Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera

Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera

“Ntimuzobura . . . kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha.”​—MAL. 3:18.

INDIRIMBO: 127, 101

1, 2. Abasavyi b’Imana bahura n’intambamyi iyihe muri iki gihe? (Raba amashusho atangura.)

ABAGANGA benshi usanga bitwararika abantu barwaye indwara zandukira. Ivyo babigira kubera ko bipfuza kubafasha. Ariko rero, barakenera kwikingira kugira ngo ntibandure indwara baba bariko baravura. Muri ubwo buryo nyene, benshi muri twebwe turabana kandi tugakorana n’abantu bafise ingeso be n’inyifato zidashimwa n’Imana. Ivyo bica bitubera intambamyi.

2 Iyi misi ya nyuma irangwa n’ukwononekara mu vy’inyifato runtu. Mw’ikete rya kabiri Paulo yandikiye Timoteyo aravuga inyifato mbi abantu batibanga Imana bogaragaje, bikaba bizorushiriza kwunyuka uko umuhero wegereza. (Soma 2 Timoteyo 3:1-5, 13.) Naho twoshobora kubabazwa n’inyifato be n’ingeso zabo, zoshobora kutwandukira. (Imig. 13:20) Muri iki kiganiro, turaza kurimbura ingene ingeso abantu bagaragaza muri iyi misi ya nyuma zitandukanye na kamere abasavyi b’Imana bagaragaza. Turaza kandi kubona ingene twokwikingira kugira ngo ntitwandure izo ngeso mbi igihe tuba turiko turafasha abandi mu vy’impwemu.

3. Ingeso zivugwa muri 2 Timoteyo 3:2-5 zigaragazwa na bande?

3 Intumwa Paulo yavuze ko mu “misi ya nyuma” hobaye “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Yaciye yerekana ingeso 19 zoranze abantu bo muri iki gihe. Izo ngeso zirasa n’izivugwa mu Baroma 1:29-31, naho mw’ikete Paulo yandikiye Timoteyo akoresha imvugo zimwezimwe ata handi ziboneka mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Mu kuvuga izo ngeso, Paulo yatanguye ati: “Kuko abantu bazoba ari . . . ” Yamara rero, abantu bose ntibogaragaje izo ngeso. Abakirisu bagaragaza kamere zitandukanye cane n’izo.​—Soma Malaki 3:18.

INGENE TWIBONA

4. Wodondora gute abantu bibona?

4 Paulo amaze kuvuga ko abantu benshi bobaye abikunda n’inkunzi z’amahera, yaciye avuga ko bobaye kandi abishima, abibona be n’abivyimvya. Izo ngeso kenshi zigaragazwa n’abantu babona ko baruta abandi kubera ububangukirwe bafise, uko basa, ubutunzi bafise canke ikibanza bafise mu kibano. Abantu nk’abo usanga bahahamira gushimagizwa. Umuhinga umwe yavuze ko umuntu yatwawe n’ubwibone, mu mutima wiwe usanga yibona nk’akamana. Hari abavuga ko ubwibone ari bubi cane ku buryo n’abibona usanga baterekwa abandi bantu bagaragaza iyo ngeso.

5. Ni gute n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa vyashitse baratwarwa n’ubwibone?

5 Nta gukeka ko Yehova yanka ubwibone. Aranka “amaso yishira hejuru.” (Imig. 6:16, 17) Ubwibone butuma umuntu atiyegereza Imana. (Zab. 10:4) Ni bwo buranga Shetani. (1 Tim. 3:6) Ariko rero ikibabaje, n’abasavyi ba Yehova b’intahemuka bamwebamwe vyarashitse baragira ubwibone. Nk’akarorero, Uziya umwami wa Yuda yaramaze imyaka ari umwizigirwa. Bibiliya ivuga iti: “Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone gushika n’aho yikwegera akarambaraye, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu.” Mu nyuma, Umwami Hezekiya na we nyene yaraguye mu mutego w’ubwibone naho yahavuye yikubita agashi.​—2 Ngo. 26:16; 32:25, 26.

