Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 45

Tubandanye kugaragarizanya urukundo rudahemuka

Tubandanye kugaragarizanya urukundo rudahemuka

“Mugiriranire ubuntu bwuzuye urukundo [canke urukundo rudahemuka] be n’imbabazi.”​—ZEK. 7:9.

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

INCAMAKE *

1-2. Ni imvo izihe zikwiye gutuma tugaragarizanya urukundo rudahemuka?

TURAFISE imvo zumvikana zotuma tugaragarizanya urukundo rudahemuka. None zimwezimwe muri zo ni izihe? Raba ingene iyi migani yo muri Bibiliya yishura ico kibazo: “Ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri ubwavyo ntibigucarukane . . . ubone kuronka ubutoni n’ugutahura kwimbitse kwiza mu maso y’Imana n’ay’umuntu yakuwe mw’ivu.” “Umuntu w’ubuntu bwuzuye urukundo yigirira neza.” “Uwukurikirana ubugororotsi be n’ubuntu bwuzuye urukundo azoronka ubuzima.”​—Imig. 3:3, 4; 11:17; 21:21.

2 Iyo migani irerekana imvo zitatu zikwiye gutuma tugaragaza urukundo rudahemuka. Iya mbere, kugaragaza urukundo rudahemuka biratuma duhimbara Imana. Iya kabiri, kugaragariza abandi urukundo rudahemuka, biratugirira neza ubwacu. Nk’akarorero, biratuma tugiranira n’abandi ubugenzi burama. Iya gatatu, kugaragariza abandi urukundo rudahemuka, bizotuma twironkera imihezagiro muri kazoza, ushizemwo n’ubuzima budahera. Birabereye rero ko dukurikiza impanuro Yehova aduha igira iti: “Mugiriranire ubuntu bwuzuye urukundo [canke urukundo rudahemuka] be n’imbabazi.”​—Zek. 7:9.

3. Turimbura ibibazo ibihe muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza kwishura ibibazo bine. Ni bande dukwiye kugaragariza urukundo rudahemuka? Twigira iki ku gitabu ca Rusi ku bijanye no kugaragaza urukundo rudahemuka? Twogaragaza gute urukundo rudahemuka muri iki gihe? Abagaragaza urukundo rudahemuka bironkera ivyiza ibihe?

NI BANDE DUKWIYE KUGARAGARIZA URUKUNDO RUDAHEMUKA?

4. Twokwigana gute Yehova mu bijanye no kugaragaza urukundo rudahemuka? (Mariko 10:29, 30)

4 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, abakunda Yehova kandi bamukorera, ni bo gusa agaragariza urukundo rudahemuka rwiwe. (Dan. 9:4) Natwe twipfuza ‘kwigana Imana nk’abana ikunda.’ (Ef. 5:1) Ku bw’ivyo, turakwiye kwiyumvamwo cane abavukanyi na bashiki bacu, tukabagaragariza urukundo rudahemuka.​—Soma Mariko 10:29, 30.

5-6. Ijambo “ukudahemuka” rishobora gusobanura iki dufatiye ku kuntu abantu baritahura?

5 Nta nkeka ko wemera yuko uko turushiriza gutahura ico ari co urukundo rudahemuka, ari ko turushiriza kurugaragariza abo dusangiye ukwemera. Kugira ngo turushirize gutahura ico ari co urukundo rudahemuka, nimuze turugereranye n’ijambo ukudahemuka dufatiye ku kuntu abantu baritahura. Raba akarorero.

 6 Muri iki gihe, umukozi amaze imyaka myinshi cane akorera ishirahamwe rimwe, twoshobora kuvuga ko ari intahemuka. Ariko rero muri iyo myaka yose, yoshobora kuba atarigera abonana n’umwe mu bayobozi baryo. Yoshobora no kuba adakunda amategeko amwamwe y’iryo shirahamwe. Naho adakunda iryo shirahamwe, ararikorera kugira yicire amahera gusa. Azoguma arikorera gushika akukurutse, kiretse aronse akandi kazi k’amahera menshi.

7-8. (a) Ni imvo iyihe ituma umuntu agaragaza urukundo rudahemuka? (b) Kubera iki tugiye kurimbura imirongo imwimwe yo mu gitabu ca Rusi?

