Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI No. 4 2016

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Igituma Bibiliya yarokotse

Igituma Bibiliya yarokotse

Bibiliya yararokotse. Ni co gituma ushobora kuyironka ukayisoma. Iyo rero uhisemwo iyahinduwe neza, uyisoma ata makenga ufise y’uko igisomwa cayo gihuje n’ico mu ntango. * Nk’uko twabibonye, Bibiliya yarashobora kubora, yararwanijwe cane kandi hari abagerageje kuyigoreka. Ariko yararokotse, kandi kenshi irokoka mu buryo butangaje cane. Wibaza ko ari kubera iki? Ico gitabu gitandukaniye he n’ibindi?

“Ubu ndazi neza ko Bibiliya mfise ari ingabire y’Imana”

Abantu benshi biga Bibiliya barashitse ku ciyumviro intumwa Paulo yashitseko, uwanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Babona yuko yarokotse kubera ko ari yo itekeye ijambo ry’Imana no kubera ko Imana ari yo yayizigamye gushika uno musi. Faizal, umwe twavuga mu kiganiro ca mbere, yahavuye afata ingingo yo kuvyitohoreza mu kwiga Bibiliya. Ivyo yabonye vyaramutangaje. Ntiyatevye kumenya ko nyinshi mu nyigisho zo mu madini y’abiyita abakirisu zidahuye n’izo muri Bibiliya. Yarakozwe ku mutima kandi n’umugambi Imana ifitiye isi uvugwa muri Bibiliya.

Avuga ati: “Ubu ndazi neza ko Bibiliya mfise ari ingabire y’Imana. Nakare, nimba Imana yarashoboye kurema ibiriho vyose, kuduha igitabu cayo no kukituzigamira ni vyo vyoyinanira? Kutavyemera ni nko kuvuga yuko ububasha bwa Mushoboravyose buri n’aho bugarukira! None jewe ndi iki aho nokwiyumvira ko ububasha bw’Imana bufise akarimbi?”Yesaya 40:8.

^ ing. 3 Raba ikiganiro kivuga ngo “Wohitamwo gute impinduro nziza ya Bibiliya?” mu nomero y’iki kinyamakuru yo ku wa 1 Rusama 2008.

Raba n'ibindi

UMUNARA W’INDERETSI

Kubera iki wotahura Bibiliya?

Abantu benshi barubaha ico gitabu ceranda ariko ntibazi ko cobagirira akamaro.