Zaburi 36:1-12
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi, umusavyi wa Yehova.
36 Igicumuro ni co civugira mu mutima w’umubisha.Nta gutinya Imana kuri muri we*+.
2 Kuko aguma yihuma amasoku buryo atabona ikosa ryiwe ngo aryanke+.
3 Amajambo ava mu kanwa kiwe ni ibinyoma gusa bibabaza.Nta bwenge* afise bwo gukora iciza.
4 Aguma ategura imigambi mibi no mu gitanda ciwe.
Ari mu nzira mbi,kandi ntaheba ikibi.
5 Ewe Yehova, urukundo* rwawe rushika kw’ijuru+,ubwizigirwa bwawe bugashika ku bicu.
6 Ubugororotsi bwawe bumeze nk’imisozi mininiminini*+.Imanza zawe zimeze nk’amazi menshi y’ibenga rirerire+.
Ewe Yehova, ni wewe uzigama* abantu n’ibikoko+.
7 Ewe Mana, ese ukuntu urukundo* rwawe ari urw’agaciro+!
Mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.
8 Binywera ibintu biryoshe cane* vyo mu nzu yawe+,ukabanywesha ku vyiza vyawe bitemba nk’uruzi+.
9 Ni wewe soko ry’ubuzima+.Umuco wawe ni wo utuma tubona umuco+.
10 Bandanya kwereka urukundo* rwawe abakuzi+,wereke ubutungane bwawe abafise umutima ugororotse+.
11 Ntureke ngo ikirenge c’abibona kimponyange,canke ngo ukuboko kw’ababisha kunyirukane.
12 Aho ni ho inkozi z’ikibi zaguye.Zaratembagaye kandi ntizishobora kuvyuka+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuri imbere y’amaso yiwe.»
^ Canke «nta gutahura kwimbitse.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urokora.»
^ Canke «bumeze nk’imisozi y’Imana.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ikinure.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»