7 Itandukaniro riri hagati y’ijambo ukudahemuka twavuze mu  ngingo ya 6 be n’urukundo rudahemuka, ni imvo umuntu akorana ibintu. None muri Bibiliya, ni imvo iyihe yatumye abasavyi b’Imana bakora ibikorwa biranga urukundo rudahemuka? Abagaragaje urukundo rudahemuka, ntibabigize kubera ko ata kundi bari kubigenza, mugabo babigize n’umutima ukunze. Rimbura akarorero ka Dawidi. Umutima wiwe waramusunikiye kugaragariza umugenzi wiwe Yonatani urukundo rudahemuka, naho se wa Yonatani yariko arondera kwica Dawidi. Haciye imyaka Yonatani apfuye, Dawidi yagumye agaragariza urukundo rudahemuka Mefibosheti umuhungu wa Yonatani.​—1 Sam. 20:9, 14, 15; 2 Sam. 4:4; 8:15; 9:1, 6, 7.

8 Turashobora kwiga vyinshi ku bijanye n’urukundo rudahemuka, mu kurimbura imirongo imwimwe yo mu gitabu ca Rusi. Abantu bavugwa muri ico gitabu, twobigirako iki ku bijanye n’urukundo rudahemuka? Twoshira gute mu ngiro ivyo vyigwa mw’ishengero iwacu? *

TWIGIRA IKI KU GITABU CA RUSI KU BIJANYE NO KUGARAGAZA URUKUNDO RUDAHEMUKA?

9. Kubera iki Nawomi yiyumviriye ko Yehova yariko aramurwanya?

9 Igitabu ca Rusi kiravuga inkuru ya Nawomi n’umukazana wiwe Rusi be n’umugabo yitwa Bowazi yatinya Imana, uno akaba yari incuti y’umugabo wa Nawomi. Muri Isirayeli harateye inzara, maze Nawomi n’umugabo wiwe n’abahungu babo babiri, bimukira i Mowabu. Bari muri ico gihugu, umugabo wiwe yarapfuye. Abahungu biwe babiri barubatse urwabo, ariko ikibabaje na bo nyene bahavuye bapfa. (Rusi 1:3-5; 2:1) Ivyo vyago vyaratumye Nawomi yihebura cane. Yararengewe n’umubabaro, gushika n’aho yiyumvira ko Yehova yariko aramurwanya. Yataye ishavu ku Mana mu kuvuga ati: “Ukuboko kwa Yehova kwasohotse kundwanya.” “Mushoboravyose yatumye ibintu bimbera umururazi cane.” Yavuze kandi ati: “Yehova [ni] we yantetereje, Mushoboravyose [ni] we yanteje ivyago.”​—Rusi 1:13, 20, 21.

10. Yehova yakiriye gute amajambo yavuzwe na Nawomi?

10 None Yehova yakiriye gute ayo majambo ya Nawomi? Yehova ntiyaciye aheba uwo musavyi wiwe yari atuntuye. Ahubwo riho yaramugaragarije impuhwe. Yehova arazi ko “agahahazo gashobora gutuma umuntu w’inkerebutsi akora nk’umusazi.” (Umus. 7:7) Ariko rero, Nawomi yari akeneye uwomufasha kugira ngo abone ko Yehova atari yamutaye. None Imana yamufashije gute? (1 Sam. 2:8) Yaravyuriye Rusi umutima wo kugaragariza Nawomi urukundo rudahemuka. Rusi abigiranye umutima mwiza n’ubwitonzi, yarafashije inabukwe gusubira gutekana mu mutima, no kubona ko Yehova yari akimukunda. None twigira iki kuri Rusi?

11. Kubera iki abavukanyi na bashiki bacu b’umutima mwiza bagerageza gufasha abihebuye?

11 Urukundo rudahemuka ruratuma tugerageza gufasha abihebuye. Nk’uko Rusi yumiye kuri Nawomi, abavukanyi na bashiki bacu b’umutima mwiza, baraguma hafi abo mw’ishengero bihebuye canke bacitse intege. Barakunda abavukanyi babo, kandi barakora ibishoboka vyose kugira ngo babafashe. (Imig. 12:25; 24:10) Ivyo birahuye n’ivyo intumwa Paulo yaduhimirije gukora, ati: “Muyagishe abadendebukiwe n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwiyumanganye kuri bose.”​—1 Tes. 5:14.

