Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

Murabe ukuntu mubwirizwa kumera

“Mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!”—2 PET. 3:11.

1, 2. ‘Dukwiye kuba abantu bameze gute’ kugira ngo dushimwe n’Imana?

NI IBISANZWE kwitwararika ukuntu abandi batwiyumvira. Ariko rero kubera turi abakirisu, ntidukwiye none kurushiriza kurazwa ishinga n’ukuntu Yehova atubona? Nakare, ni we ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi kandi iwe ni ho hari “isôko ry’ubuzima.”—Zab. 36:9.

2 Mu gushimika ‘ku kuntu tubwirizwa kuba tumeze’ imbere ya Yehova, intumwa Petero aduhimiriza gukora “ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana.” (Soma 2 Petero 3:11.) Kugira ngo dushimwe n’Imana, “ibikorwa vy’ingeso” zacu bitegerezwa kuba vyeranda, ni ukuvuga bidahumanye, haba mu vy’inyifato runtu, mu bwenge canke mu vy’impwemu. Vyongeye, turakeneye gukora “ibikorwa vy’ukwihebera Imana,” tukabigira tuyubaha bimwe bigera kure kandi twifatanije na yo tudahemuka. Kurondera gushimwa na yo ntivyerekeye gusa rero ingeso zacu, ariko kandi birerekeye umuntu turi imbere. Kubera ko Yehova “[a]suzuma umutima,” arazi nimba turi beranda mu ngeso tukaba kandi tumwihebera we musa canke atari ko biri.—1 Ngo. 29:17.

3. Ku vyerekeye ubucuti dufitaniye na Yehova, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

3 Umwansi wacu Shetani wa Mubesheranyi ntiyipfuza ko turondera gushimwa n’Imana. Nkako, arakora uko ashoboye kwose kugira ngo duhebe ubucuti dufitaniye na Yehova. Shetani ntatinya gukoresha ibinyoma n’uruhendo kugira ngo adukwegakwege maze atwigize kure y’Imana dusenga. (Yoh. 8:44; 2 Kor. 11:13-15) Vyoba biranga ubukerebutsi rero twibajije duti: ‘Shetani ahenda abantu gute? Nokora iki kugira ngo nkingire ubucuti mfitaniye na Yehova?’

 SHETANI AHENDA ABANTU GUTE?

4. Mu kugerageza gusambura ubucuti dufitaniye n’Imana, Shetani atera iki, kandi kubera iki?

4 Umwigishwa Yakobo yandika ati: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu.” (Yak. 1:14, 15) Mu kugerageza gusenyura ubucuti dufitaniye n’Imana, Shetani atera isôko ry’ivyipfuzo vyacu, iryo na ryo rikaba ari umutima wacu.

5, 6. (a) Shetani adutera akoresheje iki? (b) Ni ibintu bikwegakwega ibihe Shetani akoresha arondera kwonona ivyipfuzo vy’umutima wacu, kandi amenyereye kubikoresha ku rugero rungana iki?

5 None Shetani atera umutima wacu akoresheje iki? Bibiliya ivuga iti: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yoh. 5:19) “Ibiri mw’isi” ni kimwe mu birwanisho Shetani akoresha. (Soma 1 Yohani 2:15, 16.) Mu myaka ibihumbi ihaciye, Shetani yarateguye ibintu vyo muri iyi si idukikije abigiranye ubuhinga n’ubwitonzi. Kubera ko tuba muri iyi si, turakeneye kuba maso ku mayeri yiwe atibonekeza.—Yoh. 17:15.

6 Shetani akoresha uburyo bugenewe kwonona ivyipfuzo vy’umutima. Intumwa Yohani arerekana ibintu bitatu bikwegakwega Shetani akoresha: (1) “icipfuzo c’umubiri,” (2) “icipfuzo c’amaso,” (3) “uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho.” Shetani yarabikoresheje mu kugerageza Yezu mu gahinga. Kubera ko Shetani amaze imyaka myinshi akoresha iyo mitego, muri iki gihe arayikoresha akaroranirwa, mu guhuza uburyo akoresha n’impengamiro z’umuntu umwumwe wese. Imbere y’uko turimbura ivyo twokora kugira ngo twikingire muri ivyo, nimuze turabe ingene Shetani yakoresheje kuri Eva ibintu bimwebimwe bikwegakwega akaroranirwa, mugabo ku Mwana w’Imana ntaroranirwe.

