Gusubira mu vyagezwe 5:1-33

  • Isezerano rya Yehova i Horebu (1-5)

  • Musa abasubiriramwo ya mabwirizwa cumi (6-22)

  • Abantu bagira ubwoba ku musozi Sinayi (23-33)

5  Nuko Musa ahamagara Abisirayeli bose, ababwira ati: «Nimwumvirize yemwe Bisirayeli amategeko n’ingingo ndiko ndabashikiriza uyu musi. Mutegerezwa kuvyiga no kubikurikiza neza.  Yehova Imana yacu yaragiraniye isezerano natwe i Horebu+.  Yehova ntiyagiraniye iryo sezerano na ba sokuruza bacu, ahubwo yarigiraniye na twebwe turi ng’aha uyu musi.  Yehova yavuganye namwe amaso mu yandi ku musozi, avugira mu muriro+.  Ico gihe nari mpagaze hagati yanyu na Yehova+ kugira nze ndababwira ivyo Yehova avuze, kuko mwari mwatinye kuduga ku musozi kubera umuriro+. Yaciye avuga ati:  “Ndi Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, igihugu wabayemwo uri umushumba*+.  Ntukagire izindi mana umbangikanya*+.  Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, canke ishusho y’ikintu ico ari co cose kiri hejuru mw’ijuru, canke hasi kw’isi canke mu mazi.  Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubisenga*+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba gusengwa* yonyene+. Mpanira abana ikosa rya ba se gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka+, 10  mugabo nkagirira ubuntu* urunganwe rugira igihumbi rw’abankunda bakagumya amabwirizwa yanje. 11  Ntugakoreshe nabi izina rya Yehova Imana yawe+, kuko Yehova atazoreka guhana uwo wese akoresha nabi izina ryiwe+. 12  Wubahirize umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda, nk’uko Yehova Imana yawe yabigutegetse+. 13  Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 14  mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe+, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yawe, indogobwa yawe, igitungwa cawe ico ari co cose canke kavamahanga aba mu bisagara* vyawe+, kugira umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore aruhuke cokimwe nawe+. 15  Wibuke ko wabaye umushumba mu gihugu ca Misiri kandi ko Yehova Imana yawe yagukuyeyo akoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato. 16  Tera iteka so wawe na nyoko wawe+ nk’uko Yehova Imana yawe yabigutegetse, kugira urambe wongere uroranirwe* mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+. 17  Ntukice+. 18  Ntukarenge ibigo+. 19  Ntukibe+. 20  Ntukagirize ibinyoma mugenzawe+. 21  Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+. Ntukipfuze inzu yiwe, itongo ryiwe, umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yiwe, indogobwa yiwe canke ikintu ico ari co cose ca mugenzawe+.” 22  Ayo ni yo mabwirizwa* Yehova yashikirije ishengero ryanyu ryose ku musozi n’ijwi rirenga, ayavugira mu muriro, mu gicu no mu mwiza w’umuzitanya+, kandi nta kindi yongeyeko. Yaciye ayandika ku bisate bibiri vy’amabuye hanyuma arabimpa+. 23  Ariko mucumva ijwi rivugira mu mwiza, umusozi uriko uraka umuriro+, abakuru bose b’imiryango yanyu n’abashingantahe baciye baza hafi yanje. 24  Mwaciye mumbwira muti: “Raba Yehova Imana yacu yatweretse ubuninahazwa bwiwe n’ububasha bwiwe, kandi twumvise ijwi ryiwe rivugira mu muriro+. Uyu musi twiboneye ko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi akabandanya kubaho+. 25  Kubera iki none twokwirirwa turapfa? Erega uyu muriro ukomeye woshobora kutumara. Nitwabandanya kwumva ijwi rya Yehova Imana yacu, turapfa ata kabuza! 26  Mbega hari umuntu yari bwumve ijwi ry’Imana nzima rivugira mu muriro nk’uko twaryumvise mugabo akabandanya kubaho? 27  Wewe genda wumvirize ivyo Yehova Imana yacu avuga. Uzoheza uze utubwire ivyo Yehova Imana yacu yakubariye vyose, natwe tuzovyumviriza tubikore+.” 28  Yehova rero yarumvise ivyo mwambwiye vyose, maze Yehova ambwira ati: “Numvise ivyo abo bantu bakubariye, kandi ivyo bavuze vyose ni vyiza+. 29  Ese iyaba bogumanye umutima wo kuntinya+ no gukurikiza amabwirizwa yanje yose+! Vyobagendeye neza hamwe n’abana babo ibihe vyose+. 30  Genda ubabwire uti: ‘Nimusubire mu mahema yanyu.’ 31  Ariko wewe uza kugumana nanje ng’aha, ndakubwire amabwirizwa yose, amategeko yose n’ingingo zose uzobigisha, kugira babikurikize mu gihugu ngira ndabahe ngo bacigarurire.” 32  Ubu rero muze mwitwararike gukurikiza neza ivyo Yehova Imana yanyu yabategetse+. Ntimuze mukatire iburyo canke ibubamfu+. 33  Mukwiye gukurikira neza inzira Yehova Imana yanyu yabategetse+ kugira mubeho, muroranirwe kandi murambire mu gihugu mugira mwigarurire+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «unzana mu maso.»
Canke «iyaruka.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «kubikorera.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «vyongere bikugendere neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «amajambo.»