Zaburi 136:1-26
136 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
2 Nimukengurukire ya Mana iruta izindi mana+,kuko urukundo rwayo rwamaho ibihe vyose.
3 Nimukengurukire wa Mukama w’abakama,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
4 Ni we wenyene akora ibintu vy’agatangaza+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
5 Yaremye ijuru abigiranye ubuhanga*+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
6 Yateretse isi hejuru y’amazi+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
7 Yakoze ibimuri bininibinini+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
8 izuba kugira ryake ku murango+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
9 hamwe n’ukwezi n’inyenyeri kugira vyake mw’ijoro+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
10 Yarishe imfura zo mu Misiri+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
11 Yakuye Abisirayeli mu Misiri+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
12 akoresheje ukuboko kwiwe gukomeye+ kandi kw’ububasha,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
13 Yaciyemwo kubiri ikiyaga Gitukura+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
14 Yacishije Abisirayeli hagati muri co+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
15 Yakunkumuriye Farawo n’ingabo ziwe mu kiyaga Gitukura+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
16 Yarayoboye abantu biwe mu bugaragwa+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
17 Yaratikije abami bahambaye+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
18 Yarishe abami bakomeye,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
19 Sihoni+ umwami w’Abamori,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
20 hamwe na Ogi+ umwami wa Bashani,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
21 Yaratanze igihugu cabo ngo kibe intoranwa+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose,
22 intoranwa ya Isirayeli umusavyi wiwe,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
23 Yaratwibutse igihe twari tugeze habi+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
24 Yagumye adukiza abansi bacu+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
25 Aronsa ibifungurwa igifise ubuzima cose*+,kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe vyose.
26 Nimushimire Imana yo mw’ijuru,kuko urukundo rwayo rwamaho ibihe vyose.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «abigiranye ugutegera.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»