Ngoma za kabiri 7:1-22
7 Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mw’ijuru+, uturira ishikanwa riturirwa n’ibindi bimazi. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bwuzura iyo nzu+.
2 Abaherezi ntibashoboye kwinjira mu nzu ya Yehova kuko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+.
3 Abisirayeli bose babonye uwo muriro umanutse, bakabona n’ubuninahazwa bwa Yehova kuri iyo nzu, baca barunama mu maso hashika hasi ku mabuye ashashe. Maze bakengurukira Yehova «kuko ari mwiza, urukundo* rwiwe rukaba rwamaho ibihe vyose.»
4 Umwami n’abantu bose bashikanira Yehova ibimazi+.
5 Umwami Salomo ashikanira Imana inka 22.000 n’intama 120.000. Ni ukwo vyagenze igihe umwami n’abantu bose binjira inzu y’Imana y’ukuri+.
6 Abaherezi bari bahagaze mu bibanza bakoreramwo, cokimwe n’Abalewi bari bafise ibicurarangisho bakoresha mu kuririmbira Yehova+. (Umwami Dawidi yakoze ivyo bicurarangisho kugira aze arabikoresha mu gukengurukira Yehova igihe yaba ariko aramushemeza biciye kuri bo*, «kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.») Abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ bari imbere y’Abalewi, Abisirayeli bose na bo bahagaze.
7 Maze Salomo yeza igice co hagati c’ikigo cari imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira amashikanwa aturirwa+ n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ yari yarakoze kitakwiwemwo ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete+ n’ivyo bihimba binuze+.
8 Ico gihe Salomo agira umusi mukuru wamaze imisi indwi+ ari kumwe n’Abisirayeli bose. Ryari ishengero rinini cane ryaje riva i Lebo-Hamati* no gushika ku mwonga* wa Misiri+.
9 Bamaze imisi indwi bari mu vyo gushikiriza Imana nya gicaniro, bamara n’iyindi misi indwi bagira umusi mukuru. Mugabo ku musi ugira umunani* bagira ikoraniro ridasanzwe+.
10 Ku musi ugira 23 w’ukwezi kugira indwi, umwami asezera abantu. Baca barataha banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima kubera ivyiza vyose Yehova yakoreye Dawidi, Salomo n’ihanga ryiwe Isirayeli+.
11 Nuko Salomo arangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. Ikintu cose yari yipfuje gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova be n’ikirimba ciwe yaragikoze neza+.
12 Maze Yehova abonekera Salomo+ mw’ijoro, amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe, kandi natoye aha hantu ngo habe ahanje, habe inzu itangirwamwo ibimazi+.
13 Ninugara ijuru ntihagwe imvura, canke nkategeka ibihori guhonya igihugu, canke nkarungika ikiza mu bantu banje,
14 maze abantu banje bitirirwa izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga, bakandondera*, bagaheba ingeso zabo mbi+, nzoheza ndabumve ndi mw’ijuru ndabababarire igicumuro cabo, nkize igihugu cabo+.
15 Ubu rero nzogumiza ijisho ku basengera ng’aha, numvirize n’amasengesho yabo+.
16 Iyi nzu nayitoye nongera ndayeza kugira ngo yame yitirirwa izina ryanje+, kandi nzoyamizako ijisho n’umutima+.
17 Nawe niwigenza neza nka so Dawidi, ugakora ivyo nagutegetse vyose kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+,
18 nanje rero nzokomeza ubwami bwawe+ nk’uko nabisezeraniye so Dawidi+, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwuganza Isirayeli+.”
19 Mugabo nimwantera akagere, mukareka gukurikiza amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+,
20 nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’iyi nzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso. Izosigara igayitse*, ibe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+.
21 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe+, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?”
22 Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza yabakuye mu gihugu ca Misiri+, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*+. Ni co catumye abateza ibi vyago vyose+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Bashobora kuba ari Abalewi.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ku musi ukurikira uwo musi mukuru, ni ukuvuga ku musi ugira 15.
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bakarondera mu maso hanje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
^ Canke «bazosigara bayicako umugani.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»