“ICIPFUZO C’UMUBIRI”

“Icipfuzo c’umubiri” ni co catumye Eva atemba (Raba ingingo ya 7)

7. Shetani yakoresheje gute “icipfuzo c’umubiri” mu kugerageza Eva?

7 Hariho ikintu ntahara abantu bakeneye kugira ngo babungabunge umubiri wabo, ico na co kikaba ari ibifungurwa. Umuremyi yatunganije isi ku buryo yimbuka ibifungurwa umukimba. Shetani yoshobora kugerageza gufatira ku cipfuzo dusanzwe dufise co gufungura kugira ngo atubuze gukora ivyo Imana igomba. Rimbura ukuntu yabigize kuri Eva. (Soma Itanguriro 3:1-6.) Shetani yabwiye Eva yuko yari gushobora kurya ku camwa co ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi” ntapfe, avuga ko umusi yakiriyeko, yobaye nk’Imana. (Ita. 2:9) Ni nk’aho rero Shetani yavuze ko Eva atari akeneye kugamburukira Imana kugira ngo abeho. Mbega ukuntu ico cari ikinyoma cambaye ubusa! Ico ciyumviro kimaze gushinga imizi mu muzirikanyi wa Eva, yari afise ibintu bibiri yari guhitamwo: Yari gushobora kwamirira kure ico ciyumviro,  canke akakigumizako umutima, akarushiriza kwipfuza ico camwa. Naho yari afise uburenganzira bwo kurya ku bindi biti vyose vyo muri uwo murima, yahisemwo kugumiza umutima ku vyo Shetani yari avuze ku bijanye n’ico giti cari hagati muri uwo murima, maze “yakira ku vyamwa vyaco ararya.” Gutyo Shetani yatumye Eva yipfuza ikintu yari yarabujijwe n’Umuremyi wiwe.

Yezu ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimukevya (Raba ingingo ya 8)

8. Shetani yagerageje gute gukwegakwega Yezu akoresheje “icipfuzo c’umubiri,” kandi kubera iki ico kigeragezo ata co cavuyemwo?

8 Shetani yarakoresheje ayo mayeri nyene igihe yarondera kugerageza Yezu mu gahinga. Yezu amaze imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha, Shetani yaragerageje gufatira ku cipfuzo Yezu yari afise co gufungura. Shetani yavuze ati: “Nimba uri umwana w’Imana, bwira iri buye ricike umukate.” (Luka 4:1-3) Yezu yari afise ibintu bibiri yari guhitamwo: Yari gushobora guhitamwo kudakoresha ububasha afise bwo gukora ibitangaro kugira ngo yironse ibifungurwa, canke agahitamwo kubukoresha. Yezu yari azi ko adakwiye gukoresha ubwo bubasha abitumwe n’ubwikunzi. Naho yari ashonje, kwimara inzara si vyo yashize imbere yo kuzigama ubucuti yari afitaniye na Yehova. Yezu yishuye ati: “Vyanditswe ngo: ‘Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa.’ ”—Luka 4:4.

“ICIPFUZO C’AMASO”

9. Imvugo ngo “icipfuzo c’amaso” yerekana iki, kandi Shetani yafatiye gute kuri ico cipfuzo ku bijanye na Eva?

9 Yohani yaravuze kandi ko “icipfuzo c’amaso” gikwegakwega. Iyo mvugo yerekana ko umuntu ashobora gutangura kwipfuza ikintu akiravye gusa. Ku bijanye na Eva, Shetani yafatiye kuri ico cipfuzo mu kuvuga ati: “Amaso yanyu azoca yuguruka.” Uko Eva yarushiriza kuraba ico camwa cari kibujijwe, ni ko carushiriza kumukwegera. Eva yarabonye ko ico giti “cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso.”

