Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NYAKANGA 2015

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyabona vya Yehova ni bande?

Ivyabona vya Yehova ni bande?

“Hari haciye imyaka tuzinanye na Mike. Ni Icabona ca Yehova. Ariko sinatahura iryo dini. Uwo Yehova ni nde? Ni kubera iki Ivyabona badahimbaza imisi mikuru? Ubwo Mike ntiyoba yarahenzwe n’akadumbi k’idini?”—Becky w’i Kaliforniya muri Amerika.

“Igihe ababanyi banje batangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, naribajije nti: ‘Iryo zina Ivyabona vya Yehova risobanura iki? Idini ryitwa ukwo? Iryo zina numva ritabaho!’”—Zenon w’i Ontario muri Kanada.

“Jewe n’umugore wanje twarumva twiyagirije kubera ko tutaja gusenga. Twabona ko ari yo mpamvu Ivyabona vya Yehova batugendera. Ariko twaribaza duti: Nimba amadini akomakomeye ata co yashoboye kudufasha, ako kadumbi k’Ivyabona vya Yehova koko kodufasha iki?”—Kent w’i Washington muri Amerika.

“Mu vy’ukuri sinari nzi abo ari bo be n’ivyo bemera.”—Cecilie w’i Esbjerg muri Danemarke.

Ushobora kuba umaze kubabona bariko baravuga ubutumwa inzu ku nzu canke ahandi hantu, bariko baratanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya canke bariko barigisha abantu Bibiliya ku buntu. Umwe muri bo ashobora kuba ari we yaguhaye iki kinyamakuru. Naho ari ukwo, ushobora kuba wibaza uti: Ivyabona vya Yehova ni bande vy’ukuri? Kumbure ubona ibintu nk’umwe muri abo bantu bahejeje kuvugwa.

Nimba wibaza ivyo bibazo, wokura he inyishu? Womenya gute ivyo Ivyabona vya Yehova bemera? Bakura he amahera bakoresha mu gikorwa barangura no mu kwubaka aho basengera? Kubera iki bagendera abantu ku mihana yabo canke mu bindi bibanza?

Cecilie umwe twavuga, agira ati: “Narasomye ibintu vyinshi vyerekeye Ivyabona vya Yehova kuri internet. Narumvise ibihuha be n’amajambo menshi abavuga nabi. Ivyo vyatumye ndabishiramwo nabi.” Ariko rero mu nyuma Cecilie yarivuganiye n’Ivyabona vya Yehova maze ibibazo vyiwe arabironkera inyishu zitomoye.

Woba wipfuza kuronka inyishu zitomoye ku bibazo ufise vyerekeye Ivyabona? Tukuremesheje kuganira n’Ivyabona vya Yehova ubwabo kuko ari bo bashoboye kukwishura neza. Ni na bo basohora iki kinyamakuru. (Imigani 14:15) Twizigiye yuko ibiganiro bikurikira biza kugufasha kumenya abo turi be n’ivyo twemera, wongere utahure ibijanye n’igikorwa dukora.