Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”

“Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa”

“Nimugende . . . muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza . . . , mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”​—MAT. 28:19, 20.

INDIRIMBO: 141, 97

1, 2. Ivyo Yezu yavuze muri Matayo 24:14 bituma havyuka ibibazo ibihe?

ABANTU bamwe baremera ivyo tubabwira abandi bakaturwanya bivuye inyuma. Ariko rero, ni bake bohakana ko ikintu nyamukuru kiranga Ivyabona vya Yehova ari igikorwa cabo co kwamamaza. Ushobora mbere kuba umaze guhura n’abantu mu ndimiro bavuga ko batwubahira ico gikorwa turangura, naho batemera inyigisho zacu. Nk’uko tubizi, Yezu yaravuze yuko inkuru nziza y’Ubwami yokwamamajwe mw’isi yose. (Mat. 24:14) Ariko none twemezwa n’iki ko igikorwa turangura kiriko kirashitsa ivyo Yezu yavuze? Ubwo ntikwoba ari ukwiyemera tuvuze ko ari twebwe turiko turarangura ico gikorwa?

2 Amadini menshi avuga ko akwiragiza Injili, ari yo nkuru nziza. Ariko rero, akenshi usanga ata kindi bakora uretse gusoma imisa, gushinga intahe umwumwe ku giti ciwe, canke gucisha ibiganiro ku maradiyo, ku mboneshakure canke kuri internet. Abandi na bo bashira imbere ivyo gufasha abagowe, gufasha mu vy’ubuvuzi no mu vy’amashure. Ivyo none bihuriye he n’ivyo Yezu yategetse abigishwa biwe gukora?

3. Ni ibintu bine ibihe bivugwa muri Matayo 28:19, 20 abayoboke ba Yezu bakwiye gukora?

3 None abigishwa ba Yezu bari kwiraramira, bakarindira yuko abantu babasanga aho bari? Habe namba! Yezu amaze kuzuka, yabwiye abigishwa biwe amajana n’amajana ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza . . . , mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Mat. 28:19, 20) Ico gikorwa rero kirimwo ibintu bine. Tubwirizwa guhindura abantu abigishwa, kubabatiza no kubigisha. Ariko none ikiza imbere y’ivyo bitatu ni ikihe? Yezu yavuze ati: “Nimugende”! Ku bijanye n’ico kintu, umuhinga umwe mu vya Bibiliya yavuze ati: “Ukwo ‘kugenda’ ni igisabwa ku wemera wese, kwaba ari uguca mu mabarabara canke mu mazi.”​—Mat. 10:7; Luka 10:3.

4. Gucika “abarovyi b’abantu” vyosavye iki?

4 Yezu yoba yariko avuga gusa akigoro umwe wese mu bayoboke biwe yogize, canke yashaka kuvuga isekeza ryo kwamamaza inkuru nziza ritunganijwe neza? Kubera ko umuntu umwe atoshoboye kuja “mu mahanga yose,” ico gikorwa cosavye ko abantu benshi bashira inguvu hamwe. Ivyo nyene ni vyo Yezu yashaka kuvuga igihe yabwira abigishwa biwe ko yobagize “abarovyi b’abantu.” (Soma Matayo 4:18-22.) Aho Yezu ntiyariko avuga igikorwa c’umurovyi umwe ashira icambo kw’igera, maze agaca yiraramira akarindira ko ifi iza. Ahubwo yariko avuga ivyo kurobesha insenga, kikaba ari igikorwa kigoye, rimwe na rimwe gisaba ko abantu benshi bashira inguvu hamwe.​—Luka 5:1-11.

5. Ni ibibazo bine ibihe dukeneye kuronkera inyishu, kandi kubera iki?

5 Kugira ngo tumenye abariko baravuga inkuru nziza muri iki gihe mu buryo buhuye n’ivyo Yezu yavuze, turakeneye inyishu z’ibibazo bine bikurikira:

  • Ni ubutumwa ubuhe abayoboke ba Yezu bakwiye kwamamaza?

  • Ni imvo iyihe ikwiye gutuma bakora ico gikorwa?

  • Ni uburyo ubuhe bakwiye gukoresha?

  • Ico gikorwa bakwiye kugikora gushika hehe kandi gushika ryari?

Inyishu z’ivyo bibazo ntizidufasha gusa kumenya abariko barakora ico gikorwa kirokora ubuzima, mugabo kandi ziratuma tubandanya ico gikorwa tudahemuka.​—1 Tim. 4:16.

