Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ririmbana umunezero!

Ririmbana umunezero!

“[Ni] vyiza guhibongoreza Imana yacu.”​—ZAB. 147:1.

INDIRIMBO: 10, 2

1. Kuririmba bidufasha gute?

UMWANDITSI umwe w’indirimbo azwi cane yavuze ati: “Kwumva amajambo bituma utahura iciyumviro. Kwumva umudiho bivyura inyiyumvo. Ariko kuririmba bituma amajambo agukora ku mutima.” Hari amajambo none yodukora ku mutima kuruta ayashemeza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova akongera agaserura urwo tumukunda? Ntibitangaje rero kubona kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga gutyoroye, waba uririmba uri wenyene canke uri kumwe n’abagize ishengero.

2, 3. (a) Bamwebamwe babona gute kuririmba n’ijwi rirenga mw’ishengero? (b) Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

2 None ubona gute ibijanye no kuririmba n’ijwi rirenga uri mw’ishengero? Vyoba bigutera isoni? Mu mihingo imwimwe, abagabo boshobora kugira isoni zo kuririmba mu bantu. Ivyo vyoshobora kwandukira ishengero ryose, na canecane igihe abaja imbere abandi batitaho ivyo kuririmba canke bafatirwa n’ibindi igihe abagize ishengero baba bariko bararirimba.​—Zab. 30:12.

3 Nimba tubona ko kuririmba ari umuce w’ugusenga kwacu, hageze kuririmba ntituzosohoka canke ngo dutwarwe n’ibindi. Umwe wese rero yokwibaza ati: ‘Kuririmba mu makoraniro ndabibona gute? Notsinda gute ikintu cose cotuma ntaririmba n’ijwi ryumvikana? Vyongeye, ni ibiki vyomfasha kuririmbana igishika indirimbo zacu?’

KURIRIMBA NI UMUCE UHAMBAYE W’UGUSENGA KW’UKURI

4, 5. Kuririmbira Imana vyahabwa agaciro kangana iki muri Isirayeli ya kera?

4 Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa baramushemeza bakoresheje umuziki. Igihe cose Abisirayeli bakorera Yehova badahemuka, kuririmba wari umuce uhambaye w’ugusenga kwabo. Nk’akarorero, igihe Umwami Dawidi yariko arategura ibijanye n’igikorwa co ku rusengero, yarashizeho Abalewi 4.000 kugira baririmbire Yehova amashemezo. Muri bo, harimwo abahanga 288 “bamenyerejwe mu vy’ukuririmbira Yehova.”​—1 Ngo. 23:5; 25:7.

5 Mu gihe co kwinjira urwo rusengero, baracuraranze bongera bararirimba birakomera. Bibiliya ivuga iti: “Nuko abavuza inzumbete n’abaririmvyi, bakimara kuba nk’umuntu umwe, mu gutuma humvikana ijwi rimwe mu gushemeza no gukengurukira Yehova, vyongeye bakimara kwumvikanisha ijwi bakoresheje inzumbete n’ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’ururirimbo, bagashemeza Yehova, . . . ubuninahazwa bwa Yehova [bwaciye bwuzura] inzu y’Imana y’ukuri.” Ese ukuntu cari ikiringo gikomeza ukwizera!​—2 Ngo. 5:13, 14; 7:6.

6. Dondora ingene abaririmvyi babiciye bigacika igihe Nehemiya yari buramatari i Yeruzalemu.

6 Igihe Nehemiya yahagarikira Abisirayeli b’intahemuka kugira ngo basanure impome za Yeruzalemu, yarashizeho n’Abalewi baririmba bakoresheje ibicurarangisho. Igihe begurira Yehova izo mpome, abaririmvyi barabiciye biracika bituma haba akanyamuneza kenshi. Ico gihe hari “imigwi ibiri mininiminini y’abaririmvyi y’ugukenguruka.” Iyo migwi yaciye hejuru ku ruhome, umwe iburyo uwundi ibubamfu, maze ihurira hafi y’urusengero. Yaciye isamiriza amajwi ku buryo yumvikana gushika kure. (Neh. 12:27, 28, 31, 38, 40, 43) Nta gukeka ko Yehova yahimbawe no kwumva abasavyi biwe bariko baramushemeza banezerewe.

7. Yezu yerekanye gute ko kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri?

7 N’igihe nyene ishengero rya gikirisu ryashingwa, umuziki wagumye ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri. No muri rya joro rihambaye cane, igihe Yezu yari ahejeje gutanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, bararirimvye.​—Soma Matayo 26:30.

8. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere badusigiye gute akarorero mu bijanye no kuririmbira Imana?

