Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Yehova Imana yacu ni Yehova umwe”

“Yehova Imana yacu ni Yehova umwe”

“Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.”​—GUS. 6:4.

INDIRIMBO: 138, 112

1, 2. (a) Kubera iki amajambo ari mu Gusubira mu vyagezwe 6:4 azwi cane? (b) Kubera iki Musa yavuze ayo majambo?

MU BINJANA n’ibindi, hari isengesho ridasanzwe Abayuda bamye batura, ritigera riburamwo amajambo dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 6:4. Baritura buri musi, mu gitondo no ku mugoroba. Iryo sengesho ryitwa Shema, iryo zina rikaba rishingiye kw’ijambo ritangura uwo murongo. Iyo Abayuda b’imena batuye iryo sengesho, baba berekanye ko batazokwigera babangikanya Imana.

2 Ayo majambo ari mu bigize insiguro ya nyuma Musa yashikirije Abisirayeli, igihe bari bakoraniye mu biyaya vya Mowabu mu 1473 imbere ya Kristu. Bari bimirije kujabuka Uruzi Yorodani kugira bigarurire Igihugu c’isezerano. (Gus. 6:1) Musa yari amaze imyaka 40 ayobora iryo hanga, akaba yashaka ko abo bantu bitegurira guhangana n’ingorane zobashikiye, babigiranye umutima rugabo. Bari bakeneye kwizigira Yehova no kutamuhemukira. Birumvikana ko ayo majambo Musa yababwiye ubwa nyuma yobaremesheje cane. Musa amaze kubibutsa ya Mabwirizwa Cumi be n’ayandi mategeko Yehova yari yarahaye iryo hanga, yaciye avuga amajambo akomeye ari mu Gusubira mu vyagezwe 6:4, 5. (Soma.)

3. Ni ibibazo ibihe turimbura muri iki kiganiro?

3 None abo Bisirayeli bari kumwe na Musa ntibari bazi ko Yehova Imana yabo ari “Yehova umwe”? Bari babizi. Abisirayeli b’abizigirwa bari bazi Imana imwe gusa kandi ni yo basenga, ni ukuvuga ya Mana ya basekuruza babo Aburahamu, Izahaki na Yakobo. None ko bari bayizi, ni kubera iki Musa yabibukije ko Yehova Imana yabo ari “Yehova umwe”? Kuba Yehova ari Imana imwe vyoba bifitaniye isano no kumukunda n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’inguvu zacu zose, nk’uko bivugwa ku murongo wa 5? Vyongeye, ayo majambo ari mu Gusubira mu vyagezwe 6:4, 5 atwerekeye gute muri kino gihe?

IMANA YACU NI “YEHOVA UMWE”

4, 5. (a) Imwe mu nsobanuro z’imvugo ngo “Yehova umwe” ni iyihe? (b) Yehova atandukanye gute n’imana z’amahanga?

4 Ntasanzwe. Mu giheburayo cokimwe no mu zindi ndimi nyinshi, imvugo ngo “Yehova umwe” yerekana ko Yehova adasanzwe, ko ata wundi ameze nka we. Ng’aho, bisa n’uko Musa atariko abeshuza ayandi mahanga yasenga imana zigizwe na zitatuzitatu. Yehova ni we yaremye ijuru n’isi. Ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ni we Mana y’ukuri wenyene, kandi nta yindi mana imeze nka we. (2 Sam. 7:22) Musa rero yariko yibutsa Abisirayeli ko bakwiye gusenga Yehova wenyene gusa. Babwirizwa kutigana amahanga yari abakikuje yasenga imana n’imanakazi zitandukanye. Zimwe muri izo mana zabonwa ko ziganza ibintu bimwebimwe mu bidukikije. Izindi na zo zafatwa ko zikomoka ku mana kanaka.

5 Nk’akarorero, Abanyamisiri barasenga imana-zuba yitwa Rê, imana y’ikirere yitwa Nout, imana y’isi yitwa Geb, imana y’Uruzi Nili yitwa Hapi, be n’ibindi bikoko vyafatwa ko ari vyeranda. Nyinshi muri izo mana z’ikinyoma Yehova yarazahiye umuti biciye kuri vya Vyago cumi yateza. Imana kizigenza y’Abanyakanani yari Bayali, imana y’irondoka, ikaba kandi yabonwa ko ari imana y’ikirere, imvura n’ibihuhusi. Mu mihingo myinshi, Bayali ni yo wasanga bahurumbira. (Guh. 25:3) Abisirayeli bategerezwa kwibuka ko Imana yabo ari “Yehova umwe,” ya “Mana y’ukuri.”​—Gus. 4:35, 39.

