Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 4 2016

Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?

Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?

Wewe canke uwawe mwoba mumaze kugirirwa nabi? Woba ufise ubwoba yuko bizogushikira? Bivugwa ko ubukozi bw’ikibi ari “ingorane iguma irushiriza kugeramira amagara y’abantu kw’isi yose.” Reka dufate uburorero bukeyi.

AMABI YO MU NGO N’AMABI AFATIYE KU GITSINA: Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko “umugore umwe mu bagore batatu bimaze gushika akagirirwa nabi ku mubiri canke mu vy’igitsina abikorewe n’uwo babana canke uwo bakundanye.” Birababaje kubona “bagereranya ko umugore umwe muri batanu bizoshika agafatwa ku nguvu canke bakagerageza kumufata ku nguvu.”

UBUKOZI BW’IKIBI BUKORERWA MU MABARABARA: Bivugwa ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hari imigwi y’inkozi z’ikibi irenga 30.000. Muri Amerika y’Epfo, umuntu 1 kuri 3 avuga ko amaze kugirirwa nabi n’inkozi z’ikibi.

UBWICANYI: Mu mwaka umwe wa vuba, abantu hafi 500.000 baragandaguwe, bakaba baruta abahitanywe n’intambara. Muri Afrika yo mu bumanuko no muri Amerika yo Hagati ni ho hishwe abantu benshi cane, urugero rw’abishwe muri utwo turere rukaba ruruta incuro zine urugero rw’abishwe kw’isi yose. Mu mwaka umwe gusa, abantu barenga 100.000 baragandaguwe muri Amerika yo Hagati n’iy’Epfo, muri Brezile honyene hagandagurwa nka 50.000. Ubukozi bw’ikibi bwoba bushobora gutorerwa umuti ruhasha?

HARI ICOHAGARIKA UBUKOZI BW’IKIBI?

Kubera iki none ubukozi bw’ikibi bwabaye ndanse? Hari imvo nyinshi. Zimwezimwe ni izi: ishavu abantu bafise kubera ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi no mu vy’imibano, kudaha agaciro ubuzima bwa kiremwa muntu, inzoga n’ibiyayuramutwe, kuba abana babona ubukozi bw’ikibi bugirwa n’abakuze, no kudahana inkozi z’ikibi.

Nta wohakana ko mu mihingo imwimwe bagerageje kurwanya ubukozi bw’ikibi. Nko mu gisagara kigwiriyemwo abantu ca São Paulo muri Brezile, bivugwa ko ubwicanyi bwagabanutse ku rugero rw’ibice nka 80 kw’ijana mu myaka cumi iheze. Naho ari ukwo, ubukozi bw’ikibi bw’ubwoko bwose buracagisibije. Nk’akarorero mu bantu 100.000 abashika 10 baragandagurwa. Bisaba iki none kugira ngo ubukozi bw’ikibi butuzwe ubutakigaruka?

Umuti ruhasha w’iyo ngorane usaba ko abantu bahindura umutima n’ingeso. Kugira abantu b’inkozi z’ikibi bahinduke, bisaba ko baheba ubwibone, umwina, ubwikunzi n’izindi ngeso, bakiga gukunda abandi, kububaha no kubitwararika.

Ni ibiki vyotuma umuntu agira amahinduka akomeye nk’ayo? Raba ivyo Bibiliya ivuga:

  • “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.”1 Yohani 5:3.

  • “Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi.” *Imigani 8:13.

Gukunda Imana no gutinya gukora ivyoyibabaza  ni ibintu bikomeye cane bishobora gutuma n’abantu b’inkozi z’ikibi bahinduka, atari uguheba utugeso tumwetumwe gusa ahubwo bagahinduka rwose. Uti ivyo birashoboka?

Iyumvire nk’akarorero ivyashikiye Alex, * uwumaze imyaka 19 mw’ibohero ryo muri Brezile kubera amabi menshi yakoreye abantu. Yarize Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze mu 2000 arabatizwa. Yoba vy’ukuri yarahevye ubukozi bw’ikibi? Ego, kandi aricuza cane ku mabi yose yakoze. Avuga ati: “Ndakunda Yehova kubera nzi neza ko yampariye vy’ukuri. Kuba ndamukunda ngakenguruka n’ivyo yankoreye vyatumye mpinduka.”