6. Ni ibiki vyari gushobora gutuma Dawidi agira ubwibone? Kubera iki none atabugize?

6 Abantu bamwebamwe bagira ubwibone kubera ari beza, bazwi cane, ari ibihangange mu muziki, bakomeye canke bashimagizwa n’abandi. Dawidi yari afise ivyo bintu vyose, ariko yagumye yicisha bugufi mu buzima bwiwe bwose. Amaze kwica Goliyati no kwemererwa kuzotwara umukobwa w’Umwami Sauli, yavuze ati: “Mbaye nde kandi abo mu muryango wanje, umuryango wa dawe, babaye bande muri Isirayeli, ku buryo noba umukwe w’umwami?” (1 Sam. 18:18) Ni igiki cafashije Dawidi kuguma yicisha bugufi? Yaratahura ko kamere nziza, ububangukirwe be n’uduteka yari afise yabironse kubera Imana ‘yimanuye,’ ni ukuvuga ko yicishije bugufi, ikamwitaho. (Zab. 113:5-8) Dawidi yari azi ko ivyiza vyose yari afise yabihawe na Yehova.​—Gereranya na 1 Abakorinto 4:7.

7. Ni ibiki vyodufasha kwicisha bugufi?

7 Nk’uko kwa Dawidi, abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe barihatira kwicisha bugufi. Turakorwa ku mutima cane no kumenya ko Yehova, Segaba w’ibiriho vyose, yicisha bugufi. (Zab. 18:35) Turafata nkama impanuro yahumetswe igira iti: “Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.” (Kol. 3:12) Vyongeye, turazi ko urukundo ‘rutiyemera kandi rutivyimvya.’ (1 Kor. 13:4) Iyo twicishije bugufi, birashobora gutuma abandi biyegereza Yehova. Kurya nyene abagabo bashobora kureshwa n’inyifato y’abagore babo ata jambo rivuzwe, abandi barashobora kwiyegereza Imana bivuye ku kwicisha bugufi kw’abasavyi bayo.​—1 Pet. 3:1.

INGENE DUFATA ABANDI

8. (a) Kugambararira abavyeyi bibonwa gute muri iki gihe? (b) Ivyanditswe bihimiriza abana kugira iki?

8 Paulo yaravuze ingene abantu bo mu misi ya nyuma bofashe abandi. Yavuze ko abana bogambarariye abavyeyi. Naho iyo nyifato rimwe na rimwe yemerwa canke mbere igahimirizwa mu bitabu, mu masinema no kuri televiziyo, irahungabanya umuryango, kandi ivyo biragira ingaruka ku kibano cose c’abantu. Ico ni ikintu kizwi kuva kera. Nk’akarorero, kera mu Bugiriki umuntu akubise abavyeyi baca bamuharira ivomo. Mu mategeko y’Abaroma na ho, uwukubise se yahanwa nk’uwishe umuntu. Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’Ivyanditswe vy’ikigiriki birahimiriza abana gusonera abavyeyi babo.​—Kuv. 20:12; Ef. 6:1-3.

9. Ni igiki cofasha abakiri bato kugamburukira abavyeyi?

9 Abana barashobora kwirinda kwandukirwa n’agatima ko kugambarara mu kuzirikana ku vyo abavyeyi babo babakoreye. Gutahura ko Imana, Data wa twese, ari yo isaba ko abana bagamburuka biratuma barushiriza kugira umutima wo gukenguruka. Igihe abakiri bato bavuga neza abavyeyi babo, birashobora gutuma abandi bakiri bato babigana. Ariko ntiwumve, igihe abavyeyi batiyumvamwo abana babo, vyoshobora kugora abo bana kububaha bivuye ku mutima. Mugabo iyo uwukiri muto abona ko abavyeyi biwe bamukunda vy’ukuri, biratuma yihatira kubagamburukira n’igihe bitoroshe. Uwitwa Austin yiyemerera ati: “Naho vyashika kenshi nkumva nokwikorera ivyo nshaka, abavyeyi banje barampa amategeko yumvikana, bakansigurira igituma bayashizeho kandi barandonsa akaryo ko kuganira na bo igihe cose ndavyipfuza. Ivyo vyaramfasha kubagamburukira. Narabona ko banyitwararika, kandi vyatuma nipfuza kubashimisha.”

