Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Myandagaro 2013

Ntiwigere ‘ugirira ubushangashirwe Yehova’

Ntiwigere ‘ugirira ubushangashirwe Yehova’

“Ubupfu bw’umuntu yakuwe mw’ivu ni bwo bugoramika inzira yiwe, hanyuma umutima wiwe ugashangashirirwa Yehova.”—IMIG. 19:3.

1, 2. Ni kubera iki tudakwiye kwegeka kuri Yehova ingorane zishikira abantu? Tanga akarorero.

TUVUGE yuko uri umugabo amaze imyaka myinshi yubatse kandi ahimbawe. Mugabo umusi umwe utashe, usanze ibintu vyose vyo mu nzu yawe vyasanzaye. Ibikoresho vyo mu nzu nk’intebe n’ibitanda vyavunaguritse, ivyombo vyamenaguritse, itapi yatabaguritse ubutakivayo. Urugo rwawe wikundira rwacitse nk’ahantu hateye icago c’icaduka. Woba woca uvuga n’ishavu n’akantu uti: “Kubera iki umukenyezi wanje yakoze ibi?” Canke vyoshoboka rwose ko ubaza uti: “Ni nde yakoze ibi?” Nta gukeka ko ico kibazo ca kabiri ari co woca wiyumvira. Uti kubera iki? Kubera ko uzi yuko uwo mwubakanye wikundira atoshobora kuba ari we yakoze n’ibigirankana ico kintu c’agahomerabunwa.

2 Muri iki gihe, turibonera ukuntu isi tubako iriko irononekara kubera ugutosekara kw’ibidukikije, ubukazi hamwe n’ubuhumbu. Kubera ko turi abatohoji ba Bibiliya, turazi yuko Yehova atoshobora guteza izo ngorane. Yaremye iyi si kugira ngo ibe Iparadizo ihimbaye. (Ita. 2:8, 15) Yehova ni Imana y’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Gutohoza Ivyanditswe vyaradufashije kumenya ikintu vy’ukuri giteza ingorane nyinshi zo mw’isi. Nta kindi atari Shetani wa Mubesheranyi, we “mutware w’isi.”—Yoh. 14:30; 2 Kor. 4:4.

3. Ivyiyumviro vyacu vyoshobora gute kugorama?

3 Ariko rero, ntidushobora kwegeka kuri Shetani ingorane zose zidushikira. Uti kubera iki? Kubera ko zimwezimwe muri zo ari ingaruka z’amakosa twebwe ubwacu dukora. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4-6.) Naho nyene twoshobora kwemera ukwo kuri, kuba turi abanyagasembwa vyoshobora kugoramika ivyiyumviro vyacu maze bigatuma duca mu nzira amaherezo idushikana ku vyago. (Imig. 14:12) Mu buryo ubuhe? Aho kwegeka ingorane yinaka kuri twebwe canke kuyegeka kuri Shetani, twoshobora gutangura kuyegeka kuri Yehova. Twoshobora mbere ‘kugirira ubushangashirwe Yehova.’—Imig. 19:3.

4, 5. Umukirisu yoshobora gute ‘kugirira ubushangashirwe Yehova’?

 4 Vyoba vy’ukuri vyoshoboka ko ‘tugirira ubushangashirwe Yehova’? Emwe, kubigira nta co vyotumarira! (Yes. 41:11) Hari ico none twokwitega kuhakura? Hari umuryoshamvugo yigeze kuvuga ati: “Ukuboko kwawe ni kugufi cane ku buryo utokubitana ingumu n’Imana.” Ego ni ko, twoshobora kutigera dushika aho twidogera Yehova mu vyo tuvuga. Mugabo mu Migani 19:3 havuga yuko ubupfu bw’umuntu “bugoramika inzira yiwe, hanyuma umutima wiwe ugashangashirirwa Yehova.” Egome, umuntu arashobora kugirira ubushangashirwe Imana mu mutima wiwe. Ivyo vyoshobora kwigaragaza mu buryo butibonekeza. Umuntu yoshobora kugirira inzika Yehova mu buryo bw’ikigereranyo. Ivyo vyoshobora gutuma uwo muntu yiyonkora kw’ishengero canke ntashigikire bimwe bishitse indinganizo zijanye no gusenga Yehova.

