IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?
Bemera iki?
Ivyabona vya Yehova bemera ko “icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ko ari] ngirakamaro.” (2 Timoteyo 3:16) Turisunga Bibiliya kugira idufashe kumenya ivyerekeye Umuremyi no kugira ubuzima bwiza.
Bibiliya ivuga iti: “[Ni]bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) Ni co gituma dusenga Yehova Imana wenyene kandi kubera ko turi ivyabona vyiwe turihatira kumenyekanisha izina ryiwe.
Kubera ko turi abakirisu, turemera ko Yezu we “Mwana w’Imana,” * yaje kw’isi be n’uko ari Mesiya. (Yohani 1:34, 41; 4:25, 26) Amaze gupfa yarazutse asubira mw’ijuru. (1 Abakorinto 15:3, 4) Mu nyuma yarabaye Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 11:15) Ubwo Bwami ni intwaro ibaho koko izotuma isi isubira kuba Iparadizo. (Daniyeli 2:44) Bibiliya ivuga iti: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”
“Igihe bariko barasoma Bibiliya babona ko ari ijambo riva ku Mana. Igihe cose bahuye n’ingorane mu buzima, baca baronderera umuti wazo mw’Ijambo ry’Imana. . . . Babona ko Ijambo ry’Imana rigifise akamaro.”
Ivyabona vya Yehova bemera ko no muri iki gihe abantu bashobora kwungukira ku mpanuro ziri muri Bibiliya. (Yesaya 48:17, 18) Ni co gituma tuzikurikiza twitonze. Nk’akarorero, kubera ko Bibiliya idusaba kwirinda ibintu vyonona umubiri n’ubwenge, ntitunywa itabi canke ibiyayuramutwe. (2 Abakorinto 7:1) Turirinda kandi ingeso Bibiliya yiyamiriza nk’akaborerwe, ubuhumbu no kwiba.
^ ing. 5 Bibiliya ivuga kandi ko Yezu ari “Umwana w’Imana w’ikinege” kubera ko ari we Yehova yabanje kurema kandi akamurema ata wundi abicishijeko.