UBUTUMWA BUKWIYE KWAMAMAZWA

6. Wemezwa n’iki yuko Ivyabona vya Yehova bamamaza ubutumwa nyabwo?

6 Soma Luka 4:43. Yezu yamamaza “inkuru nziza y’ubwami,” kandi yiteze ko n’abigishwa biwe babigenza gutyo nyene. None ni bande bariko baramamaza ubwo butumwa mu “mahanga yose”? Akuzuye ntikamurikwa: Ni Ivyabona vya Yehova gusa. Mbere n’abaturwanya baravyemera. Nk’akarorero, umupadiri umwe w’umumisiyonari yarigeze kubwira Icabona umwe yuko yabaye mu bihugu bitandukanye, kandi ko yagiye arabaza Ivyabona bo muri ivyo bihugu ubutumwa bamamaza ubwo ari bwo. None bamwishuye gute? Uwo mupadiri yavuze ati: “Bose nasanze ari ibipfu kuko umwe wese yishuye ko yamamaza ‘Inkuru nziza y’Ubwami.’” Ariko rero ivyo Vyabona ntibari ibipfu namba kuko bavuze rumwe, kandi abakirisu b’ukuri ni ko bakwiye kumera. (1 Kor. 1:10) Ahubwo riho barahuje n’ubutumwa bushikirizwa mu Munara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova. Iki kinyamakuru kirasohorwa mu ndimi 254, kandi kuri buri nomero hacapurwa amakopi hafi imiliyoni 59. Ivyo bituma kiba co kinyamakuru gishikirizwa gusumba ibindi vyose kw’isi.

7. Tubwirwa n’iki ko indongozi z’amadini zitariko ziramamaza ubutumwa nyabwo?

7 Indongozi z’amadini ntizamamaza Ubwami bw’Imana. N’iyo bishitse bakavuga Ubwami, benshi basigura ko ari ikintu kiri mu mutima w’umuntu. (Luka 17:21) Ntibafasha abantu gutahura ko Ubwami bw’Imana ari intwaro yo mw’ijuru irongowe na Yezu Kristu, ko ari bwo muti w’ingorane zose zihanze abantu be n’uko vuba bugiye gukuraho ububisha bwose kw’isi. (Ivyah. 19:11-21) Ahubwo riho, usanga ahanini bibuka Yezu kuri Noweli no kuri Pasika. Bisa n’uko ata co bazi ku bijanye n’ivyo uwo Mutegetsi mushasha w’isi azorangura. Nimba batazi ubutumwa bategerezwa kwamamaza, wumva none bomenya gute imvo ikwiye gutuma bakora ico gikorwa?

IMVO IKWIYE GUTUMA TWAMAMAZA

8. Abavuga inkuru nziza bakwiye kwirinda kubigira bafise imvo iyihe?

8 Ni imvo iyihe ikwiye gutuma abakirisu bamamaza? Ntikwiye kuba iyo gutoza amahera kugira bubake inyubakwa zihanitse. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Mat. 10:8) Ijambo ry’Imana ntirikwiye gucuruzwa. (2 Kor. 2:17) Abavuga inkuru nziza ntibakwiye kubikora barondera inyungu zabo bwite. (Soma Ivyakozwe 20:33-35.) Naho ubuyobozi Yezu yatanze butomoye, amadini menshi arabuca ku ruhande agatoza amahera canke agakora ibintu biyinjiriza inoti. Abwirizwa guhemba indongozi zayo, hamwe n’abandi bakozi bayo indiri. Akenshi usanga indongozi z’amadini zararundanije ubutunzi.​—Ivyah. 17:4, 5.

9. Ivyabona vya Yehova berekana gute ko bamamaza babitumwe n’imvo ibereye?

9 None Ivyabona vya Yehova boba batoza amahera? Igikorwa barangura gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. (2 Kor. 9:7) Nta mahera batoza mu Ngoro zabo z’Ubwami canke ku mahwaniro bagira. Yamara mu mwaka uheze honyene, Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha hafi imiliyaridi zibiri bamamaza inkuru nziza, bongera barigisha Bibiliya ku buntu abantu barenga imiliyoni icenda buri kwezi. Igitangaje, aho guhemberwa igikorwa barangura, n’ayakoreshwa muri ico gikorwa ni bo bayatanga kandi banezerewe. Igihe umuhinga umwe yariko aravuga ibijanye n’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, yagize ati: “Intumbero nyamukuru ni ukwamamaza no kwigisha. . . . Kubera ata bitwa abakuru bahari, bica bigabanya cane amahera akoreshwa.” None imvo ituma dukora ico gikorwa ni iyihe? Muri make, urukundo dukunda Yehova na bagenzi bacu ni rwo rutuma turangura ico gikorwa tubikunze. Uwo mutima ukunze dufise urahuje n’ibivugwa muri Zaburi 110:3. (Soma.)

