Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Munyonyo 2013

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni bande bazoja mw’ijuru, kandi kubera iki?

Abantu amamiliyoni baripfuza kuja mw’ijuru. Yezu yavuze yuko intumwa ziwe z’intahemuka zogiye kubayo. Imbere y’uko Yezu apfa, yabasezeraniye kubategurira ikibanza mw’ijuru kwa Se wiwe.Soma Yohani 14:2.

Ni kubera iki hari abantu bazozurwa bakaja kuba mw’ijuru? Bazojayo gukora iki? Yezu yabwiye intumwa ziwe yuko zobaye abami. Abazoja mw’ijuru bazoganza isi.Soma Luka 22:28-30; Ivyahishuwe 5:10.

Abeza bose boba bazoja mw’ijuru?

Mu bihugu bitari bike, abatwara usanga ari bake ubagereranije n’abatwarwa. Kubera ko Yezu azura abaja mw’ijuru kugira ngo baganze isi, dukwiye kwitega ko abo bantu batorwa baba bake. (Luka 12:32) Bibiliya iratomora igitigiri c’abo bantu bazofadikanya na Yezu kuganza.Soma Ivyahishuwe 14:1.

Yezu yarateguriye abayoboke biwe bamwebamwe ibibanza mw’ijuru. Woba uzi ico bazoja gukorayo?

Abazoja mw’ijuru si bo bonyene bahabwa impera. Abatwarwa b’intahemuka b’Ubwami bwa Yezu bazobaho ibihe bidahera mw’isi izoba yasubiye kuba Iparadizo. (Yohani 3:16) Mu bazoba muri iyo Paradizo harimwo abazoba barokotse isangangurwa ry’ivy’iyi si mbi. Abandi bazoyibamwo ni abazoba bazutse.Soma Zaburi 37:29; Yohani 5:28, 29.

Raba n'ibindi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu benshi barazi rya sengesho rya Dawe wa twese. Imvugo ngo “Ubwami bwawe nibuze” isobanura iki?