6, 7. Iyindi nsobanuro y’imvugo ngo “Yehova umwe” ni iyihe, kandi Yehova yerekanye gute ko yama ari “wa wundi nyene”?

6 Ntahindagurika kandi ntahemuka. Imvugo ngo “Yehova umwe” yerekana kandi ko imigambi yiwe n’ibikorwa vyiwe bidahindagurika. Yehova Imana si mahindagu. Yama ari wa wundi kandi yama ari umwizigirwa. Ntiyigera ahemuka kandi yama ari imvugakuri. Yarasezeraniye Aburahamu ko uruvyaro rwiwe rwotoranye Igihugu c’isezerano, kandi yarakoze ibintu bikomeye kugira ngo uwo muhango uranguke. Naho habanje guca imyaka 430, umuhango wa Yehova ntiwigeze uhinduka.​—Ita. 12:1, 2, 7; Kuv. 12:40, 41.

7 Haciye ibinjana n’ibindi, igihe Yehova yabwira Abisirayeli ko ari Ivyabona vyiwe, yavuze ati: “Ndi wa wundi nyene. Imbere yanje nta Mana yabumbwe, kandi inyuma yanje nta yigeze ihaba.” Mu gushimika ku kuntu umugambi wiwe udahinduka, yaciye yongerako ati: “Igihe cose ndi wa wundi nyene.” (Yes. 43:10, 13; 44:6; 48:12) Ese ukuntu Abisirayeli bari baratewe agateka kadasanzwe ko kuba abasavyi ba Yehova, ya Mana idahindagurika kandi yizigirwa mu nzira zayo zose! Ako gateka na twebwe twaragatewe.​—Mal. 3:6; Yak. 1:17.

8, 9. (a) Yehova asaba iki abamusenga? (b) Yezu yerekanye gute ko ya majambo Musa yavuga ahambaye cane?

8 Egome, Musa yaribukije Abisirayeli ko urukundo Yehova abakunda be n’ingene abitwararika bitokwigeze bihinduka. Birumvikana rero ko ari we wenyene bari bakwiye gusenga, bakamukunda baherejeko, n’umutima wabo wose, n’ubuzima bwabo bwose be n’inguvu zabo zose. Vyari vyitezwe ko n’abakiri bato babigenza gutyo nyene, kubera ko abavyeyi babo bategerezwa kutagisha akaryo na kamwe ko kubigisha.​—Gus. 6:6-9.

9 Kubera ko Yehova yama ari wa wundi, akaba adahindagurika ku bijanye n’umugambi wiwe, birumvikana ko ibintu nyamukuru asaba abamusenga b’ukuri bitahindutse gushika n’uyu musi. Kugira Yehova yemere ugusenga kwacu, na twebwe dutegerezwa kumwihebera wenyene, tukamukunda n’umutima wacu wose, n’umuzirikanyi wacu wose be n’inkomezi zacu zose. Nkako, ivyo nyene ni vyo Yezu Kristu yishuye umuntu umwe yigeze kumubaza ikibazo. (Soma Mariko 12:28-31.) Nimuze rero turabe ingene twokwerekana mu bikorwa yuko vy’ukuri dutahura ko “Yehova Imana yacu [ari] Yehova umwe.”

NIWIHEBERE YEHOVA WENYENE

10, 11. (a) Twerekana gute ko Yehova ari we wenyene dusenga? (b) Abasore b’Abaheburayo bari i Babiloni berekanye gute ko bari bihebeye Yehova wenyene?

10 Kugira ngo Yehova atubere Imana imwe rudende, dukwiye kumwihebera wenyene. Ntidukwiye kugira iyindi mana n’imwe tumubangikanya canke ngo hagire iciyumviro na kimwe canke umugirwa n’umwe ujanye n’ugusenga kw’ikinyoma dusukiranya n’ugusenga kw’ukuri. Yehova si Imana iri hejuru y’izindi mana gusa canke iyizirusha inkomezi vyonyene, ahubwo ni we Mana yonyene y’ukuri. Ni we gusa akwiriye gusengwa.​—Soma Ivyahishuwe 4:11.