Twumvirije umuvukanyi canke mushiki wacu yacitse intege, turashobora kumufasha (Raba ingingo ya 12)

12. Akenshi, uburyo bwiza bwo gufasha umuvukanyi canke mushiki wacu yacitse intege, ni ubuhe?

12 Akenshi, uburyo bwiza bwo gufasha umuvukanyi canke mushiki wacu yacitse intege, ni ukumutega yompi no kumuhumuriza ko umukunda. Igihe cose witwararitse intama ya Yehova, ntareka kubibona. (Zab. 41:1) Mu Migani 19:17 hagira hati: “Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.”

Rusi arumira kuri inabukwe Nawomi, ariko Orupa wewe asubiye i Mowabu. Rusi abwira Nawomi ati: “Aho uzoja [ni] ho nzoja” (Raba ingingo ya 13)

13. Ingingo Rusi yafashe itandukanye gute n’iyo Orupa yafashe, kandi ni kubera iki ingingo Rusi yafashe yaranga urukundo rudahemuka? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

13 Kurimbura ivyashikiye Nawomi inyuma y’aho aburiye umugabo wiwe be n’abahungu biwe babiri, biradufasha kurushiriza gutahura ibijanye n’urukundo rudahemuka. Igihe Nawomi yamenya ko “Yehova yari yitayeho abantu biwe mu kubaha umukate,” yaciye afata ingingo yo gusubira muri Isirayeli. (Rusi 1:6) Yatanguye urwo rugendo ari kumwe n’abakazana biwe babiri. Ariko bageze mu nzira, Nawomi yarabinginze incuro zitatu ko bosubira i Mowabu. None vyahavuye bigenda gute? Dusoma duti: “Orupa asoma inabukwe. Mugabo Rusi we, amata kuri we.” (Rusi 1:7-14) Orupa yarumviye Nawomi maze asubira inyuma. Ariko Rusi wewe, aho gusubira inyuma yarakoze n’ibindi. Na we nyene yari gushobora gusubira inyuma, ariko abitumwe n’urukundo rudahemuka, yahisemwo kugumana na inabukwe kugira ngo amufashe. (Rusi 1:16, 17) Rusi yumiye kuri Nawomi atari kubera ko yategerezwa kubigira, mugabo kubera ko yabishaka. Ico kintu Rusi yakoze cararanga urukundo rudahemuka. None iyo nkuru itwigisha iki?

14. (a) Muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu twikundira bakora iki? (b) Twisunze Abaheburayo 13:16, ni ibimazi ibihe bihimbara Imana?

14 Urukundo rudahemuka ruratuma dukora ibirengeye ivyo dusabwa. Cokimwe no muri kahise, muri iki gihe abavukanyi na bashiki bacu baragaragariza urukundo rudahemuka abo basangiye ukwemera, mbere n’abo batazi. Nk’akarorero, iyo bamenye ko hateye icago c’icaduka, baca bihutira kurondera kumenya ingene bofasha. Iyo hagize umuvukanyi wo mw’ishengero ashikiwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, baragerageza kumufasha mu vyo akeneye. Cokimwe n’Abanyamakedoniya bo mu kinjana ca mbere, abavukanyi barakora ibirengeye ivyo basabwa. Baragira utwigoro tudasanzwe, bagatanga ‘mbere ibirengeye ubushobozi bwabo,’ kugira ngo bafashe abavukanyi babo bari mu nkenero. (2 Kor. 8:3) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba akenguruka umutima w’urukundo nk’uwo!​—Soma Abaheburayo 13:16.

TWOGARAGAZA GUTE URUKUNDO RUDAHEMUKA MURI IKI GIHE?

15-16. Ni igiki cerekana ko Rusi yashimitse?

