Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ureka wa Mubumvyi Ahambaye akakubumbabumba?

Woba ureka wa Mubumvyi Ahambaye akakubumbabumba?

“Raba, nka kurya kw’ibumba mu kuboko kw’umubumvyi, ni ko muri mu kuboko kwanje.”​—YER. 18:6.

INDIRIMBO: 60, 22

1, 2. Ni kubera iki Imana yabona ko Daniyeli ari ‘umuntu ahimbaye cane,’ kandi dushobora gute kugamburuka nka Daniyeli?

IGIHE Abayuda bashikanwa i Babiloni ari inyagano, bahasanze igisagara cuzuye ibigirwamana, abantu baho na bo barajakariye impwemu mbi. Ariko rero, Abayuda b’intahemuka nka Daniyeli na bagenziwe batatu, baranse kwoshwa n’ivyakorerwa i Babiloni. (Dan. 1:6, 8, 12; 3:16-18) Daniyeli na bagenziwe bari biyemeje kwihebera Yehova wenyene ngo abe Umubumvyi wabo. Emwe, ivyo barabishitseko! Naho Daniyeli yabaye i Babiloni hafi ubuzima bwiwe bwose, umumarayika w’Imana yavuze ko Daniyeli yari ‘umuntu ahimbaye cane.’​—Dan. 10:11, 19.

2 Mu bihe vya Bibiliya, umubumvyi yarashobora gufyondera ibumba mw’iforoma y’ikintu kanaka kugira rivemwo ico yipfuza. Muri iki gihe, abasenga b’ukuri barazi ko Yehova ari Segaba w’ibiriho vyose, akaba ari we afise ububasha bwo kubumbabumba abantu be n’amahanga. (Soma Yeremiya 18:6.) Imana irafise kandi ububasha bwo kutubumbabumba, umwe wese ku giti ciwe. Ariko rero, irazi ko dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo, ikaba ishaka ko tuyiyobokera tuvyishakiye. Nimuze twihweze ukuntu dushobora kuguma tumeze nk’ibumba ryoroshe mu maboko y’Imana, mu kurimbura ibi bintu bitatu: (1) Twokwirinda gute kamere zoshobora gutuma tuba nk’ibumba rigumaraye, bigatuma tutemera impanuro ziva ku Mana? (2) Dushobora gute gutsimbataza kamere zodufasha kuguma tumeze nk’ibumba ryoroshe kandi tukayoboka? (3) Abavyeyi boyobokera gute Yehova igihe babumbabumba abana babo?

NIWIRINDE KAMERE ZOTUMA UKOMANTAZA UMUTIMA

3. Ni kamere izihe zishobora gutuma dukomantaza umutima? Tanga akarorero.

3 Mu Migani 4:23 havuga hati: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima.” Ni kamere izihe dukwiye kwirinda zotuma dukomantaza umutima? Harimwo ubwibone, ukumogorera igicumuro be n’ukubura ukwizera. Zoshobora gutuma tugira agatima ko kugambarara no kugarariza. (Dan. 5:1, 20; Heb. 3:13, 18, 19) Ivyo ni vyo vyashikiye Umwami Uziya wa Yuda. (Soma 2 Ngoma 26:3-5, 16-21.) Mu ntango, Uziya yakoze “ivyari bigororotse mu maso ya Yehova,” maze “aguma yihatira kurondera Imana.” Ariko naho inkomezi ziwe yazikura ku Mana, “akimara gukomera, umutima wiwe [waciye] ugira ubwibone”! Yaranagerageje guturira imibavu mu rusengero kandi cari igikorwa c’abaherezi bene Aroni. Igihe rero abaherezi bamuhagurukira, uwo munyabwibone Uziya yaciye arakara! None vyavuyemwo iki? Imana yaratumye ‘asenyuka’ bimwe vy’akamaramaza, arinda apfa ari umunyamibembe.​—Imig. 16:18.

4, 5. Vyongenda gute hamwe tutokwirinda ubwibone? Tanga akarorero.

4 Hamwe tutokwirinda ubwibone, na twebwe twoshobora gutangura ‘kwiyumvira ko duhambaye kuruta uko tubwirizwa kwiyumvira,’ kumbure tukagera n’aho twanka impanuro zivuye mu Vyanditswe. (Rom. 12:3; Imig. 29:1) Rimbura ivyashikiye umukurambere umwe yitwa Jim, uwigeze kutumvikana n’abakurambere bagenziwe ku kibazo cerekeye ishengero. Yigana ati: “Narabwiye abo bavukanyi ko ata rukundo bagira, nca mva muri iyo nama ndisohokera.” Inyuma y’amezi atandatu, yaciye yimukira mw’ishengero ribanyi, mugabo ntiyagenywe ngo abe umukurambere. Avuga ati: “Numvise bindenze. Naciye ndushiriza kugira ubwibone, mbere n’ukuri nca ndaheba.” Jim yahavuye amara imyaka cumi yarahororokewe. Yiyemerera ati: “Ubwibone bwarangeze ahantu, nca ntangura kwegeka kuri Yehova ivyariko biranshikira. Uko imyaka yarengana, abavukanyi barangendera bakamfasha kuzirikana, mugabo nkabankira.”

