Ivyahishuriwe Yohani 5:1-14
5 Hanyuma mbona umuzingo uri mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, wanditseko impande zose* kandi wugawe neza n’udushashara indwi.
2 Maze mbona umumarayika akomeye asemerera n’ijwi rirenga ati: «Ni nde abereye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?»
3 Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke mu kuzimu, ntihaboneka n’umwe ashoboye kuzingurura uwo muzingo canke kuraba muri wo.
4 Nca ndaturikisha ndarira, kuko habuze n’umwe abereye kwugurura uwo muzingo canke kuraba muri wo.
5 Ariko umwe muri ba bakurambere ambwira ati: «Reka kurira. Ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kandi arashoboye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara indwi twawo.»
6 Maze mbona umwagazi w’intama+ usa n’uwishwe+, uhagaze hagati* ya ya ntebe y’ubwami na vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya impwemu indwi z’Imana+ zatumwe mw’isi yose.
7 Ubwo nyene aca aragenda, atora wa muzingo mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+.
8 Atoye uwo muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere 24+ baca barapfukama imbere ya wa Mwagazi w’intama. Umwe wese yari afise inanga n’amabakure y’inzahabu yuzuyemwo imibavu. (Imibavu igereranya amasengesho y’aberanda+.)
9 Maze baririmba indirimbo nshasha+ bati: «Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe kandi ukagurira abantu Imana ukoresheje amaraso yawe+. Wabaguze ubakuye mu miryango yose, indimi zose, amoko yose n’amahanga yose+
10 maze ubagira abami+ n’abaherezi b’Imana yacu+, kandi bazoganza+ isi.»
11 Hanyuma mbona abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, nongera numva ijwi ryabo. Igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo kugwiza ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+.
12 Bavuga n’ijwi rirenga bati: «Uwo Mwagazi w’intama wishwe+, urabereye guhabwa ububasha, ubutunzi, ubukerebutsi, inkomezi, iteka, ubuninahazwa n’umuhezagiro+.»
13 Maze numva ivyaremwe vyose biri mw’ijuru, kw’isi, mu kuzimu+ no mu kiyaga, emwe numva ibintu vyose biri muri vyo bivuga biti: «Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ hamwe na wa Mwagazi w’intama+ nibahabwe umuhezagiro, iteka+, ubuninahazwa n’ubushobozi gushika ibihe bidahera+.»
14 Vya binyabuzima bine bica bivuga biti: «Amen!» Ba bakurambere na bo baca barapfukama, maze basenga Imana.