Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ijambo ryawe rizokwamaho

Ijambo ryawe rizokwamaho

Voma:

  1. 1. Bararangamije

    Bubah’Uwabaremye

    Bashimir’iyo Mana

    Yaberetse kw’ikundana.

    Waciy’ubibwira,

    Ubaha n’ubutumwa.

    Ivyo birazigamwa.

    N’amajamb’atwerek’inzira.

    Baragukunda pe

    Bashima kugukorera,

    Uremera yuko bandika

    Kugira ng’umenyekane.

    ( ICITABIRIZO)

    Ijambo ryawe ryamaho

    Emwe, rirakomeye!

    Ivy’utumenyesha n’agakuru keza.

    Nzobishira muri ntibate.

  2. 2. Oh, nta kw’abansi batagize,

    Ariko vyaranse.

    Abakunda Ivy’uvuga

    Ntibigeze badohoka.

    Haguheba Bibliya zabo

    Baheb’ubuzima bwabo.

    Bari bashikamye barashing’intahe.

    Nta jambo ryawe ryafuswe.

    ( ICITABIRIZO)

    Emw’Ijambo ryawe ryamaho

    Emwe, rirakomeye!

    Ivy’utumenyesha n’agakuru keza.

    Nzobishira muri ntibate.

  3. 3. Watubwiye ko witwa Yehova,

    Birandikwamwo neza.

    Eka n’iryo zina

    Ntirizohinduka.

    Nushemezw’ibihe vyose.

    (CITABIRIZO)

    Ijambo ryawe ryamaho

    Emwe, rirakomeye pe!

    Ivy’utumenyesha n’agakuru keza.

    Nzobishira muri ntibate

    ’Misi yose.