Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha

Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha

WOBA uri umukirisu? Nimba uri we, uri umwe mu bantu barenga imiliyaridi zibiri bavuga ko ari abakirisu. Nkako hafi umuntu 1 kuri 3 avuga ko ari umukirisu. Muri iki gihe hari amadini menshi y’abitwa abakirisu, mugabo usanga ayo madini atemera bimwe. Ivyo wemera bishobora kuba bitandukanye n’ivyo abandi bakirisu bemera. None hari ico bitwaye? Biragitwaye nyene nimba wipfuza kuba umukirisu ameze nk’uko Bibiliya imusigura.

Abayoboke ba mbere ba Yezu Kristu biswe “abakirisu.” (Ivyakozwe 11:26) Ico gihe ntivyari bikenewe ko bitwa ayandi mazina kubera ko hari umugwi umwe gusa w’abakirisu. Bose barakurikiza inyigisho n’amategeko vy’uwatanguje ubukirisu ari we Yezu Kristu. Idini urimwo ryo bite? Woba ubona ko ryigisha ivyo Kristu yigishije be n’ivyo abayoboke biwe ba mbere bemera? Wovyemezwa n’iki? Icogukura amazinda ni ugusuzuma ivyo ryigisha wisunze Bibiliya.

Zirikana iki kintu: Yezu Kristu yarubaha cane Ivyanditswe vyeranda akabona ko ari Ijambo ry’Imana. Ntiyashigikira abajoborora inyigisho za Bibiliya mu gushira imbere imigenzo y’abantu. (Mariko 7:9-13) Birumvikana rero ko inyigisho z’abayoboke b’ukuri ba Yezu zitegerezwa kuba zishingiye kuri Bibiliya. Umukirisu wese akwiye rero kwibaza ati: ‘Ivyo bigisha mw’idini nsengamwo vyoba bihuje na Bibiliya?’ Kugira wishure ico kibazo, ubona gute ugereranije ivyo idini ryawe ryigisha n’ivyo Bibiliya yigisha?

Yezu yavuze ko dukwiye gusenga Imana mu kuri, ukwo kuri tukaba tugusanga muri Bibiliya. (Yohani 4:24; 17:17) Intumwa Paulo na we yavuze ko kugira tuzorokoke bisaba ko turonka “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Birahambaye rero ko ivyo twemera biba bishingiye ku kuri kutagiramwo amakosa kwo muri Bibiliya. Ahandiho ntitworokoka.

INGENE WOGERERANYA IVYO WEMERA N’IVYO BIBILIYA YIGISHA

Aho hepfo hari uruzitiro rurimwo ibibazo bitandatu. Tukuremesheje kubisoma no kuraba ico Bibiliya ibivugako. Nusome imirongo yo muri Bibiliya yatanzwe, uzirikane no ku nyishu z’ivyo bibazo. Uce wibaza uti: ‘Ivyo batwigisha mw’idini nsengamwo vyoba bihuye na Bibiliya?’

Kugereranya ivyo idini urimwo ryigisha n’ivyo Bibiliya yigisha vyokugirira akamaro kanini cane. Woba witeguriye kubigira? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha gutohoza ukuri gutomoye Bibiliya yigisha. Ubona gute usavye umwe muri bo ngo agufashe kwiga Bibiliya ku buntu? Urashobora no kubisaba uciye ku rubuga rwabo jw.org.