11 Igitabu ca Daniyeli kiravuga ivyerekeye abasore b’Abaheburayo, ari bo Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya. Barerekanye ko bari barihebeye Yehova wenyene mu kwanka kurya ibifungurwa vyari bihumanye no mu kwanka kwunamira igishushanyo c’inzahabu Nebukadinezari yari yashinze. Kuri bo vyari bitomoye: Nta yindi mana bari guhirahira ngo basenge.​—Dan. 1:1–3:30.

12. Kugira ngo twihebere Yehova wenyene, ni igiki dutegerezwa kubako maso?

12 Kugira ngo twihebere Yehova wenyene, dutegerezwa kuba maso kugira ntihagire ikintu na kimwe gifata ikibanza Yehova wenyene akwiriye gufata mu buzima bwacu. Ivyo bintu ni nk’ibihe? Muri ya Mabwirizwa Cumi, Yehova yaratomoye ko abasavyi biwe batari bakwiye kugira iyindi mana bamubangikanya canke ngo basenge ikigirwamana na kimwe. (Gus. 5:6-10) Muri kino gihe, hariho uburyo butandukanye bwo gusenga ibigirwamana, bumwe muri bwo bukaba budashoka bwibonekeza. Ariko ivyo Yehova asaba ntivyahindutse. Aracari “Yehova umwe.” Reka turabe ingene ivyo bitwerekeye.

13. Ni ingeso izihe zoshobora kunyoha urukundo dukunda Yehova?

13 Mu Bakolosayi 3:5 (soma), turahasanga impanuro ikomeye ihabwa abakirisu yerekeye ibintu vyotuma babangikanya Yehova. Urabona ko umwina ugereranywa n’ugusenga ibigirwamana. Uti kubera iki? Kubera ko igihe umuntu yipfuje ikintu, ryaba itunga canke ibintu bihambaye, gishobora kumwigarurira gushika n’aho gicika nk’imana yiwe. Ariko rero turavye uwo murongo wose, turabona ko ingeso zose zavuzwe hari ukuntu zifitaniye isano n’umwina, gutyo zikaba zifitaniye isano no gusenga ibigirwamana. Nimba rero dutwarwa umutima n’ivyo bintu, birashobora kunyoha urukundo dukunda Imana. Wumva none twokwigerezako ngo twemere ko hagira n’imwe muri ngeso itwigarurira, ku buryo Yehova ataba akiri “Yehova umwe” kuri twebwe? Nta wovyubahuka.

14. Ni ingabisho iyihe intumwa Yohani yatanze?

14 Intumwa Yohani yaravuze ikintu nk’ico nyene. Yaratanze ingabisho ivuga yuko mu gihe umuntu akunze ibiri mw’isi, ni ukuvuga “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho,” ‘urukundo rwa Data rutaba ruri muri we.’ (1 Yoh. 2:15, 16) Ivyo vyerekana ko dukwiye kwama dusuzuma umutima wacu kugira turabe ko tutariko turoshwa n’ivyo kwisamaza, abagenzi babi be n’inyambaro canke ukwitunganya biranga iyi si. Gukunda isi vyoshobora kandi kuba birimwo kwironderera “ibintu bihambaye,” nk’akarorero, mu kwiga amashure ahanitse. (Yer. 45:4, 5) Ubu turi ku bwinjiriro bwa ya si nshasha yasezeranwa. Ese rero ingene bihambaye ko tugumiza mu bwenge ya majambo Musa yavuga! Nitwatahura neza kandi tukajijuka yuko “Yehova Imana yacu [ari] Yehova umwe,” tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo abe ari we twihebera wenyene, tumukorere nk’uko avyipfuza.​—Heb. 12:28, 29.

TUZIGAME UBUMWE DUFITANIYE

15. Kubera iki intumwa Paulo yibukije abakirisu ko Imana ari “Yehova umwe”?

15 Imvugo ngo “Yehova umwe” iradufasha gutahura ko Yehova yipfuza yuko abasavyi biwe bunga ubumwe, bakagira n’intumbero imwe mu buzima. Mu kinjana ca mbere, ishengero ryari rigizwe n’Abayuda, Abagiriki, Abaroma be n’abantu bo mu yandi mahanga. Bari bahoze bemera ibitandukanye, bafise imico n’imigenzo bitandukanye. Ivyo vyatuma bamwebamwe bibagora kwemera uburyo bushasha bwo gusenga canke kuvavanura n’ivyo bahora bagenderamwo. Ni co gituma intumwa Paulo yabonye ko bibereye kubibutsa yuko abakirisu bafise Imana imwe, Yehova.​—Soma 1 Abakorinto 8:5, 6.

