Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Twararondeye

Twararondeye
UKO VYIPANGA

Voma:

  1. 1. Yezu ati: murondere

    Muzoronk’ukuri, mwizere.

    Twari n’ibibazo be n’amakenga

    Twabuz’uwo twokwitura.

    (INTEGUZA)

    Twarumiyeko, turacukura.

    Nka wa mudandaza, ntitwigeze duheba.

    (ICITABIRIZO)

    Ni vyo, twararondeye

    Inyish’itomoye,

    Kugira ngo dutahure

    Aho twakomotse, n’igituma dukeney’Ubwami vuba.

    Twararondera.

  2. 2. Ntitwari bwumve yukw’Imana

    Na y’ifis’izina, Yehova.

    Baritweretse, twavuze ngo

    Iki ni co twarodera.

    (INTEGUZA)

    Twarumiyeko, turacukura,

    Turameny’iyo tuva hamwe n’iyo tugana.

    (ICITABIRIZO)

    Ni vyo, twararondeye

    Inyish’itomoye,

    Kugira ngo dutahure

    Aho twakomotse, na ya paradiz’Ubwami bugiye kuzana.

    Gum’urondera.

    (IKIRARO)

    Ntituzoreka namba gufasha abandi

    Na bo bameny’ukuri.

    Baracari mu muzimagiza.

    Ingo rero tubafashe

    Nk’uko natwe twafashijwe.

    (ICITABIRIZO)

    Ni vyo, twararondeye

    Inyish’itomoye,

    Kugira ngo dutahure

    Aho twakomotse, n’ubuzima budahera bugiye kuza.

    Gum’urondera.