5 Ivyashikiye Jim birerekana ukuntu ubwibone bushobora gutuma twisigura ku vyo twakoze, aho kworoha tukadadaza. (Yer. 17:9) Jim asigura ati: “Naguma nitwararika gusa aho abandi baba basa n’abihenze.” Vyoba birashika ukababara bitewe n’umukirisu mugenzawe canke gutakaza agateka kanaka? None wavyifashemwo gute? Woba waciye ugira ubwibone, canke washize imbere kugiranira amahoro n’umuvukanyi wawe no kuguma uri umwizigirwa kuri Yehova?​—Soma Zaburi 119:165; Abakolosayi 3:13.

6. Vyogenda gute hamwe twoguma dukora igicumuro?

6 Iyo umuntu aguma akora igicumuro, kumbure akaza aragikorera mu mpisho, na vyo nyene birashobora gutuma atakira neza impanuro ziva ku Mana. Gucumura asigara abibona nk’ibisanzwe. Hari umuvukanyi yavuze ko yigenjeje nabi gushika aho ata co vyari bikimubwiye. (Umus. 8:11) Uwundi muvukanyi yari afise akamenyero ko kuraba amashusho y’ibiterasoni, yahavuye avuga ati: “Nasanze nsigaye mfise agatima ko gutora amahinyu abakurambere.” Iyo nyifato yiwe yarononye ubucuti yari afitaniye na Yehova. Iyo ngeso yahavuye ija ahabona, maze arafashwa bimwe bihagije. Mu vy’ukuri, twese ntidutunganye. Ariko rero, iyo dutanguye kuza turatora amahinyu abandi canke tukisigura ku kibi twakoze, aho kurondera kubabarirwa n’Imana no gufashwa na yo, umutima wacu woshobora kuba uriko urakomantara.

7, 8. (a) Ivyashikiye Abisirayeli vyerekanye gute ko kubura ukwizera bituma dukomantaza umutima? (b) Ivyo bitwigisha iki?

7 Kubura ukwizera na vyo nyene birashobora gutuma dukomantaza umutima. Ivyo tubibonera ku vyashikiye Abisirayeli inyuma y’aho Yehova abakuriye mu Misiri. Bariboneye ibitangaro vyinshi Yehova yabakoreye, bimwe muri vyo bikaba vyari biteye akoba cane! Ariko igihe bari hafi ya ca Gihugu c’isezerano, barerekanye ko batagira ukwizera. Aho kwizigira Yehova, baratekewe n’ubwoba bongera bidogera Musa. Baripfuje mbere kwisubirira mu Misiri, aho bahoze ari abaja! Yehova vyaramubabaje cane. Yavuze ati: “Aba bantu bazogeza ryari kutanyubaha?” (Guh. 14:1-4, 11; Zab. 78:40, 41) Kubera ko abo muri urwo runganwe bakomantaje umutima kandi bakabura ukwizera, batikiriye muri ako gahinga.

8 Muri iki gihe, ukwizera kwacu na kwo nyene kuriko kurashirwa ku munzane, uko twegereza isi nshasha. Vyoba vyiza dusuzumye ingene ukwizera kwacu kumeze. Nk’akarorero, twosuzuma ingene tubona ivyo Yezu yavuze muri Matayo 6:33. Niwibaze uti: ‘Ivyo nshira imbere be n’ingingo mfata vyoba vyerekana ko nemera vy’ukuri ayo majambo ya Yezu? Noba nohitamwo gusiba amakoraniro canke indimiro kugira ngo ndondere udufaranga twiyongereye? Nokora iki nka hamwe ivy’akazi vyorushiriza kundemera? Noba nzokwemera gutwarwa n’akosho k’isi, kumbure n’ukuri ngaheba?’

9. Ni kubera iki dukwiye ‘kuguma dusuzuma’ nimba turi mu kwizera, kandi twobigira gute?

9 Rimbura akandi karorero: Niwiyumvire umusavyi wa Yehova agonanwa gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya, kumbure zijanye n’abo twifatanya, abaciwe canke ukwisamaza. Niwibaze uti: ‘Nanje noba meze gutyo?’ Nimba dusanze mwene ako gatima ko gukomantara kariko karatsimbatara muri twebwe, turakwiye gusuzuma ukwizera kwacu tudatebaganye! Bibiliya iduhanura iti: “Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Kor. 13:5) Urakwiye kwisuzuma ata kwibabarira, ukama ukoresha Ijambo ry’Imana kugira ubogore ivyiyumviro vyawe.