10. Ni mu buryo ubuhe Shetani yakoresheje “icipfuzo c’amaso” kugira ngo agerageze Yezu, kandi Yezu yavyifashemwo gute?

10 Tuvuge iki ku vyerekeye Yezu? Shetani “[yamweretse] mu kanya gatoyi ubwami bwose bw’isi; hanyuma . . . amubwira ati: ‘Ndaguha ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwabwo.’ ” (Luka 4:5, 6) Yezu ntiyari kubona n’amaso yiwe ubwami bwose mu kanya gatoyi, mugabo Shetani ategerezwa kuba yiyumviriye ko ubuninahazwa bw’ubwo bwami, nk’uko yabumweretse mw’iyerekwa, hari ukuntu bwokwegereye Yezu. Shetani yavuze ata n’udusoni ati: “Niwapfa kwikubita imbere yanje ukansenga, vyose biraba rwawe.” (Luka 4:7) Yezu ntiyigeze mu buryo na bumwe yipfuza kumera nk’uko Shetani yashaka ko amera. Yaciye ubwo nyene yishura. Yavuze ati: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’ ”—Luka 4:8.

 “UGUHAYA UBURYO UMUNTU AFISE BWO KWIBESHAHO”

11. Eva yakwegakwezwe gute na Shetani?

11 Mu kudondagura ibiri mw’isi, Yohani yaravuze ibijanye n’ “uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho.” Igihe Adamu na Eva bari bo bantu bonyene baba kw’isi, birumvikana ko batashobora ‘guhayira abandi uburyo bafise bwo kwibeshaho.’ Mugabo baragaragaje ubwibone. Igihe Shetani yagerageza Eva, yavuze akikiriza ko Imana yamwimye ikintu ciza igitangaza. Shetani yamubwiye ko ku musi nyene yoriye kuri ico “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi,” yociye ‘amera nk’Imana, akamenya iciza n’ikibi.’ (Ita. 2:17; 3:5) Gutyo Shetani yarerekanye ko Eva yari gushobora kubaho atisunga Yehova. Biboneka ko ubwibone ari bwo bwatumye yemera ico kinyoma. Yarakiriye kuri ico camwa cari kibujijwe, yizigiye ko atopfuye vy’ukuri. Ese ukuntu yari yihenze!

12. Ni ubundi buryo ubuhe Shetani yarondeye kugerageza Yezu, kandi Yezu yavyifashemwo gute?

12 Mu buryo buhushanye na Eva, Yezu yaradusigiye akarorero keza igitanga ko kwicisha bugufi. Shetani yararondeye kugerageza Yezu mu bundi buryo, mugabo uno yariyamirije mbere n’iciyumviro co gukora ikintu gitangaje cari kugerageza Imana. Ico cari kuba ari ikintu kiranga ubwibone! Aho kugikora, Yezu yishuye mu buryo butomoye kandi budomako ati: “Bivugwa ngo: ‘Ntukageze Yehova Imana yawe.’ ”—Soma Luka 4:9-12.

DUSHOBORA GUTE GUKINGIRA UBUCUTI DUFITANIYE NA YEHOVA?

13, 14. Sigura ukuntu Shetani akoresha ibintu bimwebimwe bikwegakwega muri iki gihe.

13 Muri iki gihe, Shetani akoresha ibintu bikwegakwega bisa n’ivyo yakoresheje kuri Eva no kuri Yezu. Shetani afatiye ku “cipfuzo c’umubiri,” arakoresha isi yiwe kugira ngo aremeshe ubuhumbu hamwe no kurya be no kunywa birenze urugero. Biciye ku mashusho y’ubushegabo, na canecane ayo kuri Internet, arashobora gukwegera umuntu atiyubara maze agafatira ku “cipfuzo c’amaso.” Vyongeye, urazi ukuntu amaronko, ububasha be n’ukuba rurangiranwa ari ikigeragezo ku banyabwibone no ku bafise agatima ko ‘guhaya uburyo bafise bwo kwibeshaho’!

Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe ukwiye kwibuka igihe uri muri ibi bintu? (Raba ingingo ya 13, 14)

14 “Ibiri mw’isi” bimeze nk’ivyambo vy’umurovyi. Usanga bikwegera, mugabo icambo kimwekimwe cose kiba kiri kumwe n’igera. Shetani akoresha ivyo abantu boshobora kubona yuko ari ibintu bisanzwe bakenera buri musi kugira ngo atume bipfuza gukora ibiteye kubiri n’amategeko  y’Imana. Ariko rero mwene ivyo bigeragezo bitibonekeza, usanga bigenewe kwosha ivyipfuzo vyacu hanyuma bikonona umutima wacu. Mu vy’ukuri, birondera gutuma twemera ko kwitwararika ivyo dukeneye be n’ukumererwa neza kwacu biza imbere yo gukora ivyo Imana igomba. Ivyo bintu bikwegakwega vyoba bizodufata?