5 Ni igiki coshobora gutuma ‘tugirira ubushangashirwe Yehova’? Twokwirinda gute uwo mutego? Birahambaye ko tumenya inyishu z’ivyo bibazo kuko zishobora kugira ico zikoze ku bucuti dufitaniye na Yehova Imana.

NI IGIKI COTUMA ‘TUGIRIRA UBUSHANGASHIRWE YEHOVA’?

6, 7. Ni igiki catumye Abisirayeli bo mu gihe ca Musa batangura kwidodombera Yehova?

6 Ni igiki coshobora gutuma umutima w’umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa utangura kwidodombera Imana yiwe? Nimuze turimbure ibintu bitanu twongere dusuzume uburorero bwo muri Bibiliya bwerekana ukuntu abantu bamwebamwe ba kera baguye muri uwo mutego.—1 Kor. 10:11, 12.

Kwumviriza amakuru aca intege vyoshobora kugira ikintu kibi bidukozeko (Raba ingingo ya 7)

7 Ibintu bica intege abandi bavuga birashobora kugira ico bidukozeko. (Soma Gusubira mu vyagezwe 1:26-28.) Abisirayeli bari bahejeje gukurwa mu buja mu Misiri. Yehova yari yarateje ku gitangaro ivyago cumi iryo hanga ryabahahaza, mu nyuma na ho atikiriza Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura. (Kuv. 12:29-32, 51; 14:29-31; Zab. 136:15) Abasavyi b’Imana bagira binjire mu Gihugu c’isezerano. Yamara, muri ico gihe gihambaye cane, Abisirayeli baciye batangura kwidodombera Yehova. Ni igiki catumye babura ukwizera gutyo? Imitima yabo yarashonze kubera amakuru aca intege yashikirijwe na bamwebamwe mu bari barungitswe gutata ico gihugu. (Guh. 14:1-4) None vyavuyemwo iki? Iyaruka ryose uko ryakabaye ntiryemerewe kwinjira muri ico “gihugu ciza.” (Gus. 1:34, 35) Vyoba vyoshika tukareka ibintu bica intege abandi bavuga bigatuma ukwizera kwacu kugoyagoya bikongera bigatuma twidodomba ku bijanye n’ukuntu Yehova adufata?

8. Ni igiki catumye abasavyi b’Imana bo mu gihe ca Yesaya batangura kwegeka kuri Yehova ingorane bari bafise?

8 Ivyago be n’ingorane vyoshobora kuduca intege. (Soma Yesaya 8:21, 22.) Mu gihe ca Yesaya, ihanga rya Yuda ryarashikiwe n’amagorwa. Bari bakikujwe n’abansi. Hari umukeno w’ibifungurwa. Benshi bari bashonje. N’igihambaye kuruta, hari ikigoyi co mu vy’impwemu. (Am. 8:11) Ariko rero, aho kwitura Yehova kugira abafashe kwihanganira ivyo vyago, baciye batangura ‘guhamagarira akabi’ ku mwami wabo no ku Mana yabo. Egome, ingorane zabo bazegetse kuri Yehova. Igihe dushikiwe n’icago canke ingorane, twoba natwe twovuga mu mutima wacu ngo: ‘Yehova yari hehe igihe namurondera?’

