Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 36

Turinde imitima yacu

Select an Audio Recording
Turinde imitima yacu
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Imigani 4:23)

  1. 1. Turind’imitima yacu

    Twoye gucumura.

    Bury’Iman’irayisoma.

    Nta c’idatahura.

    Umutim’uraba mubi

    Ukatuzimiza.

    Tuwurinz’ibihumanya

    Hazovamw’ivyiza.

  2. 2. Twitegure mu mutima,

    Tubone gusenga.

    Tuyishime, tuyiture,

    Kuko tutigenga.

    Ivyo Yehova yigisha

    Tubigamburuke.

    Tugume tumushimisha,

    Ntitugahemuke.

  3. 3. Tuwurind’ivyiyumviro

    Biteye kubiri

    N’Ijambo ry’Imana, twoye

    Kub’ab’umubiri.

    Yehov’arakunda barya

    Banka guhemuka.

    Tuzoguma tumusenga,

    Na w’azotwibuka.