NUGUME WOROSHE KUBUMBABUMBA

10. Ni igiki gishobora kudufasha kuba nk’ibumba ryoroshe mu minwe ya Yehova?

10 Kugira ngo Imana idufashe kuguma tumeze nk’ibumba ryoroshe, yaradushiriyeho Ijambo ryayo, ishengero rya gikirisu be n’igikorwa co mu ndimiro. Kurya nyene amazi atuma ibumba ryoroha, gusoma Bibiliya buri musi no kuzirikana birashobora gutuma tumera nk’ibumba ryorohera Yehova. Yehova yarasavye abami ba Isirayeli kwiyandikira ikopi y’Itegeko ryiwe no kuyisoma buri musi. (Gus. 17:18, 19) Intumwa na zo nyene zaratahura ko kugira ziroranirwe mu gikorwa zarangura, zari zikeneye gusoma Ivyanditswe no kubizirikanako. Mu vyo zanditse, zarasubiyemwo incuro nyinshi amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo canke zirayerekezako, zongera ziremesha abo zabwira inkuru nziza gusoma Ivyanditswe no kubizirikanako. (Ivyak. 17:11) Muri kino gihe, na twebwe turabona ko gusoma Ijambo ry’Imana buri musi no kurizirikanako twitonze bihambaye cane. (1 Tim. 4:15) Kubigenza gutyo biradufasha kuguma twicishije bugufi imbere ya Yehova kandi tukamworohera kubumbabumba.

Niwungukire ku ntunganyo Imana yadushiriyeho zidufasha kuguma tworoshe kubumbabumba (Raba ingingo ya 10-13)

11, 12. Yehova ashobora gute gukoresha ishengero kugira atubumbabumbe yisunze ivyo umwe wese akeneye? Tanga akarorero.

11 Biciye kw’ishengero rya gikirisu, Yehova aratubumbabumba yisunze ivyo umwe wese akeneye. Umwe Jim twavuga, hari umukurambere yamwitwararitse maze aca atangura kworosha umutima. Jim avuga ati: “Nta na rimwe yigeze anegura canke ngo ambwire ko ari jewe nikwegeye. Ahubwo yagumye andemesha, anyereka ko yipfuza kumfasha vy’ukuri.” Haciye nk’amezi atatu, nya mukurambere yaratumiye Jim ku makoraniro. Jim avuga ati: “Abagize ishengero banyakiranye urweze kandi urukundo banyeretse rwaratumye ngira ivyo mpinduye. Naciye ntangura kubona ko ukuntu niyumva atari co cari gihambaye cane. Abavukanyi hamwe n’umukenyezi wanje, uwagumye ashikamye mu kwizera, baranshigikiye bituma ntangura kugarura agatege mu vy’impwemu. Vyongeye, nararemeshejwe cane n’ikiganiro cavuga ngo ‘Yehova si we yobibazwa’ be n’icavuga ngo ‘Nukorere Yehova udahemuka’ vyasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1992.”

12 Haciye igihe, Jim yarasubiye kuba umukurambere. Kuva ico gihe, arafasha abandi bavukanyi kwihanganira ingorane nk’izo yaciyemwo, bagasubirana mu vy’impwemu. Asozera avuga ati: “Nahora niyumvira ko mfitaniye na Yehova ubucuti bukomeye, kandi atari vyo namba! Ndicuza kubona nararetse ubwibone bukambuza kubona ivyari bihambaye kuruta kandi bugatuma nshira umutima cane ku makosa y’abandi.”​—1 Kor. 10:12.