8 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baradusigiye akarorero ko kuririmbira Imana dukoraniye hamwe. Naho kenshi bakoranira mu mazu y’abantu, ntivyababuza kuririmbira Yehova. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Mugume mwigishanya mwongera mukeburana mukoresheje amazaburi, amashemezo aturwa Imana, indirimbo z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro, muririmbira Yehova mu mitima yanyu.” (Kol. 3:16) Mu vy’ukuri, indirimbo zo mu gitabu cacu ni “indirimbo z’ivy’impwemu zijana n’igikundiro.” Ziri mu bigize ibifungurwa bitangwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”​—Mat. 24:45.

INGENE WOTSINDA ISONI

9. (a) Ni ibiki bishobora gutuma bamwe bataririmbana igishika ku makoraniro yacu no ku materaniro yacu? (b) Twobigenza gute igihe turirimbira Yehova amashemezo, kandi ni bande bakwiye gufata iya mbere? (Raba ishusho itangura.)

9 Mu muryango wanyu, mu mico yanyu canke aho ubaye, mushobora kuba mudakunda kuririmba. Ikindi na co, ushobora kuba wumviriza indirimbo z’abaririmvyi karuhariwe biciye ku buhinga bwa none. Ariko rero, ugereranije ijwi ryawe n’iry’abo baririmvyi woshobora kwihebura canke gucika intege. Yamara rero, ivyo ntibikwiye kukubuza gushemeza Yehova. Ahubwo riho, nutarike igitabu cawe c’indirimbo, uraramure umutwe, maze uririmbane igishika! (Ezr. 3:11; soma Zaburi 147:1.) Muri iki gihe, mu Ngoro z’Ubwami nyinshi amajambo y’indirimbo aza arerekanwa kuri televiziyo, ivyo bikaba bidufasha kuririmba n’ijwi ryumvikana. Vyongeye, birashimishije kubona ubu abakurambere basigaye baririmba muri rya Shure ry’ubusuku bw’Ubwami. Ivyo birerekana ko abakurambere bakwiye gufata iya mbere mu kuririmba mw’ishengero.

10. Dukwiye kwibuka iki nimba dutinya kuririmba n’ijwi ryumvikana?

10 Kimwe mu bituma abantu benshi bataririmba n’ijwi ryumvikana ni ubwoba. Bashobora gutinya ko bohava bumvikana kuruta abandi canke bakibaza ko badafise ijwi ryiza. Ariko rero, turakwiye kwibuka ko igihe tuvuga, “twese dutsitara kenshi.” (Yak. 3:2) Yamara, ntiduca tureka kuvuga. Wumva none dukwiye kureka ngo amajwi yacu atameze neza atubuze gushemeza Yehova?

11, 12. Ni ibiki vyodufasha kuryohora uburyo turirimba?

11 Dushobora kuba dutinya kuririmba cane kubera ko tutazi kuririmba neza. Ariko rero, hariho ibintu bimwebimwe vyodufasha kuryohora uburyo turirimba.

12 Guhema neza birashobora kugufasha kuririmba n’ijwi ryumvikana. Nka kurya nyene umuyagankuba ufise inguvu zo kwatsa itara, guhema neza biraha inkomezi ijwi ryawe igihe uriko uravuga canke uraririmba. Ukwiye kuririmba n’ijwi ryumvikana nka kurya nyene ubigira uriko uravuga, canke mbere ukarushirizaho. (Raba ivyiyumviro biri mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 181 gushika ku rwa 184, munsi y’agatwe kavuga ngo “Hema neza.”) Nkako, Ivyanditswe rimwe na rimwe bisaba abasavyi ba Yehova “[kwiha] akamo k’umunezero” igihe bariko baramuririmbira.​—Zab. 33:1-3.

13. Vuga ivyodufasha kuririmba n’ijwi ryumvikana.

13 Mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango canke wewe ubwawe, nugerageze ibi bintu: Tora ururirimbo rumwe mu zo ukunda mu gitabu cacu c’indirimbo. Soma amajambo yarwo n’ijwi ryumvikana. Nuce ukwega impemu hanyuma usome iryungane ryose n’ijwi ryumvikana kandi udahemutse. Mu nyuma, ririmba iryo ryungane ukoresheje rya jwi nyene. (Yes. 24:14) Niwabigenza gutyo, ijwi ryawe rizogira inkomezi, kandi ico ni ikintu ciza. Ntibigutere ubwoba canke isoni!

14. (a) Guteranura akanwa bidufasha gute mu kuririmba? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ivyogufasha kuririmba neza.”) (b) Ni ivyiyumviro ibihe wasanze ari ngirakamaro?

14 Ntushobora kuririmba n’ijwi ryumvikana udateranuye umunwa bihagije. Ikindi kintu cogufasha rero, ni uguteranura akanwa kuruta uko ubigira uriko uravuga. None wokora iki nimba wiyumvira ko ufise ijwi ritoyi canke riri hejuru cane? Urashobora kuronka ivyiyumviro vyogufasha gutorera umuti izo ngorane mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, urupapuro rwa 184, mu ruzitiro ruvuga ngo “Kurengera ingorane zinaka.”

