Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?

Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?

Wiyumvira ko ari . . .

  • urukundo?

  • amahera?

  • ikindi kintu?

 IVYO BIBILIYA IVUGA

“Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”Luka 11:28, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Urakundwa vy’ukuri.Abanyefeso 5:28, 29.

Urubahwa vy’ukuri.Abanyefeso 5:33.

Uratekanirwa vy’ukuri.Mariko 10:6-9.

 TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Imana ni yo yatanguje urugo. Bibiliya ivuga ko “umuryango wose . . . ukesha izina ryawo” Yehova Imana. (Abanyefeso 3:14, 15) Mu yandi majambo, umuryango uriho kubera ko Yehova yawushizeho. Kubera iki ivyo bihambaye?

    Rimbura iki kintu: Hamwe wofungura ibifungurwa biryoshe maze ukipfuza kumenya ibibigize, wobaza nde? Birumvikana ko wobaza uwabitetse.

    Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo tumenye ivyotuma mu rugo harangwa agahimbare, vyoba vyiza tubajije Yehova we yatanguje urugo.Itanguriro 2:18-24.

  • Imana irabababara. Vyoba vyiza ingo zirondeye impanuro ziva kuri Yehova, izo atanga biciye kw’Ijambo ryiwe. Kubera iki? “Kuko [a]bababara.” (1 Petero 5:6, 7) Yehova abipfuriza ineza, kandi impanuro atanga zama ari ngirakamaro!—Imigani 3:5, 6; Yesaya 48:17, 18.

 ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Ushobora gute kuba umunega mwiza, umukenyezi mwiza canke umuvyeyi mwiza?

Bibiliya irishura ico kibazo mu BANYEFESO 5:1, 2 no mu BAKOLOSAYI 3:18-21.

Raba n'ibindi

Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare

Urashobora kugira agahimbare mu mubano wanyu no mu rugo rwanyu ukurikije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.