Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Ngiye guhindura uburyo nkora

Ngiye guhindura uburyo nkora
UKO VYIPANGA

Voma:

  1. 1. Narazirikanye

    Nsanga namye

    Nkorera Yehova

    Nko guheza umwuga.

    Ivyo nkora vyama ari vya bindi.

    Nkeneye kwikubit’agashi,

    Singume ha handi

    (ICITABIRIZO)

    Ngiye guhindura uburyo nkora.

    Ntanguye bishash’ata gufyina.

    Yehova, ndabon’ico nokora.

    Ndahinduye kuko ndakwizigira.

  2. 2. Nah’ar’urugamba,

    Sinzoheba.

    Ngiz’ico mpinduye

    Ndabona bihimbaye.

    Naho ari bishaha, biraryoshe.

    Ni jewe nari nariboshe,

    Uturyo twari twose.

    (ICITABIRIZO)

    Ngiye guhindura uburyo nkora.

    Ntanguye bishash’ata gufyina.

    Yehova, ndabon’ico nokora.

    Ndahinduye kuko ndakwizigira.

    (IKIRARO)

    Kera nabon’umengo

    Nta kintu bizovamwo

    Simeny’icabitera,

    Nca ndahindura.

    Nariboney’ivyiza

    Biva ku gutinyuka.

    Ubu ndabona neza

    Yukw’ej‘ari heza.

    (ICITABIRIZO)

    Ubu nguma mpindur’uko bukeye,

    Nkaguma ndyohor’ivyo nshoboye.

    Yehova, nabony’ico nokora.

    Wagumy’umpezagira, ndakwizigira.

    (ICITABIRIZO)

    Rero ndahinduye uburyo nkora.

    Ntanguye bishash’ata gufyina.

    Yehova, ndabon’ico nokora.

    Ni vyo ndahinduye.

    (ICITABIRIZO)

    Rero nguma mpindur’uko bukeye,

    Nkaguma ndyohor’ivyo nshoboye.

    Yehova, ndabon’ico nokora.

    Ndahinduye kuko ndakwizigira.

    Ndakwizigira.