Ja ku birimwo

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko yashizweho na Yehova Imana. Muri Bibiliya, “ubwami bw’Imana” bwitwa kandi “ubwami bwo mw’ijuru,” kubera ko butegeka buri mw’ijuru. (Mariko 1:14, 15; Matayo 4:17) Naho bufise ibintu vyinshi buhuriyeko n’intwaro z’abantu, buraziruta muri vyose.

  •   Abategetsi. Imana yagenye Yezu Kristu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami kandi yamuhaye ububasha ata wundi mutegetsi w’umuntu n’umwe azokwigera aronka. (Matayo 28:18) Ubwo bubasha Yezu abukoresha ivyiza gusa. Na kare yaramaze kwerekana ko ari Umutegetsi wo kwizigirwa kandi w’umunyempuhwe. (Matayo 4:23; Mariko 1:40, 41; 6:31-34; Luka 7:11-17) Yezu ayobowe n’Imana, yararobanuye abantu mu mahanga yose “bazoganza isi” bafadikanije na we mw’ijuru.—Ivyahishuwe 5:9, 10.

  •   Ikiringo. Mu buryo butandukanye n’intwaro z’abantu, iziguma zikurakuranwa, Ubwami bw’Imana “[ntibu]zokwigera busenyurwa.”—Daniyeli 2:44.

  •   Abatwarwa. Umuntu wese akora ivyo Imana isaba arashobora kuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, yaba akomoka he canke yavukiye he.—Ivyakozwe 10:34, 35.

  •   Amategeko. Amategeko (canke amabwirizwa) y’Ubwami bw’Imana ntabuza gusa abantu gukora nabi. Aratuma abatwarwa babwo barushiriza kwigenza runtu. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Matayo 22:37-39) Gukunda Imana na mugenzi wabo biratuma abatwarwa b’Ubwami bakora ku neza y’abandi.

  •   Inyigisho. Naho Ubwami bw’Imana bushingira abo butwara ingingo ngenderwako ziri hejuru, burigisha kandi abantu ukuntu bozishira mu ngiro.—Yesaya 48:17, 18.

  •   Ico bwashinzwe. Abategetsi b’Ubwami bw’Imana ntibarondera kuba abatunzi mu kurya imitsi abo batwara. Ahubwo, ubwo Bwami buzoshitsa ivyo Imana igomba, harimwo n’umuhango w’uko abayikunda bazobaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo.—Yesaya 35:1, 5, 6; Matayo 6:10; Ivyahishuwe 21:1-4.