1 Abami 17:1-24
17 Nuko Eliya+ Umutishibe wo mu baba i Gileyadi+ abwira Ahabu ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ Imana ya Isirayeli, uwo mpagarara+ imbere koko, muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba+, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje+!”
2 Ijambo+ rya Yehova riza rero kuri we riti:
3 “Va ng’aha ugende, maze werekeze mu buseruko uheze wihishe+ ku mwonga Keriti uri mu buseruko bwa Yorodani.
4 Ibi ni vyo bizoba: uze unywe kuri uwo mwonga+, nanje ata gukeka nzotegeka ibikona+ kugira ngo bikuronkereze ibifungurwa ng’aho+.”
5 Aca aragenda hanyuma akora yisunze ijambo rya Yehova+; aja rero kuba iruhande y’umwonga Keriti uri mu buseruko bwa Yorodani.
6 Ibikona vyaramuzanira umukate n’inyama mu gitondo bikongera bikamuzanira umukate n’inyama ku mugoroba, kandi yanywa kuri uwo mwonga+.
7 Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+, kuko ata mvura y’isegenya yagwa kw’isi.
8 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri we riti+:
9 “Haguruka, uje i Zarefati+ h’i Sidoni, ubeyo. Ehe nzotegeka koko ng’aho umugore, umupfakazi, akuronse ibifungurwa.”
10 Nuko arahaguruka, aja i Zarefati hanyuma ashika mu bwinjiriro bw’igisagara; maze ehe, ng’aho hari umugore umwe, umupfakazi, yariko atoragura udukwi. Aramuhamagara rero maze avuga ati: “Ndakwinginze unzanire utuzi dukeyi mu kintu kugira ngo nywe+.”
11 Agiye kuyazana, atangura kumuhamagara, avuga ati: “Ndakwinginze unzanire igipande c’umukate+ mu kuboko kwawe.”
12 Na we avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe+, nta gatsima k’umuzingi mfise+, atari agafu kari ku rushi+ kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi+ mu gakarabo; kandi ehe ndiko ntoragura udukwi dukeyi, mpeze ngende maze ngire ico nteguye ku bwanje no ku bw’umuhungu wanje, turye hanyuma dupfe+.”
13 Maze Eliya amubwira ati: “Ntutinye+. Genda ukore nk’uko uvuze. Ariko ku biriyo ubanze untegurire agatsima k’umuzingi gatoyi+ uheze ukanzanire, mu nyuma urashobora kugira ico uteguye ku bwawe no ku bw’umuhungu wawe.
14 Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Uwo mubindi munini w’ifu ntuzohera, kandi ako gakarabo k’amavuta ntikazogabanuka, gushika umusi Yehova azotanga imvura y’isegenya ku buringanire bw’ubutaka+.’”
15 Aragenda rero, akora nk’uko Eliya yari avuze; nuko amara imisi arya, we n’urugo rwiwe hamwe na Eliya+.
16 Nya mubindi munini w’ifu ntiwahera, na nya gakarabo k’amavuta ntikagabanuka+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye kuri Eliya.
17 Inyuma y’ivyo bintu, umuhungu w’uwo mugore, nyene inzu, ararwara, indwara yiwe irakomera cane ku buryo ata mpemu zisigara muri we+.
18 Aca abwira Eliya ati: “Mpuriye ku ki nawe+ ga yewe muntu w’Imana y’ukuri? Waje iwanje kwibukiriza ikosa ryanje+ no kwica umuhungu wanje.”
19 Mugabo amubwira ati: “Mpa umuhungu wawe.” Maze aramutwara amukuye mu gikiriza ciwe, amudugana mu cumba co hejuru+, aho yaba, araheza amuryamika ku buriri bwiwe+.
20 Nuko atangura guhamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje+, mbega uzane inabi no kuri uyu mupfakazi mbayeko ndi kavamahanga, mu kwica umuhungu wiwe?”
21 Maze arambarara kuri nya mwana+ incuro zitatu hanyuma ahamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima+ bw’uyu mwana bumugarukamwo.”
22 Amaherezo Yehova yumviriza ijwi rya Eliya+, ubuzima bwa nya mwana buraheza bumugarukamwo, maze aba muzima+.
23 Nuko Eliya atora uwo mwana, aramumanukana amukuye muri nya cumba co hejuru hanyuma amuha nyina; maze Eliya avuga ati: “Ehe umuhungu wawe ni muzima+.”
24 Nya mugore aca abwira Eliya ati: “Vy’ukuri, ubu ndamenye koko yuko uri umuntu w’Imana+ be n’uko ijambo rya Yehova wavuze ari iry’ukuri+.”