Rusi 1:1-22
1 Mu gihe c’abacamanza*+, inzara yarateye mu gihugu. Nuko umugabo umwe ava i Betelehemu+ mu Buyuda yimukira mu karere* ka Mowabu+, ari kumwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri.
2 Uwo mugabo yitwa Elimeleki*, umugore wiwe akitwa Nawomi*. Abahungu biwe babiri na bo bitwa Mahiloni* na Kiliyoni*. Bari Abanyefurata b’i Betelehemu mu Buyuda. Nuko bashika mu karere ka Mowabu maze bagumayo.
3 Haciye igihe, Elimeleki umugabo wa Nawomi yarapfuye, maze Nawomi asigarana n’abahungu biwe babiri.
4 Abo bahungu bahavuye bubakana n’abagore b’Abanyamowabukazi. Umwe yitwa Orupa, uwundi akitwa Rusi+. Bamazeyo nk’imyaka cumi.
5 Mu nyuma, abo bahungu babiri Mahiloni na Kiliyoni na bo nyene barapfuye, Nawomi aba abuze abana biwe babiri n’umugabo wiwe.
6 Yaciye rero afata ingingo yo kuva i Mowabu kugira asubire iwabo ari kumwe n’abakazana biwe, kuko yari yarumvise ko Yehova yitwararitse abantu biwe mu kubaronsa ibifungurwa*.
7 Nuko ava aho hantu yari amaze igihe aba, ajana n’abakazana biwe babiri. Maze bari mu nzira basubira mu gihugu c’Ubuyuda,
8 Nawomi abwira abakazana biwe babiri ati: «Nimugende, umwe wese yisubirire kwa nyina wiwe. Yehova abagirire ubuntu*+ nk’uko mwabugiriye abagabo banyu hamwe na jewe.
9 Ese Yehova yobafasha*, umwe wese akaronka umugabo kandi agatekanirwa mu rugo rwiwe*+!» Araheza arabasoma, baca bararira cane.
10 Na bo baguma bamubwira bati: «Oya, ahubwo turajana mu bantu b’iwanyu.»
11 Ariko Nawomi ababwira ati: «Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mushaka kujana nanje? Noba ngishobora kuvyara abahungu ngo baze bababere abagabo+?
12 Subire inyuma, bakobwa banje. Nimwigire, kuko nshaje cane ku buryo ntoba nkironka umugabo. Naho nari kuba niteze kuronka umugabo muri iri joro hanyuma nkavyara abahungu,
13 mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka gusubira kurongorwa ngo ni bo murindiriye? Oya, bakobwa banje, ivyabashikiye birambabaje cane, kuko Yehova yandwanije*+.»
14 Baca bongera kurira cane, maze Orupa asoma inabukwe, araheza arigira. Ariko Rusi we yanka gutandukana na we.
15 Nuko Nawomi abwira Rusi ati: «Ehe mugenzawe asubiye mu b’iwabo no ku mana ziwe. Nimusubirane inyuma.»
16 Ariko Rusi amwishura ati: «Reka kunyinginga ngo ndaguhebe, ngo ndeke kujana nawe, kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje+.
17 Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho nzohambwa. Yehova azobimpanire bimwe bikomeye, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.»
18 Nawomi abonye ko Rusi ashimitse ngo bajane, aca aramureka.
19 Nuko bose babandanya urugendo gushika i Betelehemu+. Bagishika i Betelehemu, igisagara cose gitangura kuvuganga ivyabo, abagore baho bakaguma babaza bati: «Urya ni Nawomi?»
20 Na we akababwira ati: «Ntimunyite Nawomi*. Nimunyite Mara*, kuko Mushoboravyose yatumye ubuzima bumbera umururazi+.
21 Nagiye mfise vyose, none Yehova angarukanye ngaragara. Kuki munyita Nawomi kandi Yehova ari we yandwanije, Mushoboravyose akaba ari we yanteje ivyago+?»
22 Ukwo ni ko Nawomi yagarutse avuye mu karere ka Mowabu+, ari kumwe na Rusi umukazana wiwe w’Umunyamowabukazi. Bashitse i Betelehemu iyimbura rya sayiri* ritanguye+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «igihe abacamanza ari bo baca imanza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu matongo.»
^ Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni umwami.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uw’igikundiro.»
^ Iryo zina rishobora kuba rikomoka kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «kugoyagoya» canke «kurwara.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uwugeze habi», «uwuri ku mushiro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
^ Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kandi akaronka ahantu ho kuruhukira.»
^ Canke «yobaha ingabire.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuko ukuboko kwa Yehova kwandwanije.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uw’igikundiro.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umururazi.»
^ Sayiri ni ubwoko bw’ingano.