Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Yehova anguma hafi

Yehova anguma hafi
UKO VYIPANGA

Voma:

  1. 1. Barandenganije,

    Bantaye mw’ibuye.

    Ndi nk’agati mu ruzi,

    None intunt’iranyishe.

    Nta n’umw’anyerekwa,

    Nta n’umw’andemesha.

    Mbe yemwe mbay’uwa nde?

    Ni nde jewe nzoririra?

    (ICITABIRIZO)

    Habe na mba,

    Sinahebwe.

    Ndazi neza

    Yuko jewe

    Yehov’anzi

    Kand’ambona.

    Ndamwambaza

    Akanyumva.

    Mu bishika vyose,

    Anguma hafi.

  2. 2. Naho vyonsab’iki,

    Nzob’intahemuka.

    Naho bose bompeba,

    Nzi ko we wam’unyibuka.

    Man’unyama hafi,

    Ndi mu minwe yawe.

    Nzama ndakwizigiye.

    Ndazi k’udaheb’uwawe.

    (ICITABIRIZO)

    Habe na mba

    Sinahebwe.

    Ndazi neza

    Yuko jewe

    Yehov’anzi

    Kand’ambona.

    Ndamwambaza

    Akanyumva.

    Mu bishika vyose,

    Anguma hafi.

    Sinahebwe.

    Ndazi neza

    Yuko jewe

    Yehov’anzi

    Kand’ambona.

    Ndamwambaza

    Akanyumva.

    Mu bishika vyose,

    Anguma hafi.