UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

Voma:

  1. 1. Ubutsimvyi

    Twikundira

    Buraduh’uturyo

    Two kwitanga.

    Ubu rero

    Ni co gihe;

    Ako karyo yemwe

    Ntikijane.

    (ICITABIRIZO)

    Tuve hasi;

    Ntidutebe.

    Ntidukekeranye;

    Ntitwanjanjwe.

    Turizeye.

    Ivy’inyuma duhebe.

    Tuj’imbere

    Ata bwoba.

  2. 2. Na Yehova

    Asanzw’azi

    Umwe wese

    Ivyo akenera.

    Nah’umengo

    Twota hasi,

    Tuzomwizigira

    Tuve hasi.

    (ICITABIRIZO)

    Tuve hasi;

    Ntidutebe.

    Ntidukekeranye;

    Ntitwanjanjwe.

    Turizeye.

    Ivy’inyuma duhebe.

    Tuj’imbere

    Ata bwoba.

  3. 3. Dutangure,

    Akaryo n’aka.

    Vyinshi turaheba

    Tukitega

    Imigisha

    Y’ubu n’iya kazoza,

    Iy’Imana

    Ituronsa.

    (ICITABIRIZO)

    Tuve hasi;

    Ntidutebe.

    Ntidukekeranye;

    Ntitwanjanjwe.

    Turizeye.

    Ivy’inyuma tubihebe.

    Tuj’imbere

    Ata bwoba.

    Tuve hasi;

    Ntidutebe.

    Ntidukekeranye;

    Ntitwanjanjwe.

    Turizeye.

    Ivy’inyuma tubihebe.

    Tuj’imbere

    Ata bwoba.

    Tuve hasi.