Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Sinzoheba

Sinzoheba

Voma:

  1. 1. Igihe numv’ivya Yehova

    Hamwe n’isi nshash’agiye kuzana

    Vyaramberey’akezamutima.

    Yamar’iyi s’ishaka kunsamaza.

    (INTEGUZA)

    Ntakizombuza

    Kwimenyer’ivyo vyiza.

    (ICITABIRIZO)

    Nzoguma nkomez’ukwizera kwanje.

    Nzoshikama nsindohoke.

    Ijambo ryiwe rizonyobora.

    Nzosenga simpungabane.

    Nzama nikomeza; sinzoheba.

  2. 2. Nzokwubak’ubuzima ku ki?

    Ku rutare canke ku musenyi?

    Iyi si ishaka kuduhenda

    Ngo twibereh’uko twe twishakira.

    (INTEGUZA)

    Je ndaz’ukuri.

    Niteze bwa bwami.

    (ICITABIRIZO)

    Nzoguma nkomez’ukwizera kwanje.

    Nzoshikama nsindohoke.

    Ijambo ryiwe rizonyobora.

    Nzosenga simpungabane.

    Nzama nikomeza; sinzoheba.

    (ICITABIRIZO)

    Nzoguma nkomez’ukwizera kwanje.

    Nzoshikama nsindohoke.

    Ijambo ryiwe rizonyobora.

    Nzosenga simpungabane.

    Nzama nikomeza; sinzoheba.

    Sinzoheba.

    Sinzoheba.