Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Nuyage

Nuyage
UKO VYIPANGA

Voma:

  1. 1. Mbe ko mbona wewe

    Wama wigunze

    Telefon’ikakwigarurira.

    Erega har’ibihambaye

    Kurut’ibirimwo.

    Hariho vyinshi bigucitse koko

    Ivyo nta vy’uzopfa ubonye niwishinga ako kuma.

    Abagenzi ni bo kirumara.

    (ICITABIRIZO)

    Nuyage,

    Uheze

    Ubone

    Hafi yaw’umuryang’uhimbawe.

    Nuyage.

    Erega

    Na wewe

    Uwurimwo. Reka telefon’uyage.

  2. 2. Ihweze nk’abandi.

    Har’ico utazi.

    Nta coza kiruta abagenzi.

    Rondera barya b’ukuri,

    Bakunda Yehova,

    Batazokwigera baguheba namba

    Abo nta b’uzopf’uronse niwishing’ako kuma.

    Ukeneye abagenzi nyabo.

    (ICITABIRIZO)

    Nuyage,

    Uheze

    Ubone

    Hafi yaw’umuryang’uhimbawe.

    Nuyage.

    Erega

    Na wewe

    Uwurimwo. Reka telefon’uyage.

    (INYITANGIZO)

    Reka telefon’uyage.

    (IKIRARO)

    Ntuhendwe n’ivyo usoma.

    Nta cokwemeza kw’ivy’usom’ari bizima.

    Uruhendo rurica.

    Nugarur’akenge, maze ntibigutware umutima.

  3. 3. Ikubit’agashi

    Uyishire hasi

    Kugira ntuhomb’ivyiza vyinshi.

    Honja nawe wumve

    Ivyo tukuryanye

    Biragukikuje. Gusa we numenye

    Kw’ako kuma wishinga ata co kagufasha.

    Ntikagutesh’abagenzi nyabo.

    (ICITABIRIZO)

    Nuyage,

    Uheze

    Ubone

    Hafi yaw’umuryang’uhimbawe.

    Nuyage.

    Erega

    Na wewe

    Uwurimwo. Reka telefon’uyage.

    Uheze

    Ubone

    Hafi yaw’umuryang’uhimbawe.

    Nuyage.

    Erega

    Na wewe

    Uwurimwo. Reka telefon’uyage.