9. Ni kubera iki Abisirayeli bo mu gihe ca Ezekiyeli babona ibintu mu buryo butabereye?

9 Ntitumenya amakuru yose. Kubera ko Abisirayeli bo mu gihe ca Ezekiyeli batari bazi amakuru yose, babona ko inzira ya Yehova ‘idatumbereye.’ (Ezk. 18:29) Ni nk’aho bari bigize abacamanza bacira urubanza Imana, bagafata ingingo mfatirwako zabo zigenga ubutungane bakazishira hejuru y’iza Yehova maze bakamucira urubanza bisunze ugutahura kwabo kwari n’aho kugarukira. Hamwe vyoshika ntidutahure neza inkuru yinaka yo muri Bibiliya canke  ukuntu ibintu biriko biragenda mu buzima bwacu, twoba kumbure twokwiyumvira mu mutima wacu yuko inzira ya Yehova itaroranye, ni ukuvuga ‘idatumbereye’?—Yobu 35:2.

10. Umuntu yoshobora gute gukurikira akarorero kabi ka Adamu?

10 Turamwegekako ibicumuro vyacu n’amakosa yacu. Abantu bagitangura kubaho, Adamu yaregetse ku Mana igicumuro ciwe. (Ita. 3:12) Naho Adamu yarenze itegeko ry’Imana n’ibigirankana kandi azi neza inkurikizi zavyo, yaregetse amakosa kuri Yehova. Ni nk’aho yavuze ko Yehova yari yamuhaye umugore ameze nabi. Kuva ico gihe, abandi bantu barakurikiye akarorero ka Adamu ko kwegeka ku Mana amakosa yabo. Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Ukuvunika umutima n’uguta umutwe kubera amakosa yanje vyoba vyotuma ntabandanya gukenguruka ingingo mfatirwako za Yehova?’

11. Ni icigwa ikihe twokura kuri Yona?

11 Turiyumvira cane ivyacu. Umuhanuzi Yona ntiyakiriye neza ingingo iranga imbabazi Yehova yari yafashe ku bijanye na Ninewe. (Yona 4:1-3) Kubera iki? Biboneka ko yarajwe ishinga cane n’uko yamaramaye igihe ugutikizwa yari yatangaje kutaba. Yona yararetse ukurazwa ishinga n’ukuntu abandi bamubona kurapfukiranya impuhwe izo ari zose yari akwiye kugirira abo Banyaninewe bari bigaye. Twoba natwe twokwiyumvira cane ivyacu ku buryo ‘tugirira ubushangashirwe Yehova’ kubera ko atazanye iherezo n’ingoga? Nimba tumaze imyaka mirongo twamamaza ko umusi wa Yehova uri hafi, twoba twotangura gushavurira Yehova igihe abandi badutyekeje kubera ko twamamaza ivyo Bibiliya ivuga?—2 Pet. 3:3, 4, 9.

UKUNTU TWOKWIRINDA ‘KUGIRIRA UBUSHANGASHIRWE YEHOVA’

12, 13. Nimba mu mutima wacu dutanguye kunegura bimwebimwe mu bikorwa vya Yehova, ni igiki dutegerezwa kudafata minenegwe?

12 Twokora iki igihe umutima wacu w’umucumuzi utanguye kunegura bimwebimwe mu bikorwa vya Yehova? Uribuka yuko kugira ico kintu bitaranga ubukerebutsi. Iyindi Bibiliya ihindura mu Migani 19:3 iti: “Ukutamenya kw’umuntu kudabanganya ibintu vyiwe, agaca ata ibirake kuri Yehova.” (Byington) Dufise ico kintu mu muzirikanyi, nimuze turimbure ibintu bitanu  bizodufasha kutigera tureka ngo ibintu bitesha umutwe vyo mu buzima bitume duta umwikomo kuri Yehova.

13 Ntufate minenegwe ubucuti ufitaniye na Yehova. Turashobora kwirinda impengamiro twebwe abantu b’abanyagasembwa dufise yo kugirira ubushangashirwe Imana mu gihe tugumye dufitaniye na yo ubucuti somambike. (Soma Imigani 3:5, 6.) Turakeneye kwizigira Yehova. Turakeneye kandi kwirinda kuba inkerebutsi mu maso yacu bwite canke kwiyumvira ivyacu gusa. (Imig. 3:7; Umus. 7:16) Bizoshoboka rwose rero yuko tudata umwikomo kuri Yehova ibintu bibi nivyadushikira.