13. Igikorwa co mu ndimiro gishobora kudufasha gutsimbataza kamere izihe, kandi havamwo ivyiza ibihe?

13 None igikorwa co mu ndimiro coco gishobora kutubumbabumba gute? Kubwira abandi inkuru nziza birashobora gutuma twicisha bugufi, tugatsimbataza n’imice itandukanye y’icamwa c’impwemu y’Imana. (Gal. 5:22, 23) Zirikana kuri kamere nziza wungukiye mu gikorwa co mu ndimiro. Vyongeye, igihe tugaragaje kamere nk’iza Kristu, tuba dusharije ubutumwa dushikiriza, ivyo bikaba bishobora kugira ico bikoze ku bo tubwira inkuru nziza. Nk’akarorero, hari Ivyabona babiri bo muri Ostraliya bagendeye umugore umwe aca ababwira nabi, mugabo baguma bamuteze yompi n’icubahiro cinshi. Ariko rero nya mugore yahavuye yicuza, hanyuma yandikira ibiro vy’ishami ati: “Nshaka gusaba imbabazi abo bantu babiri bicisha bugufi kandi bihangana cane, kubona narabishimyeko, nkabashira hasi. Naragize ubupfu kubona narahangaye abo bantu babiri bariko bivugira Ijambo ry’Imana, nkabirukana ukuraho.” None iyo abo bamamaji berekana agashavu na gakeyi, uwo mugore yoba yari kwandika ivyo? Habe namba. Vy’ukuri, igikorwa cacu co mu ndimiro ni ngirakamaro cane, haba kuri twebwe no ku bo tugendera!

NUYOBOKERE IMANA IGIHE UBUMBABUMBA ABANA BAWE

14. Abavyeyi bategerezwa gukora iki nimba bipfuza kubumbabumba neza abana babo?

14 Abana benshi usanga bashashaye kwiga, kandi baricisha bugufi. (Mat. 18:1-4) Ku bw’ivyo, abavyeyi b’inkerebutsi barashobora kwigisha ukuri abana babo kandi bakakubakundisha bakiri bato. (2 Tim. 3:14, 15) Ariko rero kugira abavyeyi babishikeko, babwirizwa kubanza gushimangira ukuri mu mitima yabo bwite, bakabaho bakwisunga. Babigenjeje gutyo, abana babo ukuri ntibakwumvisha amatwi gusa, ariko kandi barakwibonera n’amaso yabo. Vyongeye, baratahura ko indero babatoza ari ikimenyetso cerekana urukundo abo bavyeyi be na Yehova babafitiye.

15, 16. Abavyeyi bokwerekana gute ko bizigira Imana igihe umwana wabo aciwe?

15 Ariko rero naho abana baba barezwe rukirisu, hari abo bishika bagaheba ukuri canke bagacibwa, bagatera intuntu umuryango. Mushiki wacu umwe wo muri Afrika y’Epfo yavuze ati: “Igihe musazanje yacibwa, wamengo yapfuye. Ntiworaba ingene twaravunitse umutima!” None uwo mushiki wacu n’abavyeyi biwe bavyifashemwo gute? Barakurikije ubuyobozi buri mw’Ijambo ry’Imana. (Soma 1 Abakorinto 5:11, 13.) Nya bavyeyi bavuze bati: “Twariyemeje kwisunga Bibiliya, tuzi ko gukurikiza ubuyobozi bw’Imana vyovuyemwo ivyiza. Gucibwa twabona ko ari ugutozwa indero na Yehova, kandi twari twarajijutse ko adutoza indero ku rugero rubereye kandi abitumwe n’urukundo. Ivyo vyatumye twifatanya n’uwo muhungu wacu mu bintu vyerekeye umuryango gusa, kandi mu gihe vyaba bikenewe.”

16 None uwo muhungu we yavyakiriye gute? Amaze kugarukanwa yavuze ati: “Nari nzi ko abagize umuryango wacu batanyaka, ahubwo ko bariko bagamburukira Yehova n’ishirahamwe ryiwe.” Yavuze kandi ati: “Igihe ata rindi saganirizo ufise kiretse kwitura Yehova ngo agufashe kandi akubabarire, uca utahura ko umukeneye cane.” Iyumvire ukuntu uwo muryango waryohewe igihe uwo muhungu yagarukanwa! Egome, igihe twisunze Imana mu nzira zacu zose, turironkera ivyiza vyinshi.​—Imig. 3:5, 6; 28:26.

17. Ni kubera iki dukwiye kwama tugamburukira Yehova, kandi ivyo bizotumarira iki?

17 Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko hogeze igihe Abayuda bagizwe abaja i Babiloni bakigaya, maze bakavuga bati: “Ewe Yehova, uri Data. Twebwe turi ibumba, nawe uri Umubumvyi wacu; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe.” Bociye rero bamutakambira bati: “Ntiwibuke ikosa ryacu ibihe bidahera. Ehe raba, turakwinginze: twese turi abantu bawe.” (Yes. 64:8, 9) Na twebwe nitwayobokera Yehova twicishije bugufi kandi tukama tumugamburukira, azobona ko turi abantu bahimbaye cane, nka kumwe kw’umuhanuzi Daniyeli. Vyongeye, Yehova azobandanya kutubumbabumba akoresheje Ijambo ryiwe, impwemu yiwe be n’ishirahamwe ryiwe kugira ngo umusi uri izina tuzohagarare imbere yiwe turi “abana b’Imana” batunganye.​—Rom. 8:21.