Ivyahishuriwe Yohani 5:1-14

  • Umuzingo ufise udushashara indwi (1-5)

  • Wa Mwagazi w’intama atora uwo muzingo (6-8)

  • Wa Mwagazi w’intama arabereye kumatura udushashara (9-14)

5  Hanyuma mbona umuzingo uri mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, wanditseko impande zose* kandi wugawe neza n’udushashara indwi.  Maze mbona umumarayika akomeye asemerera n’ijwi rirenga ati: «Ni nde abereye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?»  Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke mu kuzimu, ntihaboneka n’umwe ashoboye kuzingurura uwo muzingo canke kuraba muri wo.  Nca ndaturikisha ndarira, kuko habuze n’umwe abereye kwugurura uwo muzingo canke kuraba muri wo.  Ariko umwe muri ba bakurambere ambwira ati: «Reka kurira. Ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kandi arashoboye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara indwi twawo.»  Maze mbona umwagazi w’intama+ usa n’uwishwe+, uhagaze hagati* ya ya ntebe y’ubwami na vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya impwemu indwi z’Imana+ zatumwe mw’isi yose.  Ubwo nyene aca aragenda, atora wa muzingo mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+.  Atoye uwo muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere 24+ baca barapfukama imbere ya wa Mwagazi w’intama. Umwe wese yari afise inanga n’amabakure y’inzahabu yuzuyemwo imibavu. (Imibavu igereranya amasengesho y’aberanda+.)  Maze baririmba indirimbo nshasha+ bati: «Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe kandi ukagurira abantu Imana ukoresheje amaraso yawe+. Wabaguze ubakuye mu miryango yose, indimi zose, amoko yose n’amahanga yose+ 10  maze ubagira abami+ n’abaherezi b’Imana yacu+, kandi bazoganza+ isi.» 11  Hanyuma mbona abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, nongera numva ijwi ryabo. Igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo kugwiza ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+. 12  Bavuga n’ijwi rirenga bati: «Uwo Mwagazi w’intama wishwe+, urabereye guhabwa ububasha, ubutunzi, ubukerebutsi, inkomezi, iteka, ubuninahazwa n’umuhezagiro+ 13  Maze numva ivyaremwe vyose biri mw’ijuru, kw’isi, mu kuzimu+ no mu kiyaga, emwe numva ibintu vyose biri muri vyo bivuga biti: «Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ hamwe na wa Mwagazi w’intama+ nibahabwe umuhezagiro, iteka+, ubuninahazwa n’ubushobozi gushika ibihe bidahera+ 14  Vya binyabuzima bine bica bivuga biti: «Amen!» Ba bakurambere na bo baca barapfukama, maze basenga Imana.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «imbere n’inyuma.»
Canke «hagati na hagati.»