14, 15. Twokora iki kugira ngo ibintu bica intege abandi bavuga ntibigire ico bidukozeko?

14 Ntureke ngo ibintu bica intege abandi bavuga bigire ico bikoze kuri wewe. Abisirayeli bo mu gihe ca Musa bari bafise imvo yumvikana yo kwizigira yuko Yehova yobashikanye mu Gihugu c’isezerano. (Zab. 78:43-53) Mugabo igihe bumva amakuru aca intege yashikirijwe na ba batasi cumi batari abizigirwa, ‘ntibibutse ukuboko kwiwe.’ (Zab. 78:42) Nitwazirikana ku bikorwa vya Yehova, tukibuka ibintu vyiza vyose yadukoreye, tuzokomeza ubucuti dufitaniye na we. Ivyo bizotuma tutareka ngo ivyiyumviro bica intege vy’abandi bidutandukanye na Yehova.—Zab. 77:11, 12.

15 Tuvuge iki mu gihe tubona nabi abo dusangiye ukwemera? Igihe ibintu vyifashe gutyo, ubucuti dufitaniye na Yehova burashobora kwononekara. (1 Yoh 4:20) Igihe Abisirayeli banegura igenwa rya Aroni be n’ikibanza yari afise, Yehova yabonye ko ari we bariko baridodombera. (Guh. 17:10) Muri ubwo buryo nyene, mu gihe twotangura kwidodombera abo Yehova ariko arakoresha mu kuyobora igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe, ni nk’aho twoba turiko turidodombera Yehova.—Heb. 13:7, 17.

16, 17. Dukwiye kwibuka iki igihe turi mu ngorane?

16 Uribuka yuko Yehova atari we aduteza ingorane. Naho Abisirayeli bo mu gihe ca Yesaya bari barataye Yehova, yari acipfuza kubafasha. (Yes. 1:16-19) Naho twoshikirwa n’ingorane iyihe, turashobora guhozwa no kumenya yuko Yehova atwitwararika kandi ko yipfuza kudufasha. (1 Pet. 5:7) Nkako, adusezeranira yuko azoturonsa inkomezi dukeneye kugira ngo tugume twihangana.—1 Kor. 10:13.

17 Nimba turiko turarenganywa mu buryo bunaka, nk’uko nyene vyagendeye wa mugabo w’umwizigirwa Yobu, turakwiye kwibuka ko Yehova atari we ateza ako karenganyo. Yehova aranka akarenganyo, agakunda ubugororotsi. (Zab. 33:5) Nka kumwe kwa wa mugenzi wa Yobu ari we Elihu, ese twokwemera aya majambo agira ati: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!” (Yobu 34:10) Aho kuduteza ingorane, Yehova araduha “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.”—Yak. 1:13, 17.

18, 19. Ni kubera iki tudakwiye kwigera duhinyura Yehova? Tanga akarorero.

18 Ntukigere uhinyura Yehova. Imana iratunganye, kandi ivyiyumviro vyayo biri hejuru cane y’ivyacu. (Yes. 55:8, 9) Ku bw’ivyo, ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto birakwiye kudufasha kwemera yuko ugutahura kwacu kuri n’aho kugarukira. (Rom. 9:20) Ni gake usanga tuzi amakuru yose ku bijanye n’ikintu kanaka. Nta gukeka ko wiboneye yuko uwu mugani ari uw’ukuri, uwo na wo ukaba ugira uti: “Uwutanguye gushikiriza urubanza rwiwe asa n’uwuri mu kuri, gushika uwundi aje akamuhinyuza.”—Imig. 18:17, New International Version.