César na we nyene wo muri Brezile, yari rusenyanzugi akongera akibisha inkoho. Ivyo yabikoze imyaka nka 15. Ni igiki catumye ahinduka? Igihe yari mw’ibohero, na we nyene yarayaze n’Ivyabona vya Yehova ariga Bibiliya. César atuyagira ati: “Naratanguye kugira ubuzima bufise intumbero. Narize gukunda Yehova Imana no kumutinya, ni ukuvuga gutinya gusubira gukora ibintu bibi vyomubabaza. Nashaka kwerekana ko nkenguruka ubuntu yangiriye. Kuba ndamukunda nkongera nkamutinya ni vyo vyatumye mpinduka.”

Menya ico wokora ngo uzobe mw’isi itarangwamwo ubukozi bw’ikibi

None izo nkuru zitwigisha iki? Zitwigisha ko Bibiliya ifise ububasha bwo guhindura ivyiyumviro vy’abantu maze ubuzima bwabo bugahinduka rwose. (Abanyefeso 4:23) Alex yongerako ati: “Ivyo niga muri Bibiliya vyari nk’amazi meza yaguma ansesekako, akagenda arampumanura ankuramwo ivyiyumviro bibi. Sinigeze niyumvira ko vyopfuye vyaramvuyemwo.” Iyo dushize mu muzirikanyi wacu ubutumwa butyoroye bwo muri Bibiliya, burashobora kutwoza bukadukuramwo ibintu bibi. Ijambo ry’Imana rirafise ububasha bwo kutwoza. (Abanyefeso 5:26) Ivyo bituma abantu b’inkazi kandi b’abikunzi bashobora guhinduka, bakaba abantu b’umutima mwiza kandi b’abanyamahoro. (Abaroma 12:18) Gukurikiza impanuro Bibiliya itanga bituma bagira amahoro mu buzima.Yesaya 48:18.

Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni umunani bo mu bihugu 240 barabonye icotuma ubukozi bw’ikibi buvaho. Naho bava mu bwoko butandukanye, bakagira ubuzima butandukanye, bakaba baraciye no mu bintu bitandukanye, barize gukunda Imana no kuyitinya no gukunda bagenzi babo, kandi babanye mu mahoro ari umuryango ukwiye kw’isi yose. (1 Petero 4:8) Ico ni icemeza ko abantu bashobora kubaho mu mahoro ata bukozi bw’ikibi.

UBUKOZI BW’IKIBI BUGIYE GUKURWAHO

Bibiliya idusezeranira ko vuba Imana igiye gukuraho ubukozi bw’ikibi. “Umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana” urarindiriye inkozi z’ikibi. (2 Petero 3:5-7) Ntibazosubira kugirira nabi abandi. Ni igiki kitwemeza ko Imana ishaka guhagurukira ubukozi bw’ikibi?

Bibiliya ivuga yuko Imana ‘yanka uwo wese akunda ubukazi.’ (Zaburi 11:5) Umuremyi wacu arakunda amahoro n’ubutungane. (Zaburi 33:5; 37:28) Ni co gituma adashobora kuguma yihanganiye inkozi z’ikibi.

Vyemere, isi nshasha irangwa amahoro igiye kuza. (Zaburi 37:11; 72:14) Ubona gute urondeye kumenya ico wokora ngo uzobe muri iyo si itazoba irangwamwo ubukozi bw’ikibi?

^ ing. 12 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

^ ing. 14 Si ko basanzwe bitwa.

Raba n'ibindi

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Amahoro azoza kw’isi gute?

Numenye ukuntu Imana yasezeranye kuzana amahoro kw’isi biciye ku Bwami bwayo.

BE MASO!

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ubugizi bwa nabi?

Imana ibona gute abantu b’inkazi? Boba bashobora guhinduka?