Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Indirimbo zisanzwe

Zirikana, kandi usenge

Zirikana, kandi usenge
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

Voma:

  1. 1. Ntivyoroh’iy’ubangamiwe,

    Wumva nk’ah’isi yos’ikugeramiye,

    Harimw’abitwa kw’ar’abagenzi.

    Senga Yehova wawe

    Wihoreye.

    (ICITABIRIZO)

    Gumako, ntuhebe.

    Izigire Yehova,

    Aduha gutsinda.

    Dusenze twabuze

    Uko tubigenza,

    Yehova na w’azoguma

    Atuyobora, vyemere.

    Zirikan’usenge

    Kandi wemere

    Akuyobore.

  2. 2. Nta musi habur’ingorane.

    Har’ibisab’amaher’ata yariho.

    Na hone ntitureka gutanga,

    Mu ngorane tukaba

    Dutabaye.

    (ICITABIRIZO)

    Vyemere; ntutinye.

    Wizigire Yehova,

    Azokuyobora.

    Zirikan’usenge,

    Azogukomeza

    Ubone kw’ataguhevye;

    Yukw’atigeze aguta.

    Nusenge Yehova,

    Munezereze

    Akuyobore.

    (ICITABIRIZO)

    Izigire Yehova,

    Azokuyobora.

    Zirikan’usenge.

    Azogukomeza

    Ubone kw’ataguhevye;

    Yukw’atigeze aguta.

    Zirikan’usenge.

    Munezereze

    Umushimire.