Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Ruheshi 2017

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YEREMIYA 51-52

Ijambo rya Yehova riraranguka ido n’ido

Ijambo rya Yehova riraranguka ido n’ido

Yehova yaravuze ido n’ido ivyobaye muri kazoza

Umusoda yarasisha imyampi wo ku kirimba c’Ubuperesi

“Nimusene imyampi”

51:11, 28

  • Abamedi n’Abaperesi bari abahinga mu vyo kurasa imyampi kandi umuheto cari co kirwanisho cabo nyamukuru. Barasena imyampi yabo kugira vyorohe ko itobekeranya umuntu

“Abanyenkomezi ba Babiloni baretse kurwana”

51:30

  • Igisate ca Nabonide kivuga giti: “Abasoda ba Kuro binjiye i Babiloni batarinze kurwana.” Ivyo bishobora kuba bisigura ko muri rusangi ata ntambara yahabaye, bikaba bihuye n’ivyo Yeremiya yari yaravuze

Igisate ca Nabonide

‘Babiloni azocika ibirundo vy’amabuye n’igiharabuga gushika igihe kitagira urugero’

51:37, 62

  • Mu 539 imbere ya Kristu, ubwiza bwa Babiloni bwaratanguye kugabanuka. Alegizandere Mukuru yaripfuje kuhagira umurwa mukuru ariko aca arapfa. Mu ntango z’ubukirisu, hari hakibayo Abayuda. Ni co gituma Petero yahagendeye. Mugabo mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu, hari hasigaye ari igiharabuga, amaherezo harazimangana

Iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya rimfasha iki?

 

Ni ibiki nosigurira abandi ku bijanye n’ubu buhanuzi?