15 Hariho ivyigwa bitari bike dushobora kwigira ku nkuru ya Rusi na Nawomi. Reka turabe bimwebimwe muri vyo.

16 Nushimike. Igihe Rusi yasaba inabukwe Nawomi ko bojana muri Yuda, Nawomi yabanje kwanka. Mugabo Rusi yagumye ashimika. None vyavuyemwo iki? Bibiliya igira iti: “Nawomi abonye ko [Rusi] akobeje ngo ajane na we, areka kumuvugisha.”​—Rusi 1:15-18.

17. Ni igiki kizodufasha kudaca dutana n’akabando?

17 Icigwa tuhakura: Naho gufasha abihebuye bisaba kwihangana, ntidukwiye gutana n’akabando. Mushiki wacu akeneye gufashwa, yoshobora kudashoka yemera ko tumufasha. * Ariko rero urukundo rudahemuka ruzotuma dukora ibishoboka vyose kugira ngo tumugume hafi. (Gal. 6:2) Turizigira ko azoteba akemera ko tumufasha, maze akoroherwa.

18. Ni igiki gitegerezwa kuba carababaje Rusi?

18 Ntutwarwe n’ishavu. Igihe Nawomi na Rusi bashika i Betelehemu, Nawomi yarabonanye n’abahoze ari ababanyi biwe. Yababwiye ati: “Nagiye nuzuye, none Yehova angarukanye iminwe misa.” (Rusi 1:21) Iyumvire ingene Rusi yamerewe yumvise ayo majambo ya Nawomi! Nta co Rusi atari yakoze ngo afashe Nawomi. Yari yarariranye na we, aramuhumuriza, bongera bafatanya urugendo imisi n’iyindi. Ariko ivyo ntivyabujije ko Nawomi avuga ati: “Yehova angarukanye iminwe misa.” Mu kuvuga gutyo, Nawomi ntiyemeye n’uko Rusi yamufashije, kandi bari bahagararanye. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarababaje Rusi! Naho ari ukwo, Rusi ntiyaciye amuheba.

19. Ni igiki codufasha kuguma hafi uwucitse intege?

19 Icigwa tuhakura: Muri iki gihe, mushiki wacu acitse intege, mu ntango yoshobora kutubwira ibintu bitubabaza, naho twoba twagize akigoro kanini kugira ngo tumufashe. Ariko rero turagerageza kudaca dutwarwa n’ishavu. Turamuguma hafi, kandi tugasaba Yehova ngo adufashe kumenya ingene twomuhumuriza.​—Imig. 17:17.

Muri iki gihe abakurambere bokwigana gute Bowazi? (Raba ingingo ya 20-21)

20. Ni igiki cafashije Rusi kuronka inkomezi zo kubandanya afasha inabukwe?

20 Numuremeshe ku gihe kibereye. Rusi yari yaragaragarije Nawomi urukundo rudahemuka, ariko mu nyuma Rusi na we yari akeneye kuremeshwa. Yehova yaravyuriye Bowazi umutima wo kumuremesha. Bowazi yabwiye Rusi ati: “Yehova aguhembere ivyo ukora, kandi Yehova Imana ya Isirayeli aguhe impembo itunganye, uwo waje kuronderera ubuhungiro munsi y’amababa yiwe.” Ayo majambo aranga ubuntu yarakoze cane ku mutima Rusi. Rusi yaciye abwira Bowazi ati: “Kuko umpojeje kandi ukavugisha umusukukazi wawe mu buryo buhumuriza.” (Rusi 2:12, 13) Ayo majambo Bowazi yabwiye Rusi ku gihe kibereye, yaramuronkeje inkomezi zo kubandanya afasha inabukwe.

21. Twisunze Yesaya 32:1, 2, abakurambere bitwararikana bazokora iki?

21 Icigwa tuhakura: Abagaragariza abandi urukundo rudahemuka, rimwe na rimwe na bo nyene barakenera kuremeshwa. Nk’uko nyene Bowazi yahumurije Rusi ko yabonye ivyiza vyose yari yarakoze, muri iki gihe abakurambere baritwararika kubona ivyo abavukanyi na bashiki bacu bakora kugira ngo bafashe abandi, maze bagaca babakeza. Iyo babakeje ku gihe kibereye kandi babikuye ku mutima, biratuma abavukanyi na bashiki bacu baronka inkomezi zo kubandanya bakora ivyiza.​—Soma Yesaya 32:1, 2.

