Ja ku birimwo

Yezu yasa gute?

Yezu yasa gute?

Inyishu Bibiliya itanga

 Nta n’umwe azi neza na neza ukuntu Yezu yasa kuko Bibiliya itbidondora. Ivyo vyerekana ko ukuntu Yezu yasa atari ikintu gihambaye. Ariko rero, Bibiliya iravuga ibintu bimwebimwe vyerekana ukuntu Yezu yasa muri rusangi.

  •   Ivyamuranga: Yezu yari Umuyuda, kandi ashobora kuba yararazwe na nyina wiwe kamere zimwezimwe z’Abayuda. (Abaheburayo 7:14) Nta bintu bidasanzwe yari afise ku mubiri vyatuma aba uwutandukanye n’abandi. Igihe kimwe yaravuye i Galilaya aja i Yeruzalemu mu mpisho, ntihagira abamumenya. (Yohani 7:10, 11) Kandi biboneka ko atari atandukanye cane n’abagenzi biwe somambike. Uribuka ko Yuda Isikariyoti yabwirijwe gusoma Yezu kugira abasoda bari baje kumufata bamumenye.​—Matayo 26:47-49.

  •   Ukuntu umushatsi wiwe wareha: Biboneka ko Yezu atari afise umushatsi muremure kuko Bibiliya ivuga yuko “iyo umugabo afise umushatsi muremure, aba ari agateterwe kuri we.”—1 Abakorinto 11:14.

  •   Ubwanwa bwiwe: Yezu yari afise ubwanwa. Yarakurikiza itegeko ry’Abayuda ryabuza abagabo ‘gukebêra udusunwa tw’ubwanwa bwabo.’ (Abalewi 19:27; Abagalatiya 4:4) N’ikindi kandi, Bibiliya iravuga ibijanye n’ubwanwa bwa Yezu mu buhanuzi bwerekana ukuntu yobabajwe.​—Yesaya 50:6.

  •   Umubiri wiwe: Hari ibintu vyinshi vyerekana ko Yezu yari umugabo w’indyamunyu. Mu kiringo c’ubusuku bwiwe, yaragize ingendo z’ibilometero vyinshi n’amaguru. (Matayo 9:35) Yarahumanuye urusengero rw’Abayuda incuro zibiri, arahenagura amameza y’abakaba amahera, kuri imwe muri izo ncuro akaba yarahindiye hanze ibitungwa akoresheje ikimoko. (Luka 19:45, 46; Yohani 2:14, 15) Igitabu kimwe (Cyclopedia) canditswe na McClintock be na Strong kivuga giti: “Inkuru yose yo mu Njili irerekana ko [Yezu yari] umuntu afise inguvu n’amagara meza.”​—Igitabu ca IV, urupapuro rwa 884.

  •   Mu maso hiwe: Yezu yari umunyagishika n’umunyempuhwe, kandi nta gukeka ko izo kamere zigaragaza no mu maso hiwe. (Matayo 11:28, 29) Abantu bo mu bwoko bwose baramurondera kugira abahumurize yongere abafashe. (Luka 5:​12, 13; 7:​37, 38) N’abana barumva bisanze bari kumwe na we.​—Matayo 19:13-15; Mariko 9:35-37.

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ukuntu Yezu yasa

 Iciyumviro kitari co: Hari abavuga ko Yezu yasa n’Abanyafrika ngo kubera igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko umushatsi wiwe wari umeze nk’ubwoya bw’intama, amaguru yiwe na yo “nk’umujumpu uramuye.”—Ivyahishuwe 1:14, 15.

 Ukuri: Ivyahishuwe bishikirizwa “mu bimenyetso.” (Ivyahishuwe 1:1) Umushatsi wa Yezu n’ibirenge vyiwe vyadondowe mu mvugo y’ikigereranyo. Vyerekana kamere yari afise aho amariye kuzuka, ntivyerekana ukuntu yasa akiri kw’isi. Mu Vyahishuwe 1:​14 havuga ko ‘umutwe wa Yezu n’umushatsi wiwe vyera nk’ubwoya bw’intama bwera, nk’urubura.’ Ukwo gusanisha ibintu kuri muri uwo murongo gushimika kw’ibara ry’ubwo bwoya, ntigushimika ku kuntu bumeze. Bigereranya ubukerebutsi bwinshi afise kubera imyaka myinshi amaze. (Ivyahishuwe 3:14) Uwo murongo ntushaka kwerekana ko umushatsi wa Yezu umeze nk’ubwoya bw’intama, nk’uko nyene udashaka kwerekana ko umushatsi wiwe umeze nk’urubura.

 Amaguru ya Yezu yari “ameze nk’umujumpu uramuye igihe wakaka mw’itanure.” (Ivyahishuwe 1:15) Mu maso hiwe na ho hari “hameze nk’izuba iyo rikayanganye mu bubasha bwaryo.” (Ivyahishuwe 1:16) Kubera ko ata bwoko na bumwe bw’abantu bufise ibara ry’urukoba risa n’ivyo bintu vyavuzwe ng’aho, ivyo bintu Yohani yeretswe vyari ikigereranyo. Vyerekana ko Yezu amaze kuzuka, yaba “mu muco utegerwa.”—1 Timoteyo 6:16.

 Iciyumviro kitari co: Yezu yari umunyabwoba na goyigoyi.

 Ukuri: Yezu yifata nk’umuntu arinda. Nk’akarorero, igihe abantu isinzi baza kumufata bitwaje ibirwanisho, yarabahishutse ko ari we barondera abigiranye umutima rugabo. (Yohani 18:4-8) Vyongeye, Yezu ategerezwa kuba yari afise inguvu zihagije ku buryo yashoboye gukora igikorwa co kubāza akoresheje ibikoresho bisanzwe, vy’iminwe.​—Mariko 6:3.

 Kubera iki none Yezu yakeneye uwomufasha gutwara ca giti co kubabarizwako? Kandi kubera iki yatanze bamwe bamanikanwa na we gucikana? (Luka 23:26; Yohani 19:31-33) Imbere gatoyi y’uko Yezu amanikwa, baramusinzikarije ubuzima bimwe bikomeye. Yari yamaze ijoro ryose ataryamye, kimwe mu vyabitumye kakaba kari agahinda kenshi yari afise. (Luka 22:42-​44) Mw’ijoro Abayuda bari bamukubise, bukeye na ho Abaroma baramusinzikariza ubuzima. (Matayo 26:67, 68; Yohani 19:1-3) Ivyo bishobora kuba ari vyo vyatumye acikana ningoga.

 Iciyumviro kitari co: Yezu yama ajinyitse, ashavuye.

 Ukuri: Yezu yaragaragaje mu buryo butagira agahaze kamere za Se wiwe Yehova, uwo Bibiliya ivuga ko ari “Imana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11; Yohani 14:9) Kanatsinda, Yezu yarigishije abantu ibintu bokora kugira bagire agahimbare. (Matayo 5:3-9; Luka 11:28) Ivyo vyerekana ko akenshi Yezu yaba akeye mu maso, anezerewe.