10, 11. (a) Ni ingeso izihe zerekana ko abantu badakundana? (b) Abakirisu b’ukuri bagaragaza urukundo ku rugero rungana iki?

10 Paulo aravuga izindi ngeso zokwerekanye ko abantu badakundana. Ntibitangaje kubona intashima ziza inyuma y’“abagambararira abavyeyi” kuko umuntu adashima adaha agaciro ubuntu abandi bamugaragariza. Abantu bobaye kandi ibihemu. Bobaye badashaka kwumvikana na gato. Bobaye abarogosi n’abaguranyi, bakavuga nabi abandi mbere n’Imana. N’ikindi kandi, bokwambitse ibara abandi, bakavuga ibinyoma ku bandi kugira babasige iceyi. *

11 Naho muri iki gihe abantu benshi batagaragaza urukundo, abasenga Yehova bobo baragaragariza abandi urukundo nyakuri. Ukwo ni ko vyamye kuva kera. Yezu yavuze ko gukunda mugenzawe, uwo ukaba ari umuce w’urukundo a·gaʹpe, ari ryo bwirizwa rigira kabiri rihambaye mw’Itegeko rya Musa, havuye ugukunda Imana. (Mat. 22:38, 39) Yavuze kandi ko abakirisu b’ukuri boranzwe n’urukundo bafitaniye. (Soma Yohani 13:34, 35.) Abakirisu b’ukuri bokunze mbere n’abansi babo.​—Mat. 5:43, 44.

12. Ni gute Yezu yagaragarije abandi urukundo?

12 Yezu yarakunda cane abandi. Yaraja mu gisagara no mu kindi, abwira abantu inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Yarakijije impumyi, ibimuga, abanyamibembe n’abaragi. Yarazuye n’abapfuye. (Luka 7:22) Mbere yariguze abantu, naho benshi bamwanka. Yezu yariganye mu buryo butagira agahaze urukundo rwa Se. Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova baragaragariza abandi urukundo ruva ku Mana.

13. Urukundo tugaragariza abandi rushobora gute gutuma biyegereza Yehova?

13 Urukundo tugaragariza abandi ruratuma biyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Nk’akarorero, umugabo umwe wo muri Tayilande yarakozwe ku mutima n’urukundo yabonye mu bavukanyi igihe yari yitavye ihwaniro ry’akarere. Amaze gutaha, yaciye asaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya kabiri mu ndwi. Yarabwiye inkuru nziza incuti ziwe zose, kandi haheze amezi atandatu gusa inyuma y’iryo hwaniro, yarashikirije ikiganiro ca mbere ku Ngoro y’Ubwami. Kugira dusuzume urugero tugezako mu kugaragariza abandi urukundo, twokwibaza duti: ‘Noba nkora uko nshoboye kwose kugira mfashe abandi mu muryango, mw’ishengero be no mu busuku? Noba nihatira kubona abandi nk’uko Yehova ababona?’

AMABINGIRA BE N’IMYAGAZI Y’INTAMA

14, 15. Ingeso z’ubunyamaswa abantu benshi bagaragaza ni izihe, ariko ni gute bamwebamwe bahindutse bakamera neza?

