Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NYAKANGA 2015

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Bemera iki?

Bemera iki?

Ivyabona vya Yehova bemera ko “icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ko ari] ngirakamaro.” (2 Timoteyo 3:16) Turisunga Bibiliya kugira idufashe kumenya ivyerekeye Umuremyi no kugira ubuzima bwiza.

Bibiliya ivuga iti: “[Ni]bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) Ni co gituma dusenga Yehova Imana wenyene kandi kubera ko turi ivyabona vyiwe turihatira kumenyekanisha izina ryiwe.Yesaya 43:10-12.

Kubera ko turi abakirisu, turemera ko Yezu we “Mwana w’Imana,” * yaje kw’isi be n’uko ari Mesiya. (Yohani 1:34, 41; 4:25, 26) Amaze gupfa yarazutse asubira mw’ijuru. (1 Abakorinto 15:3, 4) Mu nyuma yarabaye Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 11:15) Ubwo Bwami ni intwaro ibaho koko izotuma isi isubira kuba Iparadizo. (Daniyeli 2:44) Bibiliya ivuga iti: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”Zaburi 37:11, 29.

“Igihe bariko barasoma Bibiliya babona ko ari ijambo riva ku Mana. Igihe cose bahuye n’ingorane mu buzima, baca baronderera umuti wazo mw’Ijambo ry’Imana. . . . Babona ko Ijambo ry’Imana rigifise akamaro.”—Vyavuzwe n’indongozi y’idini rya Gatolika yitwa Benjamin Cherayath mu kinyamakuru kimwe (Münsterländische Volkszeitung) co mu Budagi

Ivyabona vya Yehova bemera ko no muri iki gihe abantu bashobora kwungukira ku mpanuro ziri muri Bibiliya. (Yesaya 48:17, 18) Ni co gituma tuzikurikiza twitonze. Nk’akarorero, kubera ko Bibiliya idusaba kwirinda ibintu vyonona umubiri n’ubwenge, ntitunywa itabi canke ibiyayuramutwe. (2 Abakorinto 7:1) Turirinda kandi ingeso Bibiliya yiyamiriza nk’akaborerwe, ubuhumbu no kwiba.1 Abakorinto 6:9-11.

^ ing. 5 Bibiliya ivuga kandi ko Yezu ari “Umwana w’Imana w’ikinege” kubera ko ari we Yehova yabanje kurema kandi akamurema ata wundi abicishijeko.Yohani 3:18; Abakolosayi 1:13-15.

Raba n'ibindi

Ivyabona vya Yehova bemera iki?

Soma incamake y’ibintu 15 nyamukuru twemera.

Ivyabona vya Yehova boba bemera ko idini ryabo ari ryo dini ryonyene ry’ukuri?

Yezu yoba yavuze ko hari inzira nyinshi zijana ku bukiriro?