Zaburi 36:1-12

  • Agaciro k’urukundo rw’Imana

    • Ababisha ntibatinya Imana (1)

    • Imana ni yo soko ry’ubuzima (9)

    • «Umuco wawe ni wo utuma tubona umuco» (9)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi, umusavyi wa Yehova. 36  Igicumuro ni co civugira mu mutima w’umubisha.Nta gutinya Imana kuri muri we*+.   Kuko aguma yihuma amasoku buryo atabona ikosa ryiwe ngo aryanke+.   Amajambo ava mu kanwa kiwe ni ibinyoma gusa bibabaza.Nta bwenge* afise bwo gukora iciza.   Aguma ategura imigambi mibi no mu gitanda ciwe. Ari mu nzira mbi,kandi ntaheba ikibi.   Ewe Yehova, urukundo* rwawe rushika kw’ijuru+,ubwizigirwa bwawe bugashika ku bicu.   Ubugororotsi bwawe bumeze nk’imisozi mininiminini*+.Imanza zawe zimeze nk’amazi menshi y’ibenga rirerire+. Ewe Yehova, ni wewe uzigama* abantu n’ibikoko+.   Ewe Mana, ese ukuntu urukundo* rwawe ari urw’agaciro+! Mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.   Binywera ibintu biryoshe cane* vyo mu nzu yawe+,ukabanywesha ku vyiza vyawe bitemba nk’uruzi+.   Ni wewe soko ry’ubuzima+.Umuco wawe ni wo utuma tubona umuco+. 10  Bandanya kwereka urukundo* rwawe abakuzi+,wereke ubutungane bwawe abafise umutima ugororotse+. 11  Ntureke ngo ikirenge c’abibona kimponyange,canke ngo ukuboko kw’ababisha kunyirukane. 12  Aho ni ho inkozi z’ikibi zaguye.Zaratembagaye kandi ntizishobora kuvyuka+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «kuri imbere y’amaso yiwe.»
Canke «nta gutahura kwimbitse.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urokora.»
Canke «bumeze nk’imisozi y’Imana.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «ikinure.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»