UBURYO BUKWIYE GUKORESHWA

Turabwira inkuru nziza abantu aho bari hose (Raba ingingo ya 10)

10. Ni uburyo ubuhe Yezu n’abigishwa biwe bakoresheje mu kwamamaza?

10 Ni uburyo ubuhe Yezu n’abigishwa biwe bakoresheje mu kwamamaza inkuru nziza? Basanga abantu aho baba bari hose, haba mu bibanza abantu bahuriramwo ari benshi canke mu mihana yabo. Baraja no ku nzu n’inzu kurondera ababereye. (Mat. 10:11; Luka 8:1; Ivyak. 5:42; 20:20) Ivyo vyerekana ko batagira nkunzi.

11, 12. Gereranya ivyo abitwa abakirisu bakora be n’ivyo abasavyi ba Yehova bakora mu bijanye no kwamamaza inkuru nziza.

11 Amadini y’abitwa abakirisu yo bite? Ahanini, abanywanyi bayo usanga ivyo kwamamaza babihebera indongozi zabo zihembwa. Ariko rero aho kuja ‘kuroba abantu,’ bisa n’uko izo ndongozi zirazwa ishinga no kugumya gusa “amafi” zisanganywe. Ni ivy’ukuri ko hari igihe indongozi zimwezimwe z’amadini zigerageza guhimiriza abayoboke bazo ngo bavuge ubutumwa. Nk’akarorero, mw’ikete Papa Yohani Paulo wa kabiri yanditse mu ntango z’umwaka wa 2001, yavuze ati: “Uko imyaka yagiye irarengana, narabateye akamo ntahengeshanya ngo mwijukire ivugabutumwa rishasha. N’ubu ndabisubiyemwo . . . Dutegerezwa kuvyura muri twebwe ishaka rikomeye nka rimwe rya Paulo, uwavuze ati: ‘Noba ndarwiciriye ntamenyesheje inkuru nziza.’” Uwo mupapa yabandanije avuga ko ico gikorwa kidakwiye guheberwa umugwi w’abitwa ko bavyigiye, mugabo ko kiraba abantu b’Imana bose. Yamara rero si benshi bitavye ako kamo.

12 Ivyabona vya Yehova bobo bite? Ni bo bonyene bigisha ko Yezu aganza kuva mu 1914. Barashira imbere igikorwa c’ukwamamaza, nk’uko Yezu yabitegetse. (Mrk. 13:10) Igitabu kimwe cihweza ibijanye n’amadini, kigira giti: “Ivyabona vya Yehova bashira imbere itangazabutumwa kuruta ibindi vyose.” Mu gusubiramwo ivyavuzwe n’Icabona umwe, ico gitabu kibandanya giti: “Igihe bahuye n’abashonje, abishwe n’irungu be n’abakitswe n’amagara, baragerageza kubafasha, . . . ariko ntibigera bibagira ko igikorwa cabo nyamukuru ari ugushikiriza abantu ubutumwa buva ku Mana buvuga ko umuhero w’iyi si wegereje be n’uko dukeneye ubukiriro.” Ivyabona vya Yehova barabandanya gushikiriza ubwo butumwa bakoresheje uburyo Yezu n’abigishwa biwe bakoresha.

GUSHIKA HEHE KANDI GUSHIKA RYARI?

13. Inkuru nziza ikwiye kwamamazwa gushika hehe?

13 Yezu yamenyesheje ko inkuru nziza yokwamamajwe “mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Abigishwa bovuye mu “bantu bo mu mahanga yose.” (Mat. 28:19, 20) Ivyo vyerekana ko ico gikorwa cokozwe kw’isi yose.

14, 15. Ni ibiki vyerekana ko Ivyabona vya Yehova bariko barashitsa ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’aho inkuru nziza yoshikanywe? (Raba amashusho atangura.)

