1 Abami 18:1-46
18 Haheze imisi myinshi+, ijambo rya Yehova riza kuri Eliya mu mwaka ugira gatatu, riti: “Genda wiyereke Ahabu, kuko niyemeje gutanga imvura ku buringanire bw’ubutaka+.”
2 Eliya agenda rero kwiyereka Ahabu, mu gihe ikigoyi cari gikaze+ i Samariya.
3 Muri ico gihe, Ahabu ahamagara Obadiya, uwagaba urugo+. (Kandi Obadiya yari yarerekanye ko ari umuntu atinya+ cane Yehova.
4 Gutyo, igihe Yezebeli+ yarandura abahanuzi ba Yehova+, Obadiya yafashe abahanuzi ijana hanyuma aguma abanyegeje mw’isenga ari mirongo itanitanu, kandi abaronsa umukate n’amazi+.)
5 Maze Ahabu abwira Obadiya ati: “Gendagenda mu gihugu, ku mbizi z’amazi zose no ku myonga yose. Hari aho tworonka ivyatsi bitoto+, kugira ngo tuzigamire ubuzima amafarasi n’inyumpu, ntihagire ibindi bitungwa birandurwa+.”
6 Nuko bagabura hagati yabo igihugu co gucamwo. Ahabu ajana inzira imwe ari wenyene, Obadiya na we ajana iyindi nzira ari wenyene+.
7 Obadiya akiriko arabandanya kugenda, aza abona Eliya aje guhura na we+. Aca aramumenya maze agwa yubamye+, araheza avuga ati: “Mbega ni wewe ga mukama wanje+ Eliya?”
8 Na we amubwira ati: “Ni jewe. Genda ubwire umukama wawe+ uti: ‘Urazi! Eliya ari ino.’”
9 Mugabo Obadiya avuga ati: “Ni igicumuro ikihe+ nakoze aho ushira umusuku wawe mu kuboko kwa Ahabu kugira ngo anyice?
10 Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe+, nta hanga canke ubwami umukama wanje atatumyemwo kukurondera. Bamaze kuvuga bati: ‘Ntari hano,’ yaca arahiza ubwo bwami n’iryo hanga yuko batashobora kukuronka+.
11 None ubu uriko uvuga ngo: ‘Genda ubwire umukama wawe uti: “Urazi! Eliya ari ino.”’
12 Ibi ni vyo biza kuba ata kabuza: Ninagenda mvanye nawe, impwemu+ ya Yehova ica ikujana aho ntari bumenye; nzoba naje kubimenyesha Ahabu, na we arakubura, maze aranyica+ ata kabuza, kuko umusuku wawe yatinye Yehova kuva mu buto bwiwe+.
13 Mbega umukama wanje ntiyabwiwe ivyo nakoze igihe Yezebeli yica abahanuzi ba Yehova, ingene nagumye nyegeje bamwe mu bahanuzi ba Yehova, abagabo ijana, mirongo itanitanu mw’isenga+, kandi nkaguma ndabaronsa umukate n’amazi+?
14 None ubu uriko uvuga ngo: ‘Genda ubwire umukama wawe uti: “Urazi! Eliya ari ino.”’ Aranyica ata kabuza+.”
15 Ariko Eliya avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ nyen’ingabo+, uwo mpagarara imbere, uno musi ndamwiyereka.”
16 Obadiya agenda rero guhura na Ahabu maze arabimumenyesha; nuko Ahabu aja guhura na Eliya.
17 Ahabu akimara kubona Eliya, aca amubwira ati: “Mbega ni wewe wazanye ugukumirwa kuri Isirayeli+?”
18 Na we avuga ati: “Sinazanye ikumirwa+ kuri Isirayeli, ahubwo wewe n’inzu ya so ni mwe mwarizanye+, kuko mwahevye amabwirizwa ya Yehova+ mugakurikira za Bayali+.
19 Ubu rero, nutume intumwa gukoraniriza Isirayeli yose iruhande yanje ku musozi Karumeli+, na ba bahanuzi ba Bayali+ amajana ane na mirongo itanu be na ba bahanuzi amajana ane b’igikingi ceranda+, barira ku meza ya Yezebeli+.”
20 Nuko Ahabu atuma intumwa muri bene Isirayeli bose gukoraniriza hamwe abo bahanuzi+ ku musozi Karumeli.
21 Maze Eliya yegera abantu bose hanyuma avuga ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire+; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” Abantu ntibagira ijambo bamwishura.
22 Eliya abandanya kubwira abantu ati: “Ni jewe nsigaye ndi umuhanuzi wa Yehova+, jewe jenyene, mu gihe abahanuzi ba Bayali ari abagabo amajana ane na mirongo itanu.
23 Ubu rero, nibaduhe ibimasa bibiri, maze bitorere ikimasa kimwe hanyuma bagihimbagure baheze bagishire ku nkwi, mugabo ntibagishireko umuriro. Nanje ubwanje ndategura ikindi kimasa hanyuma ndagishire ku nkwi, mugabo sinza kugishirako umuriro.
24 Muraheza mwambaze izina ry’imana yanyu+, nanje ndambaza izina rya Yehova; maze Imana y’ukuri iza kwishura biciye ku muriro+ izoba ari yo Mana y’ukuri+.” Abantu bose baca bishura bati: “Ico kintu ni ciza.”
