Zaburi 110:1-7
Ni zaburi ya Dawidi.
110 Yehova yabwiye Umukama wanje ati:
«Icara iburyo bwanje+,gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+.»
2 Yehova azoramvura agakoni k’ububasha bwawe ari i Siyoni, avuge ati:
«Ganza hagati y’abansi bawe+.»
3 Abantu bawe bazokwitanga babikunze ku musi ukoranya ingabo zawe.
Ufise ingabo z’imisore zimeze nk’amama y’urume.Ziseruka mu mutwenzi* zisharijwe n’ubweranda buhebuje.
4 Yehova yararahiye, kandi ntazokwivuguruza*.
Yavuze ati: «Uri umuherezi ibihe vyose+mu buryo bwa Melekisedeki+!»
5 Yehova azohagarara iburyo bwawe+.Azomenagura abami ku musi w’ishavu ryiwe+.
6 Azoshitsa urubanza yaciriye amahanga*+,ayuzuzemwo imivyimba+.
Azomenagura umutware* w’isi yose*.
7 Azonywa* ku mazi y’umugezi igihe azoba ari ku nzira.
Ni co gituma azoraramura umutwe.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nda y’umutwenzi.»
^ Canke «ntazokwicuza.»
^ Canke «azoca imanza hagati y’amahanga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»
^ Canke «igihugu kinini.»
^ Ni ukuvuga wa mukama avugwa ku murongo wa mbere.