Kuvayo 21:1-36
21 Ng’izi ingingo ubwirizwa kubashikiriza+:
2 «Niwagura umushumba w’Umuheburayo+, azogukorera imyaka itandatu, ariko ku mwaka ugira indwi uzomureka yidegemvye ata co arishe+.
3 Nimba yaje wenyene azogenda ari wenyene. Niyaba afise umugore, bazogenda bajanye.
4 Nimba shebuja ari we yamuhaye umugore maze akamuvyarira abahungu canke abakobwa, uwo mugore n’abana biwe bazoba aba shebuja, na we agende wenyene+.
5 Ariko uwo mushumba niyatakamba ati: “Ndakunda databuja, umugore wanje n’abana banje. Sinshaka kwidegemvya+.”
6 Shebuja azoce amuzana imbere y’Imana y’ukuri. Azomuzana ku muryango canke ku gishimaryango, aheze amutobore ugutwi akoresheje urushinge*. Azoca aba umushumba wiwe ubuzima bwiwe bwose.
7 Umugabo niyagurisha umukobwa wiwe ngo abe umushumba, uwo mukobwa ntibazomureka ngo yidegemvye nk’uko biri ku bashumba b’abagabo.
8 Shebuja natamushima ngo amugire incoreke yiwe, mugabo agahitamwo kumugurisha ku wundi muntu*, nta burenganzira azoba afise bwo kumugurisha ku banyamahanga kuko azoba yamuhemukiye.
9 Niyahitamwo kumuha umuhungu wiwe ngo amubere umugore, akwiye kumugirira nk’ivyo abandi bakobwa bafitiye uburenganzira.
10 Niyazana uwundi mugore, ntakwiye kugabanya ibifungurwa vy’umugore wa mbere, ivyambarwa vyiwe n’uburenganzira bwiwe bwo mu mubano w’abubatse+.
11 Natamugirira ivyo bintu uko ari bitatu, uwo mugore wa mbere arashobora guca yigira akidegemvya ata mahera atanze.
12 Uwuzokubita umuntu akamwica, na we nyene ategerezwa kwicwa+.
13 Ariko nimba atamwishe n’ibigirankana kandi Imana y’ukuri ikaba yaretse bikaba, nzobarangira ahantu ashobora guhungira+.
14 Umuntu niyashavurira mugenziwe akamwica n’ibigirankana+, uwo muntu ategerezwa gupfa naho azoba yahungiye ku gicaniro canje+.
15 Uwukubise se canke nyina ategerezwa gupfa+.
16 Uwunyuruje umuntu+ akamugurisha canke uwo bamufatanye+, ategerezwa gupfa+.
17 Uwututse* se canke nyina ategerezwa gupfa+.
18 Uku ni ko bizogenda abantu babiri nibashwana maze umwe agakubita mugenziwe ibuye canke ingumu*, ku buryo arwara akaguma ku musego ariko ntapfe:
19 nivyakunda ko avyuka agasohoka hanze yishimikije ikibando, uwamukubise nta gihano azohabwa. Azomuha gusa indishi y’umwanya w’akazi yatakaje kuva arwaye gushika akize neza.
20 Umuntu niyakubita inkoni umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore akamupfirako, uwo mushumba ategerezwa guhorwa+.
21 Ariko niyamara umusi umwe canke ibiri atarapfa, ntazohorwa kuko shebuja azoba yamuguze amahera yiwe.
22 Abagabo nibarwana maze bagaca ku mugore yibungenze ku buryo inda yiwe ivuka itageze*+ ariko iryo sanganya ntihagire uwo ryica*, uwamuciyeko ategerezwa kuriha indishi umugabo w’uwo mugore azomucira. Azoyiriha biciye ku bacamanza+.
23 Ariko nihagira uwupfa, uze wishure ubuzima ku bundi+,
24 ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi, ukuguru ku kundi+,
25 ubushe ku bundi, igikomere ku kindi, ugukubitwa ku kundi.
26 Umuntu niyakubita mu jisho umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore maze akarimena, azoce amureka yidegemvye. Iyo izoba ari yo ndishi y’ijisho ryiwe+.
27 Niyamuhongora iryinyo, azoce amureka yidegemvye. Iyo izoba ari yo ndishi y’iryinyo ryiwe.
28 Impfizi niyaseka umugabo canke umugore agapfa, iyo mpfizi itegerezwa kwicishwa amabuye+ kandi inyama zayo ntizize ziribwe. Nyeneyo nta gihano azohabwa.
29 Ariko nimba iyo mpfizi yari isanzwe isekana kandi nyeneyo akaba yaragabishijwe mugabo ntayicungere, hanyuma ikica umugabo canke umugore, iyo mpfizi izoce yicishwa amabuye. Nyeneyo na we nyene ategerezwa kwicwa.
30 Niyasabwa kwigombora*, ategerezwa gutanga ivyo bamuciriye vyose.
31 Naho yoseka umwana w’umuhungu canke w’umukobwa, iyo ngingo nyene ni yo izokora.
32 Nimba yasetse umushumba w’umugabo canke w’umugore, nyeneyo azoriha shebuja w’uwo mushumba shekeli* 30, iyo mpfizi na yo ice yicishwa amabuye.
33 Umuntu niyapfukura ikinogo canke akacimba ariko ntagipfuke, hanyuma impfizi canke indogobwa ikakigwamwo,
34 nyeneco ategerezwa gutanga indishi+. Azoriha nyene igitungwa igiciro bikwiranye, umuvyimba waco na wo uce uba rwiwe.
35 Impfizi y’umuntu niyaseka impfizi y’uwundi igapfa, baze bagurishe iyayishe hanyuma bagabure ikiguzi cayo. Iyo yapfuye na yo nyene bazoyigabura.
36 Nimba na ho vyari bizwi ko iyo mpfizi isanzwe isekana ariko nyeneyo ntayicungere, abwirizwa kwishura impfizi ku yindi, iyapfuye na yo ibe rwiwe.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «uruhindu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mugabo akamureka ngo acungurwe.»
^ Canke «uwuvumye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibuye canke ikindi gikoresho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku buryo abana biwe bavayo.»
^ Canke «ariko ntihagire uwukomereka cane.»
^ Canke «incungu.»
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.