Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Intambara ya Harumagedoni ni iki?

Intambara ya Harumagedoni ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Intambara ya Harumagedoni ni intambara ya nyuma izoba hagati y’intwaro z’abantu n’Imana. N’ubu izo ntwaro z’abantu hamwe n’abazishigikiye bararwanya Imana mu kwanka kuyobokera ubutegetsi bwayo. (Zaburi 2:2) Intambara ya Harumagedoni izokuraho ubutakigaruka intwaro z’abantu.Daniyeli 2:44.

Muri Bibiliya, ijambo “Harumagedoni” riboneka rimwe gusa, mu Vyahishuwe 16:16. Mu buryo bw’ubuhanuzi, mu Vyahishuwe herekana ko “ahantu hitwa Haru–Magedoni mu giheburayo” ari ho “abami b’isi yose” bazoba bakoraniye “hamwe ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.”Ivyahishuwe 16:14.

Ni bande bazorwana kuri Harumagedoni? Yezu Kristu azoyobora ingabo zo mw’ijuru kugira atsinde abansi b’Imana. (Ivyahishuwe 19:11-16, 19-21) Abo bansi b’Imana bagizwe n’abarwanya ubusegaba bwayo hamwe n’abayisuzugura.Ezekiyeli 39:7.

Intambara ya Harumagedoni yoba izobera mu karere k’ibihugu vy’Abarabu? Oya. Ahubwo aho kubera mu karere kamwe gusa, iyo ntambara ya Harumagedoni izobera kw’isi yose uko yakabaye.Yeremiya 25:32-34; Ezekiyeli 39:17-20.

Ijambo Harumagedoni, rimwe na rimwe rikaba ryandikwa ngo “Haru–Magedoni” (Mu giheburayo Har Meghiddohnʹ), risobanura “Umusozi wa Megido.” Megido cari igisagara cari mu karere ka Isirayeli ya kera. Inkuru za kahise ziravuga ibijanye n’intambara zikomakomeye zabereye mu micungararo y’ico gisagara, zimwezimwe zikaba zaranditswe muri Bibiliya. (Abacamanza 5:19, 20; 2 Abami 9:27; 23:29) Ariko rero, Harumagedoni ntiyerekezwa kuri ako karere kari mu micungararo ya Megido ya kera. Nta musozi munini uri aho hantu, kandi abazorwanya Imana bose ntiboshobora no gukwirwa mu Kiyaya co hasi ca Yezireyeli kiri hafi ya Megido. Ahubwo, Harumagedoni ni ukuntu isi yose izoba imeze igihe amahanga yose azokoranira hamwe ubwa nyuma kugira arwanye ubutegetsi bw’Imana.

Ibintu bizoba vyifashe gute igihe c’intambara ya Harumagedoni? Naho tutazi neza na neza ukuntu Imana izokoresha ububasha bwayo, izoba ifise ibirwanisho bimeze nk’ivyo yakoresheje kera; aho twovuga nk’urubura, nyamugigima, imvura y’isegenya, umuriro n’amazuku, imiravyo, n’indwara z’ivyaduka. (Yobu 38:22, 23; Ezekiyeli 38:19, 22; Habakuki 3:10, 11; Zekariya 14:12) Bamwebamwe mu bansi b’Imana bazocanamwo, bicane kubera bataye umutwe, yamara bazomenya neza ko ari Imana iriko irabarwanya.Ezekiyeli 38:21, 23; Zekariya 14:13.

Isi yoba izokurwaho kuri Harumagedoni? Habe namba, kuko isi yaremwe ngo ibeko abantu ibihe bidahera. (Zaburi 37:29; 96:10; Umusiguzi 1:4) Aho guherengeteza buhere abantu, Harumagedoni mu bisanzwe izotuma barokoka, kubera ko “isinzi rinini” ry’abakorera Imana batazohitanwa n’iyo ntambara.Ivyahishuwe 7:9, 14; Zaburi 37:34.

Rimwe na rimwe Bibiliya irakoresha ijambo “isi” itariko ivuga uwu mubumbe tubako, ahubwo iriko ivuga abantu babi barwanya Imana. (1 Yohani 2:15-17) Ku bw’ivyo Harumagedoni izozana “umuhero w’isi.”Matayo 24:3, Bibiliya yera.

Harumagedoni izoba ryari? Igihe Yezu yariko aravuga ivyerekeye “amakuba akomeye,” ano akaba azorangira ku ntambara ya Harumagedoni, yavuze ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Matayo 24:21, 36) Naho ari ukwo, Bibiliya irerekana yuko Harumagedoni izoba mu kiringo c’ukuhaba kutaboneka kwa Yezu, ukwatanguye mu 1914.Matayo 24:37-39.

Raba n'ibindi

Umusi w’Urubanza ni iki?

Nurabe ukuntu Umusi w’Urubanza uzoba ari umuhezagiro ku bantu bose b’abizigirwa.

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.