Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Nyakanga 2015

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Bameze gute?

Bameze gute?

Turi ishirahamwe rikwiye kw’isi yose ritari mu runani rw’ayandi madini. Naho icicaro gikuru cacu kiri muri Amerika, Ivyabona vya Yehova benshi baba mu bindi bihugu. Nkako, abashika imiliyoni umunani barigisha abantu Bibiliya mu bihugu birenga 230. Ivyo tubigira mu kugamburuka amajambo ya Yezu agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.”Matayo 24:14.

Aho twoba tuba hose, turihatira kwubahiriza amategeko mugabo tukirinda kuja muri politike. Ivyo tubigira kuko tugamburuka itegeko Yezu yahaye abakirisu ryo kutaba “ab’isi.” Ku bw’ivyo ntituja muri politike canke ngo dushigikire intambara. (Yohani 15:19; 17:16) Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, Ivyabona vya Yehova baratawe mu mabohero, barasinzikarizwa ubuzima, eka mbere baricwa kubera ko banse kuja muri politike. Umudagi umwe yahoze ari umusenyeri yanditse ati: “Barashobora kuvuga ata kubesha ko ari bo bonyene bagize umugwi wanse kwisuka mu ntambara mu gihe c’intwaro ya Hitler kubera ivyo bemera.”

“[Ivyabona vya Yehova] ntibadohoka ku vyo bemera. Naho twipfuza ko abantu nk’abo bitanga cane bokoreshwa mu nzego zikomeye mu vya politike, ntituzokwigera tubishobora. . . . Barubaha abategetsi ariko bemera ko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo bushoboye gutorera umuti ingorane zose abantu bafise.”—Vyakuwe mu kinyamakuru kimwe (Nová Svoboda) co muri République Tchèque.

Ariko ntiwumve, ntitwigungira ukwacu. Mw’isengesho Yezu yatuye Imana, yasabiye abayoboke biwe ati: “Singusaba ngo ubakure mw’isi.” (Yohani 17:15) Ni co gituma mutubona tuja ku kazi, kw’ishure no gusuma.

Raba n'ibindi

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ubwami bw’Imana ni iki?

Rimbura igituma intwaro y’Imana iruta izindi ntwaro zose.