RIRIMBA N’UMUTIMA WAWE WOSE

15. (a) Ni itangazo irihe ryasohotse kw’ikoraniro rya buri mwaka ryabaye mu 2016? (b) Bimwe mu vyatumye igitabu c’indirimbo gisubirwamwo ni ibihe?

15 Kw’ikoraniro rya buri mwaka ryo mu 2016, abantu bararyohewe cane igihe umuvukanyi Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi yatangaza ko hasohotse igitabu gishasha c’indirimbo gifise umutwe uvuga ngo Turirimbire Yehova tunezerewe. Umuvukanyi Lett yasiguye ko kimwe mu vyatumye igitabu c’indirimbo gisubirwamwo ari ukugira ngo gihuzwe n’amajambo yo muri Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu 2013. Ivyo vyasavye ko amajambo atakiboneka muri iyo Bibiliya ahindurwa canke ahinyanyurwa. Vyongeye, harongewemwo indirimbo zijanye n’igikorwa turangura co kwamamaza be n’izigaragaza ko dukenguruka incungu. N’ikindi kandi, kubera ko kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga kwacu, Inama Nyobozi yashaka gusohora igitabu gikomeye gifise igipfukisho gisa n’ic’iyo Bibiliya yasubiwemwo.

16, 17. Ni ibiki vyahinduwe mu gitabu c’indirimbo gishasha?

16 Kugira bitworohere gukoresha ico gitabu gishasha, indirimbo zatondetswe hisunzwe ivyo zivuga. Nk’akarorero, indirimbo 12 zitangura zivuga ivyerekeye Yehova, 8 zikurikira zikavuga ivyerekeye Yezu n’incungu, gutyo gutyo. Kirimwo n’ironderero rishobora gufasha umuntu nk’igihe yoba yipfuza guhitamwo ururirimbo yokoresha ku nsiguro ya bose.

17 Kugira ngo umwe wese ashobore kuririmba bivuye ku mutima, amajambo amwamwe yarahinyanyuwe kugira iciyumviro kirushirize gutomoka, ayatakimenyerewe na yo arakurwamwo. Nk’akarorero, ururirimbo rwavuga ngo “Twigane ukwiyumanganya kwa Yehova” ubu ruvuga ngo “Tugaragaze ukwihangana,” kandi amajambo yararyohowe. Urwavuga ngo “Rinda umutima wawe” vyari bibereye ko ruhindurwa ngo “Turinde imitima yacu.” Uti kuki? Mu makoraniro yacu, mu materaniro no mu mahwaniro usanga hari abo tuba twatumiye, abo twigana Bibiliya, abakiri bato be na bashiki bacu, bikaba bitabereye ko bahimiriza abandi ico bakwiye gukora. Ni co gituma rero umutwe be n’amajambo vy’urwo ruririmbo vyahinduwe.

Nimwimenyereze indirimbo mu gusenga kwo mu muryango (Raba ingingo ya 18)

18. Kubera iki dukwiye kwiga indirimbo zo mu gitabu cacu gishasha? (Raba n’akajambo k’epfo.)

18 Nyinshi mu ndirimbo zo mu gitabu Turirimbire Yehova tunezerewe ziteguwe mu buryo bw’isengesho. Zirashobora kugufasha guserurira Yehova akari ku mutima. Izindi ziratuvyurira “ugukundana n’ibikorwa vyiza.” (Heb. 10:24) Nta gukeka ko twipfuza kumenya umuziki w’indirimbo zacu n’amajambo yazo. Kwumviriza izo ndirimbo kuri jw.org bizobigufashamwo. Niwimenyereza kuziririmba uri muhira, uzoshobora kuziririmba n’ijwi ryumvikana kandi ubigiranye igishika. *

19. Abagize ishengero bose bashobora gute kugira uruhara mu gusenga Yehova?

19 Twibuke ko kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga kwacu. Ni uburyo buhambaye bwo kwereka Yehova ko tumukunda kandi ko tumukengurukira. (Soma Yesaya 12:5.) Niwaririmba n’ijwi ryumvikana kandi unezerewe, uzoba uriko uraremesha abandi kubigenza gutyo. Abagize ishengero bose, baba abato, abakuze be na bashasha, barashobora kugira uruhara muri uwo muce wo gusenga Yehova. Ntiwitinye rero kuririmba n’umutima wawe wose. Ahubwo nyabuna, nugamburuke ubuyobozi butomoye dusanga muri Zaburi, bugira buti: “Ririmbire Yehova!” Egome, ririmbana umunezero!​—Zab. 96:1.

^ ing. 18 Kugira ngo twitegurire kuririmba, buri kiringo c’iteraniro n’ihwaniro gitangurwa n’umuziki umara iminuta cumi. Uwo muziki utunganijwe ku buryo udufasha kwitegurira kuririmba no gukurikira neza ibiza kuvugwa. Ku bw’ivyo, turemeshejwe gufata ibibanza vyacu hakiri kare kugira twumvirize umuziki w’intango.