14 Hari izindi ngeso ziranga abantu bo mu misi ya nyuma zituma abakirisu babirinda. Abatibanga Imana bobaye badakunda iciza, canke nk’uko Bibiliya zimwezimwe zibivuga, bobaye “abanka iciza” canke “abansi b’iciza cose.” Bobaye kandi batagira ukwigumya n’inkazi. Bamwebamwe bobaye intumva, ni ukuvuga abantu bahuruduka kandi ba sindabinezwe.

15 Benshi mu bahoze bagaragaza mwene izo ngeso z’ubunyamaswa barahindutse baba abantu beza. Ivyo vyari vyaravuzwe neza mu buhanuzi bumwe bwo muri Bibiliya. (Soma Yesaya 11:6, 7.) Ubwo buhanuzi buravuga ibijanye n’ibikoko, nk’ibingira n’intambwe, bibana mu mahoro n’ibitungwa, nk’umwagazi w’intama be n’inyana. Urabona ko bizobana mu mahoro “kuko isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yes. 11:9) Kubera ko ibikoko bidashobora kwiga ivyerekeye Yehova, iranguka ry’ubwo buhanuzi ryerekeye abantu.

Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya birahindura ubuzima! (Raba ingingo ya 16)

16. Bibiliya yafashije gute abantu guhindura kamere zabo?

16 Hari abantu benshi bahoze bakaze nk’amabingira mugabo ubu bakaba babana mu mahoro n’abandi. Urashobora gusoma inkuru zimwezimwe nk’izo mu rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu,” kuri jw.org. Abahavuye bamenya Yehova kandi bakamukorera ntibameze nk’abafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo, bano bakaba bigira nk’abasenga Imana mugabo inyifato yabo ikagaragaza ko atari ko biri. Ahubwo “[barambaye] wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Ef. 4:23, 24) Iyo abantu bamenye Imana, barabona ko bakwiye kwisunga ingingo ngenderwako zayo. Baca bahindura ivyo bemera, agatima bagaragaza be n’inyifato yabo. Kugira ayo mahinduka ntivyoroshe mugabo birashoboka kubera ko impwemu y’Imana ifasha abipfuza vy’ukuri gukora ivyo igomba.

“UBACE KURE”

17. Twokwirinda gute ingeso z’abantu badahimbara Imana?

17 Ubudasa buri hagati y’abakorera Imana n’abatayikorera burarushiriza kwibonekeza. Twebwe abakorera Imana dutegerezwa kuba maso kugira ntitwigane ingeso mbi z’abandi. Turakwiye kwumvira impanuro yahumetswe idusaba guca kure abantu bavugwa muri 2 Timoteyo 3:2-5. Ego ni ko ntidushobora kwirinda rwose abantu bafise ingeso zidahimbara Imana. Hari aho twoba dukorana na bo, twigana canke tubana. Ariko rero, turashobora kwirinda ivyiyumviro vyabo n’ingeso zabo. Ivyo twobigira mu kwikomeza mu vy’impwemu biciye ku kwiga Bibiliya no mu kwifatanya n’abiyemeje gukorera Yehova.

18. Ivyo tuvuga n’inyifato yacu bishobora gute gufasha abandi mu vy’impwemu?

18 Turakwiye kandi kwihatira gufasha abandi mu vy’impwemu. Nurondere uturyo two gushinga intahe, usabe Yehova agufashe kuvuga ijambo ribereye mu mwanya ubereye. Turakwiye kumenyesha abandi ko turi Ivyabona vya Yehova. Nitwabigenza gutyo, inyifato yacu nziza ntizotuma tuninahazwa, ahubwo izoninahaza Imana. Twarigishijwe “kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana muri iki gihe.” (Tito 2:11-14) Nitwigenza mu buryo buhimbara Imana, abandi bazobibona. Hari aho mbere bamwe bovuga bati: “Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”​—Zek. 8:23.

^ ing. 10 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “uwambika ibara uwundi” canke “umwagiriji” ni di·aʹbo·los, muri Bibiliya rikaba ryerekeza ahanini kuri Shetani, wa mubisha yambika ibara Imana.