15. Dushobora gute kwigana Yezu mu bijanye no kunanira ibigeragezo vya Shetani?

15 Naho Eva yatwawe n’ibigeragezo vya Shetani, Yezu we yarabinaniye. Igihe cose, yatanga inyishu ishingiye ku Vyanditswe, mu kuvuga ati: “Vyanditswe ngo” canke “Bivugwa ngo.” Nitwiyigisha Bibiliya tubigiranye umwete, tuzomenya neza Ivyanditswe maze dushobore kwibuka imirongo yodufasha kuguma dufise ivyiyumviro biroranye igihe turi mu kigeragezo. (Zab. 1:1, 2) Kwibuka uburorero bwo mu Vyanditswe bw’abantu b’abizigirwa babaye intahemuka ku Mana bizodufasha kubigana. (Rom. 15:4) Ntitwatinya Yehova vy’ukuri, tugakunda ivyo akunda tukongera tukanka ivyo yanka, bizotuzigama.—Zab. 97:10.

16, 17. ‘Ububasha bwacu bwo kwiyumvira’ bushobora kugira ico bukoze gute ku kuntu tumeze?

16 Intumwa Paulo aturemesha gukoresha “ububasha bwa[c]u bwo kwiyumvira” kugira ngo tube abantu babumbabumbwa n’ivyiyumviro vy’Imana, batabumbwabumbwa n’ivyiyumviro vy’isi. (Rom. 12:1, 2) Mu gushimika ku vy’uko dukeneye gucungera neza ivyo twiyumvira, Paulo yavuze ati: “[Tura]tembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana; kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu.” (2 Kor. 10:5) Ivyiyumviro vyacu biragira akosho gakomeye ku kuntu tumeze, akaba ari co gituma dukeneye “[k]ubandanya kwiyumvira” ibintu vyubaka.—Flp. 4:8.

17 Ntidushobora kwitega kuba beranda nimba twiyinjizamwo ivyiyumviro be n’ivyipfuzo bitabereye. Dutegerezwa gukunda Yehova n’ “umutima udahumanye.” (1 Tim. 1:5) Mugabo umutima ni umuhemu, kandi twoshobora mbere kutamenya ukuntu “ibiri mw’isi” biriko biratugirako akosho gakomeye. (Yer. 17:9) Ntidukwiye none ‘kuguma dusuzuma yuko turi mu kwizera, kuguma twerekana ico twebwe ubwacu turi’ mu kwisuzuma ata buryarya dukoresheje ivyo twiga muri Bibiliya?—2 Kor. 13:5.

18, 19. Ni kubera iki dukwiye kwiyemeza kuba abantu bameze nk’uko Yehova yipfuza?

18 Ikindi kintu kidufasha kunanira “ibiri mw’isi” ni uko tuguma twibuka amajambo yahumetswe Yohani yanditse, ayagira ati: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yoh. 2:17) Ivy’iyi si ya Shetani bisa n’ibintu bitari ivy’uruhendo kandi bizokwamaho. Ariko rero, umusi uri izina bizohera. Nta kintu na kimwe isi ya Shetani itanga kizokwamaho. Kwibuka ico kintu bizodufasha kudatwarwa n’ibintu bikwegakwega vyiwe.

19 Intumwa Petero aduhimiriza kuba abantu bashimwa n’Imana uko “[t]urorera kandi [t]wamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova, kubera wo amajuru akazoyagishwa n’ugusha, n’ibintu bikazoshongeshwa n’ugushuha gukaze!” (2 Pet. 3:12) Uwo musi ugiye gushika, kandi Yehova azotikiza ibintu vyose bigize isi ya Shetani. Imbere y’uko ushika, Shetani azobandanya gukoresha “ibiri mw’isi” mu kutugerageza, nk’uko yagerageje Eva na Yezu. Ntidukwiye kumera nka Eva ngo turondere guhaza ivyipfuzo vyacu. Kubigenza gutyo nta ho vyoba bitaniye no kwemera icese ko Shetani ari imana yacu. Turakeneye kumera nka Yezu tukananira ivyo bintu bikwegakwega, naho vyoba bisa n’ibikwegera gute. Ese twese twokwiyemeza kuba abantu bameze nk’uko Yehova yipfuza!