Zaburi 33:1-22

  • Nimushemeze Umuremyi

    • «Nimumuririmbire indirimbo nshasha» (3)

    • Yaremye vyose biciye kw’ijambo ryiwe n’impwemu yiwe (6)

    • Ihanga rya Yehova rirahiriwe (12)

    • Yehova agumiza ijisho ku bamutinya (18)

33  Yemwe bagororotsi, nimunezerwe kubera Yehova+. Birabereye ko abagororotsi bamuhayagiza.   Nimukengurukire Yehova mukoresheje inanga,mumuririmbire amashemezo* n’igicurarangisho c’imirya cumi.   Nimumuririmbire indirimbo nshasha+,mumucurarangire neza mwiha akaruru k’umunezero.   Kuko ijambo rya Yehova rigororotse+,kandi ivyo akora vyose ni ivyo kwizigirwa.   Akunda ubugororotsi n’ubutungane+. Isi yose yuzuye urukundo* rwa Yehova+.   Ijambo rya Yehova ni ryo ryaremye ijuru+,impwemu* yiwe ni yo yaremye ibiri muri ryo vyose*.   Atangira amazi yo mu biyaga nk’urugomero+,agashira mu bigega amazi asuriranya.   Isi yose nitinye Yehova+. Ababa kw’isi* bose nibamwubahe.   Kuko yavuze maze ibintu vyose bikabaho+.Yaratanze itegeko na vyo birakomera+. 10  Yehova yahinduye ubusa amayeri* y’amahanga+,asambura imigambi* y’imigwi y’abantu+. 11  Ariko ingingo* Yehova yashinze zizokwamaho+.Ivyiyumviro vyiwe bizogumaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi. 12  Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,abantu yitoreye ngo bamwegukire+. 13  Yehova aritegereza ari mw’ijuru,akabona abana b’abantu bose+. 14  Yitegereza ababa kw’isiari ahantu yibera. 15  Ni we abumbabumba imitima y’abantu bose,agasuzuma ibikorwa vyabo vyose+. 16  Ingabo nyinshi si zo zirokora umwami+,kandi umunyenkomezi ntakizwa n’inguvu ziwe nyinshi+. 17  Uwizigiye gukizwa n’ifarasi* aba yihenze+.Inguvu zayo nyinshi si zo zituma umuntu arokoka. 18  Ehe! Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya+,barya barindiriye urukundo* rwiwe 19  kugira abakize urupfuno kugira abazigame mu gihe c’inzara+. 20  Yehova ni we twiteze. Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu+. 21  Imitima yacu iranezerewe kubera we,kuko twizigiye izina ryiwe ryeranda+. 22  Ewe Yehova, ese urukundo* rwawe rwoguma kuri twebwe+,mu gihe tuguma tukurindiriye+!

Utujambo tw'epfo

Canke «mumucurarangire.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «impemu zo mu kanwa kiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zo kuri ryo zose.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «ivyiyumviro.»
Canke «impanuro.»
Canke «impanuro.»
Canke «iyaruka.»
Canke «uwizigiye gutahukana intsinzi kubera ifarasi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»