ABAGARAGAZA URUKUNDO RUDAHEMUKA BIRONKERA IVYIZA IBIHE?

22-23. Nawomi yahinduye gute ivyiyumviro, kandi yabitumwe n’iki? (Zaburi 136:23, 26)

22 Haciye igihe kanaka, Bowazi yarahaye ibifungurwa Rusi na Nawomi. (Rusi 2:14-18) None Nawomi yakiriye gute iyo ngabire? Ku bijanye na Bowazi yavuze ati: “Ahezagirwe na Yehova, we ataretse kugirira ubuntu bwuzuye urukundo abazima n’abapfuye.” (Rusi 2:20a) Emwe, Nawomi yari yahinduye ivyiyumviro! Mu ntango yari yavuganye umubabaro ngo: “Yehova . . . ya[ra]ntetereje,” none ubu na ho avuganye umunezero ngo: ‘Yehova ntiyaretse kungirira ubuntu bwuzuye urukundo.’ Ni ibiki none bishobora kuba vyaratumye Nawomi ahindura ivyiyumviro?

23 Nawomi yari atanguye kubona ko Yehova atari yaramuhevye. Yehova yari yarakoresheje Rusi kugira ngo amushigikire mu rugendo yagize asubira muri Yuda. (Rusi 1:16) Nawomi kandi yarabonye ingene Yehova amushigikira, igihe Bowazi umwe mu “bacunguzi” bo mu muryango wabo yaronsa ibifungurwa abo bakenyezi babiri abigiranye umutima mwiza. * (Rusi 2:19, 20b) Nawomi ategerezwa kuba yaciye yiyumvira ati: ‘Ubu rero ndatahuye ko Yehova atigeze ampeba. Iki gihe cose yamye ari kumwe nanje.’ (Soma Zaburi 136:23, 26.) Ese ukuntu Nawomi ategerezwa kuba yarakengurutse kubona Rusi na Bowazi baramwitayeho! Bose uko ari batatu bategerezwa kuba barakengurutse kubona Nawomi asubira kubona ibintu mu buryo bwiza.

24. Kubera iki twipfuza kuguma tugaragariza urukundo rudahemuka abo dusangiye ukwemera?

24 Ni ibiki none twigiye ku gitabu ca Rusi ku bijanye n’urukundo rudahemuka? Urukundo rudahemuka ruratuma tutihutira guheba abavukanyi na bashiki bacu bihebuye. Ruratuma kandi dukora ibishoboka vyose kugira ngo tubafashe. Abakurambere barakwiye kuremesha ku gihe kibereye abagaragariza abandi urukundo rudahemuka. Iyo tubonye abari mu nkenero basubiye kugira agatege mu vy’impwemu, turanezerwa cane. (Ivyak. 20:35) Ariko none, ni imvo nyamukuru iyihe ituma tuguma tugaragaza urukundo rudahemuka? Ni kubera ko twipfuza kwigana no guhimbara Yehova, Umwe “[a]gwije ubuntu bwuzuye urukundo [canke urukundo rudahemuka].”​—Kuv. 34:6; Zab. 33:22.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

^ ing. 5 Yehova yipfuza ko tugaragariza abavukanyi na bashiki bacu urukundo rudahemuka. Gusuzuma ingene abasavyi ba Yehova bamwebamwe bo muri kahise bagaragaje iyo kamere, birashobora kudufasha kurushiriza gutahura ico ari co urukundo rudahemuka. Muri iki kiganiro, turaza kubona ivyigwa twigira kuri Rusi, Nawomi, na Bowazi.

^ ing. 8 Kugira ngo urushirize gutahura ibivugwa muri iki kiganiro, tukuremesheje kwisomera ibivugwa muri Rusi ikigabane ca 1 n’ica 2.

^ ing. 17 Kubera ko turiko turimbura akarorero ka Nawomi, tuza turerekeza kuri bashiki bacu bari mu nkenero. Ariko rero ivyiyumviro bivugwa muri iki kiganiro, birakora no ku bavukanyi.

^ ing. 23 Ushaka kumenya ibijanye n’uruhara Bowazi yaranguye rwo kuba umucunguzi, raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo​—‘Umugore w’agahebuza,’” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2012, rup. 20.