Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

BE MASO!

Ikibazo: Bibiliya yoba iva ku Mana? Canke ni igitabu kirimwo ivyiyumviro vy’abantu?

Icanditswe: 2Tm 3:16

Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Be maso! kirashimika ku bintu bitatu bitwemeza ko Bibiliya yavuye ku Mana.

NIWIGISHE UKURI

Ikibazo: Dukwiye kubona gute ingabire y’ubuzima?

Icanditswe: Ivy 4:11

Iciyumviro: Kubera ko ubuzima ari ingabire iva ku Mana, dukwiye kubwubaha. Turirinda amasanganya, tukirinda no kwica ikiremwa-muntu. Ubuzima ni ikintu duha agaciro.

NI IGIKI COTUMA MU RUGO HARANGWA AGAHIMBARE? (T-32)

Ikibazo: Ehe raba iki kibazo n’inyishu zimwezimwe zitangwa. Weho uvyibazako iki?

Icanditswe: Lk 11:28

Ivyo wovuga: Aka gapapuro karasigura ico ayo majambo yomarira umuryango wawe n’igituma twokwemera ivyo Bibiliya ivuga.

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.