ntivuga idomako ivy’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene, bino bikaba bigirwa mu gukabura nkana inambu y’umubiri gushika aho umuntu yumva uburyohe bw’agaheta. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ritegeka abakirisu riti: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, [n’]inambu y’umubiri [itabereye].”​—Abakolosayi 3:5.

Iyo ngeso ituma umuntu abona ivy’igitsina mu buryo butari bwo kandi burimwo ubwikunzi. Bibiliya idukura amazinda yuko Imana ishobora guha “ububasha burengeye ubusanzwe” abagira akigoro kavuye ku mutima ko guheba iyo ngeso.​—2 Abakorinto 4:7; Abafilipi 4:13.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 11 Muri por·neiʹa harimwo n’ugukora ibindi bintu bidahuje n’umugambi Imana yari ifise mu ntango mu kurema ibihimba vy’irondoka vy’umuntu, nk’ukurenga ibigo, ukuryamana kw’abasangiye igitsina, be n’uguhuza ibitsina n’igikoko.

^ ing. 19 Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye guhagarika buhere ubushobozi bwo kurondoka, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1999, urupapuro rwa 27-28.

^ ing. 22 Ku bijanye n’uko uwafashwe ku nguvu yoba afise imvo yumvikana yo gukoroza inda, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Rusama 1993, urupapuro rwa 10-11, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.