19 Mu gihe dufise umugenzi twizigira hanyuma agakora ikintu tutoshoka dutahura canke ikintu tubona ko kitabaho, twoba twokwihutira kumwagiriza ikibi? Canke twogira agatima ko kwizigira uwo mugenzi, na canecane mu gihe hoba haciye imyaka myinshi tumuzi? Nimba abagenzi bacu b’abanyagasembwa tubafata muri ubwo buryo buranga urukundo, ese ukuntu dukwiye kurushiriza kugira umutima wo kwizigira  Data wa twese wo mw’ijuru, uwo inzira ziwe n’ivyiyumviro vyiwe biri hejuru cane y’ivyacu!

20, 21. Ni kubera iki bihambaye ko duherereza amakosa kuri nyeneyo?

20 Nuherereze amakosa kuri nyeneyo. Ni kubera iki dukwiye kubigenza gutyo? Ni kubera ko zimwezimwe mu ngorane zidushikira twoshobora kuba ari twe tuziteza. Nimba ari ukwo biri, turakeneye kwemanga ico kintu. (Gal. 6:7) Ntugerageze kwegeka izo ngorane kuri Yehova. Kubera iki ivyo bitoba vyumvikana? Rimbura aka karorero: Umuduga woshobora kuba ushoboye kugendera ku muvuduko munini cane. Dufate ko umushoferi anyarutse cane akarenza urugero rusabwa n’amategeko igihe ariko arakata mw’ikorosi rigoye maze akagira isanganya. None umuntu yoca yegeka iryo sanganya ku wakoze uwo muduga? Oya nawe nu! Muri ubwo buryo nyene, Yehova yaturemanye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Mugabo kandi yaraduhaye ubuyobozi bujanye n’ukuntu twofata ingingo ziranga ubukerebutsi. Kubera iki none twokwegeka ku Muremyi wacu amakosa yacu bwite?

21 Ego ni ko, ingorane zose zidushikira ntiziva ku makosa twebwe ubwacu dukora. Ibintu bimwebimwe bidushikira biterwa n’ “ibihe be n’ibishika giturumbuka.” (Umus. 9:11) Ariko rero igihambaye kuruta vyose, nimuze ntitwigere twibagira yuko Shetani wa Mubesheranyi ari we ahanini atuma haba ubukozi bw’ikibi. (1 Yoh. 5:19; Ivyah. 12:9) Ni we mwansi, si Yehova!—1 Pet. 5:8.

NUBUMBATIRE UBUCUTI BW’AGACIRO UFITANIYE NA YEHOVA

Yosuwa na Kalebu barahezagiwe kubera bizigiye Yehova (Raba ingingo ya 22)

22, 23. Dukwiye kwibuka iki mu gihe ducitse intege kubera ingorane turimwo?

22 Igihe uriko urashikirwa n’ivyago be n’ingorane, uribuka akarorero ka Yosuwa na Kalebu. Mu buryo butandukanye na ba batasi cumi bandi, abo bagabo babiri b’abizigirwa bazanye amakuru aremesha. (Guh. 14:6-9) Barizeye Yehova. Naho vyari ukwo, babwirijwe kumara imyaka 40 bayerera mu gahinga bari kumwe n’abandi Bisirayeli. None Yosuwa na Kalebu boba baridoze canke barashavuye, biyumvira ko ako kari akarenganyo? Oya. Barizigiye Yehova. Boba barahezagiwe? Cane nyene! Mu gihe iryo yaruka ryose uko ryakabaye ryapfiriye muri ako gahinga, abo bagabo babiri bobo amaherezo barinjiye mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 14:30) Muri ubwo buryo nyene, Yehova azoduhezagira “nitutadebukirwa” mu gukora ivyo agomba.—Gal. 6:9; Heb. 6:10.

23 Mu gihe ucitse intege kubera ingorane, utunenge tw’abandi canke utunenge twawe bwite, ukwiye gukora iki? Nuzirikane kuri kamere nziza igitangaza za Yehova. Nuse nk’uwubona mu bwenge icizigiro Yehova yaguhaye. Niwibaze uti: ‘Iyo ntamenya Yehova ubu mba ndi hehe?’ Nugume umwiyegereje, kandi ntiwigere ureka ngo umutima wawe umugirire ubushangashirwe.