16, 17. (a) Ni ubuhanuzi ubuhe buriko buraranguka muri kino gihe, kandi bivamwo iki? (b) Ni ibiki vyoshobora guhungabanya ubumwe bwacu?

16 Tuvuge iki ku bijanye n’ishengero ryo muri kino gihe? Umuhanuzi Yesaya yamenyesheje ko “mu kiringo ca nyuma c’imisi,” abantu bo mu mahanga yose bosegenyutse baza mu gusenga kw’ukuri. Bovuze bati: ‘[Yehova] azotwigisha inzira ziwe, natwe tuzogendera mu minyuro yiwe.’ (Yes. 2:2, 3) Ese ukuntu duhimbarwa no kwibonera ingene ubwo buhanuzi buriko buraranguka! Ivyo tubibonera ku kuntu amashengero menshi agizwe n’abantu badasangiye ibara ry’urukoba, imico kama canke ururimi, bagashemeza Yehova bunze ubumwe. Ariko rero ubwo budasa burashobora gutuma haba ibibazo.

Woba uriko uragira ico uterera ku bumwe bw’ishengero? (Raba ingingo ya 16-19)

17 Nk’akarorero, ubona gute abakirisu bagenzawe mudahuje na gato imico kama? Ururimi bavuga, ingene bambara, bigenza canke bafungura bishobora kuba bitandukanye n’ivyo umenyereye. Woba ugerageza kubaca kure, ukifatanya canecane n’abafise imico isa n’iyawe? Bite ho nka hamwe abagenwa kuba abacungezi mw’ishengero, mu muzunguruko canke mw’ishami urimwo, boba bakiri bato canke mukaba mudasangiye imico kama canke ibara ry’urukoba? Woba ureka ivyo bintu bigahungabanya ubumwe bukwiye kurangwa mu basavyi ba Yehova?

18, 19. (a) Ni impanuro iyihe dusanga mu Banyefeso 4:1-3? (b) Twokora iki kugira dutume ishengero riguma ryunze ubumwe?

18 Ni igiki none cotuma tutagwa muri uwo mutego? Paulo yarahaye impanuro ngirakamaro abakirisu b’i Efeso, kikaba cari igisagara gitunze kandi carimwo abantu batandukanye. (Soma Abanyefeso 4:1-3.) Urabona ko Paulo yabanje kuvuga ibijanye na kamere y’ukwiyorosha, ubwitonzi, ukwihangana n’urukundo. Izo kamere zogereranywa n’inkingi zishigikiye inzu. Ariko naho inzu yoba ifise inkingi zikomeye, irakenera kwama ibungabungwa. Ahandi ho, yoshobora guca yononekara. Paulo yahimirije abo bakirisu b’i Efeso ngo bihatire cane “kugumya ubumwe bw’impwemu.”

19 Umwe wese muri twebwe akwiye kubona ko afise ibanga ryo gukomeza ubumwe mw’ishengero no kubuzigama. None twobigira gute? Ubwa mbere, ni mu gutsimbataza izo kamere Paulo yavuze, ari zo ukwiyorosha, ubwitonzi, ukwihangana n’urukundo. Ubukurikira, twokwihatira cane kugumya “umugozi w’amahoro wunga ubumwe.” Turakwiye kugira ico dukoze kugira ngo dusanasane imigaga yogereranywa n’ingorane zishobora kwibonekeza hagati yacu. Tubigize, tuba duterereye ikintu gikomeye mu kuzigama ubumwe n’amahoro vy’agaciro dufitaniye.

20. Twokwerekana gute ko dutahura yuko ‘Yehova Imana yacu ari Yehova umwe’?

20 “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.” Ayo majambo arakomeye cane! Yarakomeje Abisirayeli, atuma bihanganira ingorane zabashikiye igihe binjira mu Gihugu c’isezerano kugira bacigarurire. Na twebwe nitwayafata nka nkama, bizotuma turengana amakuba akomeye yimirije, twongere dutume Iparadizo tuzobamwo irangwamwo ubumwe n’amahoro. Nimuze tubandanye kwihebera Yehova wenyene mu kumukunda no mu kumukorera n’umutima wacu wose, no mu kwihatira cane kuguma twunze ubumwe n’abavukanyi bacu. Nitwaguma tubigenza gutyo, nta gukeka ko tuzokwibonera iranguka ry’ivyo Yezu yavuze ko azobwira abameze nk’intama, ati: “Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane ubwami mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.”​—Mat. 25:34.