UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(2 Petero 3:11)

  1. 1. Mbe nokwishur’iki, Man’ihoraho,

    Ngo ndagushimire kubon’umbeshaho?

    Ijambo ryawe rimbera nk’icirore.

    Numfashe mbone uko ndi, ungorore.

    (IKIRARO)

    Nasezeranye ko nzogukorera

    Kandi ndabishitse ata wungobera.

    Vyanyiviriyeko ata wumpase.

    Ese nokwama nkor’ivy’ushatse!

    Mfasha kwisuzuma, mfasha ntahure

    Uwo nkwiye kuba, mpeze nigarure.

    Intahemuka uzozih’agaciro.

    Ese noguhimbara se Bwirukiro.