Zaburi 33:1-22
33 Yemwe bagororotsi, nimunezerwe kubera Yehova+.
Birabereye ko abagororotsi bamuhayagiza.
2 Nimukengurukire Yehova mukoresheje inanga,mumuririmbire amashemezo* n’igicurarangisho c’imirya cumi.
3 Nimumuririmbire indirimbo nshasha+,mumucurarangire neza mwiha akaruru k’umunezero.
4 Kuko ijambo rya Yehova rigororotse+,kandi ivyo akora vyose ni ivyo kwizigirwa.
5 Akunda ubugororotsi n’ubutungane+.
Isi yose yuzuye urukundo* rwa Yehova+.
6 Ijambo rya Yehova ni ryo ryaremye ijuru+,impwemu* yiwe ni yo yaremye ibiri muri ryo vyose*.
7 Atangira amazi yo mu biyaga nk’urugomero+,agashira mu bigega amazi asuriranya.
8 Isi yose nitinye Yehova+.
Ababa kw’isi* bose nibamwubahe.
9 Kuko yavuze maze ibintu vyose bikabaho+.Yaratanze itegeko na vyo birakomera+.
10 Yehova yahinduye ubusa amayeri* y’amahanga+,asambura imigambi* y’imigwi y’abantu+.
11 Ariko ingingo* Yehova yashinze zizokwamaho+.Ivyiyumviro vyiwe bizogumaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi.
12 Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,abantu yitoreye ngo bamwegukire+.
13 Yehova aritegereza ari mw’ijuru,akabona abana b’abantu bose+.
14 Yitegereza ababa kw’isiari ahantu yibera.
15 Ni we abumbabumba imitima y’abantu bose,agasuzuma ibikorwa vyabo vyose+.
16 Ingabo nyinshi si zo zirokora umwami+,kandi umunyenkomezi ntakizwa n’inguvu ziwe nyinshi+.
17 Uwizigiye gukizwa n’ifarasi* aba yihenze+.Inguvu zayo nyinshi si zo zituma umuntu arokoka.
18 Ehe! Ijisho rya Yehova riri ku bamutinya+,barya barindiriye urukundo* rwiwe
19 kugira abakize urupfuno kugira abazigame mu gihe c’inzara+.
20 Yehova ni we twiteze.
Ni we mutabazi wacu n’inkinzo yacu+.
21 Imitima yacu iranezerewe kubera we,kuko twizigiye izina ryiwe ryeranda+.
22 Ewe Yehova, ese urukundo* rwawe rwoguma kuri twebwe+,mu gihe tuguma tukurindiriye+!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mumucurarangire.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «impemu zo mu kanwa kiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zo kuri ryo zose.»
^ Canke «isi yimbuka.»
^ Canke «ivyiyumviro.»
^ Canke «impanuro.»
^ Canke «impanuro.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «uwizigiye gutahukana intsinzi kubera ifarasi.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»