ICIGWA CA 5
Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
1. Kubera iki Imana yaremye isi?
Yehova yaremye isi kugira ngo ibeko abantu. Kw’isi ni ho twagenewe kuba. Ku bw’ivyo, umugabo n’umugore ba mbere, ari bo Adamu na Eva, ntibaremwe ngo babe mw’ijuru, kanatsinda Imana yari imaze kurema abamarayika kugira ngo babe ari bo babayo. (Yobu 38:4, 7) Rero, Imana yashize umuntu wa mbere mw’Iparadizo nziza cane yitwa umurima wa Edeni. (Itanguriro 2:15-17) Yehova yahaye uwo muntu be n’uruvyaro rwomukomotseko icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera.—Soma Zaburi 37:29; 115:16.
Mu ntango, umurima wa Edeni ni wo gusa wari Iparadizo. Umugabo n’umugore ba mbere bari kwuzuza isi uruvyaro rwabo. Uko hociye igihe, bogiye buhorobuhoro baragura iyo Paradizo igakwira isi yose. (Itanguriro 1:28) Isi ntizokwigera ikurwaho. Izokwama ibako abantu.—Soma Zaburi 104:5.
Raba ividewo Kubera iki Imana yaremye isi?
2. Kubera iki ubu isi atari Iparadizo?
Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Yehova Imana, yaciye abirukana muri uwo murima. Iparadizo yaratakaye, kandi nta muntu n’umwe yashoboye kuyigarukana. Bibiliya ivuga iti: “Isi yatanzwe mu kuboko kw’umubisha.”—Yobu 9:24.—Soma Itanguriro 3:23, 24.
None Yehova yoba yarahevye umugambi yari afitiye abantu mu ntango? Habe namba! Ni Mushoboravyose. Ntashobora kunanirwa. (Yesaya 45:18) Azotuma umuryango w’abantu usubira kumera nk’uko yashaka ko umera.—Soma Zaburi 37:11, 34.
3. Iparadizo izogarukanwa gute?
Iparadizo izogarukanwa kw’isi ighe Yezu azoba aganza ari Umwami yagenywe n’Imana. Ku ntambara yitwa Harumagedoni, Yezu azoyobora abamarayika b’Imana maze bahonye Ivyahishuwe 20:1-3; 21:3, 4.
abantu bose barwanya Imana. Yezu azoboha Shetani imyaka 1.000. Abasavyi b’Imana bazorokoka kubera ko Yezu azobayobora akongera akabakingira. Bazokwiberaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.—Soma4. Imibabaro izohera ryari?
Imana izokura ububi kw’isi ryari? Yezu yaratanze “ikimenyetso” cokwerekanye ko iherezo riri hafi. Uko ibintu vyifashe kw’isi muri iki gihe birageramiye ubuzima bw’abantu kandi birerekana ko ubu tubayeho mu gihe c’ “insozero y’ivy’isi.”—Soma Matayo 24:3, 7-14, 21, 22.
Ku ngoma ya Yezu y’imyaka 1.000, aho azoba ategeka isi ari mw’ijuru, azokuraho imibabaro yose. (Yesaya 9:6, 7; 11:9) Uretse ko Yezu ari Umwami, azokora kandi nk’Umuherezi Mukuru maze ahanagure ibicumuro vy’abantu bakunda Imana. Gutyo, Imana ibicishije kuri Yezu, izokuraho indwara, ubusaza n’urupfu.—Soma Yesaya 25:8; 33:24.
5. Ni bande bazoba mw’Iparadizo igiye kuza?
Ku Ngoro y’Ubwami, uzohasanga abantu bakunda Imana kandi bipfuza kwiga ingene boyihimbara
Abantu bagamburukira Imana bazoba mw’Iparadizo. (1 Yohani 2:17) Yezu yararungitse abayoboke biwe kurondera abantu batekereza no kubigisha ivyo bokora kugira ngo bemerwe n’Imana. Muri iki gihe, Yehova ariko arategura abantu amamiliyoni kugira ngo bazobe mw’Iparadizo igiye kuza kw’isi. (Zefaniya 2:3) Ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova abantu barahigira kuba abanega na ba sebibondo beza kuruta, be no kuba abakenyezi na ba inabibondo beza kuruta. Abana n’abavyeyi barasengera hamwe bakongera bakigira hamwe ukuntu bokwungukira kuri iyo nkuru nziza.—Soma Mika 4:1-4.