14 Kugira dutahure ukuntu Ivyabona vya Yehova bashize mu ngiro ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’aho boshikanye inkuru nziza, reka turimbure ibintu bimwebimwe. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari indongozi nka 600.000 mu madini atandukanye y’abitwa abakirisu, ariko hakaba Ivyabona vya Yehova nka 1.200.000. Kw’isi yose, Ekleziya Gatolika ifise abapadiri barenga gato 400.000. Ubu na ho, rimbura igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bamamaza Ubwami. Kw’isi yose, hari Ivyabona nk’imiliyoni umunani bitanga mu kubwira inkuru nziza abantu mu bihugu 240. Ese ukuntu ari igikorwa gitangaje kiriko kiratuma Yehova aninahazwa kandi ashemezwa!​—Zab. 34:1; 51:15.

15 Twebwe Ivyabona vya Yehova twipfuza kubwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka imbere y’uko iherezo rishika. Ni co gituma ata bandi botwigereranya mu bijanye no guhindura no gusohora ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Ibitabu tumaze gutanga ku buntu, ibinyamakuru, udupapuro tw’inkuru nziza, ubutumire bw’Icibutso n’ubw’ihwaniro, ni amamiliyoni n’amamiliyoni. Ivyo tumaze gusohora biri mu ndimi zirenga 700. Tumaze gusohora amakopi ya Bibiliya y’isi nshasha arenga imiliyoni 200, mu ndimi zirenga 130. Mu mwaka uheze gusa, twasohoye ibitabu n’udutabu bishingiye kuri Bibiliya hafi imiliyaridi 4 n’igice. Urubuga rwacu rwemewe ruboneka mu ndimi zirenga 750. Hari abandi none bariko barakora ibintu nk’ivyo?

16. Tubwirwa n’iki ko Ivyabona vya Yehova bafise impwemu y’Imana?

16 None ico gikorwa co kwamamaza cobandanije gushika ryari? Yezu yavuze ko cobandanije gushika mu misi ya nyuma, “maze iherezo ri[ga]ca riza.” Ni irindi dini irihe ribandanya kwamamaza inkuru nziza muri iyi misi y’iherezo idasanzwe? Bamwe mu bo duhura mu ndimiro boshobora kuvuga bati: “Mwebwe naho mwamamaza, nta mpwemu yera mufise.” Ariko none kuba dukora ico gikorwa tudatezura, si ikimenyamenya c’uko dufise impwemu y’Imana? (Ivyak. 1:8; 1 Pet. 4:14) Rimwe na rimwe, hari amadini agerageza kwigana Ivyabona vya Yehova ariko bikayata ku w’amazi. Abandi na bo baraja mu vyitwa ngo ni ubumisiyonari, mu nyuma bagaca bisubirira mu buzima busanzwe. Hari mbere n’abagerageza kuja ku nzu n’inzu, ariko ivyo bavuga si inkuru nziza y’Ubwami. Biragaragara rero ko bataba bariko barangura ca gikorwa Yezu yatanguza.

NI BANDE VY’UKURI BAMAMAZA INKURU NZIZA MURI IKI GIHE?

17, 18. (a) Twemezwa n’iki yuko Ivyabona vya Yehova ari bo bamamaza inkuru nziza y’Ubwami muri iki gihe? (b) Ni nde adushoboza kuguma twamamaza?

17 None ni bande vy’ukuri bariko baramamaza inkuru nziza y’Ubwami muri iki gihe? Ata kwihenda namba, ni Ivyabona vya Yehova. Tuvyemezwa n’iki none? Tuvyemezwa n’uko twamamaza ubutumwa nyabwo, ni ukuvuga inkuru nziza y’Ubwami. Vyongeye, dukoresha uburyo bubereye kubera ko dusanga abantu aho bari. Igihe twamamaza tubitumwa n’imvo ibereye. Tubitumwa n’urukundo aho kubitumwa n’amaronko. Igikorwa turangura gishika kure cane, kigashikira abantu bo mu mahanga yose n’indimi zose. Tuzobandanya gukora ico gikorwa tudatezura, umwaka ku wundi, gushika iherezo rishitse.

18 Emwe, turumirwa iyo turavye ivyo abasavyi b’Imana bariko bararangura muri iyi misi idasanzwe tubayemwo. Ariko none ni nde atuma ivyo vyose bishoboka? Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abafilipi, yishura ati: “Imana [ni] yo iriko ikorera muri mwebwe, nk’uko biyihimbara, kugira ngo mugire ugushaka mwongere mukore.” (Flp. 2:13) Ese uwo Muvyeyi wacu munyarukundo yobandanya kudukomeza twese, uko dukora twivuye inyuma kugira turangure ico gikorwa bimwe bishitse!​—2 Tim. 4:5.