25 Eliya abwira rero abahanuzi ba Bayali ati: “Nimwitorere ikimasa kimwe hanyuma mubanze mugitegure, kuko ari mwe muri benshi; maze mwambaze izina ry’imana yanyu, mugabo ntimushireko umuriro.”
26 Nuko batora nya kimasa abahaye. Maze baragitegura, hanyuma baguma bambaza izina rya Bayali kuva mu gitondo gushika ku mutaga, bavuga bati: “Ewe Bayali, nutwishure!” Mugabo ntihagira ijwi ryumvikana+, kandi ntihagira uwishura+. Baguma bacumbagira irya n’ino y’igicaniro bari bakoze.
27 Nuko ku mutaga Eliya atangura kubatwenga+, avuga ati: “Hamagare n’ijwi ryanyu ryose, kuko ari imana+; kuko hategerezwa kuba hari ikintu kiyifatiriye, kandi igomba kwituma+, ikaba rero itegerezwa kuja kwa surwumwe+. Canke kumbure irasinziriye, ikaba rero ibwirizwa kuvyuka+!”
28 Nuko batangura guhamagara n’ijwi ryabo ryose no kwikebaguza+ intambi n’amacumu nk’uko umugenzo wabo wari, gushika bivishije amaraso.
29 Umutaga ukimara kurengana, bakabandanya kwifata nk’abahanuzi+ gushika igihe co gushikana ishikanwa ry’intete kigeze, ntihagira ijwi ryumvikana, ntihagira uwishura, kandi ntihaboneka ukwitabwaho na kumwe+.
30 Amaherezo Eliya abwira abantu bose ati: “Nimunyegere.” Nuko abantu bose baramwegera. Maze atangura gusanasana igicaniro ca Yehova cari carasambuwe+.
31 Eliya atora rero amabuye cumi n’abiri, akurikije igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo, uwo ijambo rya Yehova ryari ryarajeko+, rivuga riti: “Isirayeli ni ryo rizoba izina ryawe+.”
32 Nuko ayo mabuye ayubakamwo igicaniro+ mw’izina rya Yehova+ maze aca irya n’ino y’ico gicaniro umuvo ungana n’ahantu habibwa ingero zibiri za seya* z’imbuto.
33 Hanyuma atondeka inkwi+, ahimbagura ca kimasa araheza agishira kuri nya nkwi. Nuko avuga ati: “Nimwuzuze amazi imibindi mininiminini ine, muyasuke kuri iryo shikanwa riturirwa no kuri izo nkwi.”
34 Maze avuga ati: “Subire mubigire.” Nuko basubira kubigira. Mugabo avuga ati: “Nimubigire ubugira gatatu.” Nuko babigira ubugira gatatu.
35 Gutyo amazi aja irya n’ino ya nya gicaniro, na nya muvo nyene awuzuza amazi.
36 Igihe+ co gutanga ishikanwa ry’intete kigeze, Eliya umuhanuzi aregera maze avuga ati: “Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli+, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli+ be n’uko jewe ndi umusavyi wawe, kandi ko nakoze ibi bintu vyose bivuye kw’ijambo ryawe+.
37 Nunyishure, ewe Yehova, nunyishure, kugira ngo aba bantu bamenye yuko wewe, Yehova+, ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ari wewe wagarukanye umutima wabo+.”
38 Nuko umuriro+ wa Yehova urakoroka maze urigata nya shikanwa riturirwa+, na nya nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo+.
39 Abantu bose ngo babibone, baca bagwa bubamye+, bavuga bati: “Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!”
40 Maze Eliya ababwira ati: “Nimucakire abahanuzi ba Bayali! Ntihagire n’umwe muri bo acoroka!” Baca barabacakira, maze Eliya abamanukana ku mwonga Kishoni+, abicirayo+.
41 Hanyuma Eliya abwira Ahabu ati: “Duga, urye wongere unywe+; kuko hariho urwamo rw’imvura y’isegenya+.”
42 Nuko Ahabu aduga kurya no kunywa. Nayo Eliya, aduga kw’isonga rya Karumeli, maze abunda hasi+, mu maso hiwe ahashira hagati y’amavi yiwe+.
43 Maze abwira umusuku wiwe ati: “Ndakwinginze uduge. Raba amaja ku kiyaga.” Nuko araduga maze araraba hanyuma avuga ati: “Nta na kimwe kiriyo.” Abandanya kuvuga ati: “Subirayo,” incuro indwi+.
44 Nuko ku ncuro igira indwi avuga ati: “Ehe! Hariyo igicu gitoyi nk’ikiganza c’umuntu, kiriko kiduga kivuye mu kiyaga+.” Avuga rero ati: “Duga ubwire Ahabu uti: ‘Ambika umukogote ku mafarasi+, hanyuma umanuke kugira ngo imvura y’isegenya ntikubuze kugenda!’”
45 Nuko muri ico gihe amajuru yirabuzwa n’ibicu n’umuyaga+, hanyuma imvura y’isegenya ikomeye itangura kugwa+. Maze Ahabu abandanya kugendera ku mukogote wiwe, aja i Yezireyeli+.
46 Ukuboko kwa Yehova kuba kuri Eliya+, ku buryo akenyera mu mafyinga+ maze yiruka imbere ya Ahabu gushika i Yezireyeli+.
Utujambo tw'epfo
^ Seya yangana n’amalitiro 7,33.