Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Urukundo nyakuri

Urukundo nyakuri
UKO VYIPANGA

Voma:

  1. 1. Iy’ukunze naw’ugakundwa

    N’ingabire ya Rudasumbwa.

    Igihe muhuj’imitima

    Hab’akamwemwe mu buzima.

    (ICITABIRIZO)

    Nta nkeka dufise, tuzoranirwa.

    Nitwah’ikaze

    Yehova

    Akam’atuyobora mu vyo dukora.

    Nta kindutira kugukunda,

    We mwiza wanje

    Mwiza wanje.

  2. 2. No mu ngorane,

    Urubeya ntiruzoyame.

    Tuzokwibanir’akaramata.

    Nta wuzoshobora kudutanya.

    Oya, nta n’umwe.

    (ICITABIRIZO)

    Nta nkeka dufise, tuzoranirwa.

    Nitwah’ikaze

    Yehova

    Akam’atuyobora mu vyo dukora.

    Nta kindutira kugukunda,

    We mwiza wanje,

    Mwiza wanje.

    (IKIRARO)

    Ntituzohungabana,

    Kuk’uru rukundo ruva ku Mana

    ‘Urwo ngukunda rukomeye nk’urupfu.’

    Wew’ur’igufa ryo mu magufa yanje.

    Kibasumba wanje we, ur’agahore.

    Nzogukund’ubuzima bwose.

  3. 3. Woses’umutima wanje

    Wobon’uko wawigaruriye.

    Harih’umusi w’intibagirwa.

    Ni wo wa musi twarushinga.

    N’ukuri.

    (ICITABIRIZO)

    Nta nkeka dufise, tuzoranirwa.

    Nitwah’ikaze

    Yehova

    Akam’atuyobora mu vyo dukora.

    Nta kindutira kugukunda,

    We mwiza wanje.

    Mwiza wanje.

    Nta kindutira kugukunda,

    We mwiza wanje.