Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Abami 10:1-29

10  Kandi umwamikazi wa Sheba+ yarumva inkuru yerekeye Salomo ku bijanye n’izina rya Yehova+. Aza rero kumugeza n’ibibazo bigoye+.  Amaherezo ashika i Yeruzalemu ari kumwe n’umurongo w’akumiza rwose umuherekeje+, n’ingamiya+ zitwaye amavuta y’umusomozo*+ n’inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro; nuko yinjira kwa Salomo maze atangura kumubwira ivyari bimuri ku mutima vyose+.  Salomo na we amwishura ibibazo vyiwe vyose+. Nta kibazo na kimwe cananiye umwami ngo ntakimwishure+.  Umwamikazi wa Sheba abonye ubukerebutsi bwose bwa Salomo+ n’inzu yari yarubatse+,  n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abasuku biwe bari bicaye, n’igikorwa co ku meza c’abaserevyi biwe n’inyambaro yabo, n’ibinyobwa vyiwe+, n’ibimazi biturirwa vyiwe yama ashikana ku nzu ya Yehova, aca arajorerwa*+.  Nuko abwira umwami ati: “Ijambo numvise mu gihugu canje ku vyawe no ku bukerebutsi bwawe+, ryari iry’ukuri.  Sinemeye nya majambo gushika nje kugira ngo amaso yanje bwite avyibonere; none nsanze ata n’ica kabiri bambwiye+. Mu bukerebutsi no mu gutunganirwa wararenganye ibintu numvise+.  Hahiriwe abantu bawe+; hahiriwe+ aba basuku bawe bama bahagarara imbere yawe, bumviriza ubukerebutsi bwawe+!  Yehova Imana yawe ahezagirwe+, we yahimbawe+ nawe mu kugushira ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+; kuko Yehova akunda Isirayeli gushika igihe kitagira urugero+, ku buryo yakugize umwami+ kugira ushitse ingingo y’ubutungane+ be n’ubugororotsi+.” 10  Maze aha+ umwami italanto ijana na mirongo ibiri z’inzahabu+ n’amavuta y’umusomozo+ menshi cane be n’amabuye y’agaciro. Ntihigeze hasubira kuza amavuta y’umusomozo angana n’ayo umwamikazi wa Sheba yahaye Umwami Salomo. 11  Kandi umugwi w’imeri za Hiramu+ wazana inzahabu uzikuye i Ofiri+, warakura i Ofiri n’ibiti vya alugumu+ vyinshi cane be n’amabuye y’agaciro+. 12  Umwami atangura gukora muri ivyo biti vya alugumu ibishigikizo vy’inzu ya Yehova+ n’ivy’inzu y’umwami, n’inanga+ be n’ibicurarangisho vy’imirya+ vy’abaririmvyi. Ibiti vya alugumu nk’ivyo ntivyigeze kuza canke ngo biboneke gushika n’uyu musi. 13  Umwami Salomo na we aha umwamikazi wa Sheba ivyamuhimbara vyose yasavye, hatarimwo ivyo yamuhaye nk’uko ugutanga kwa cane+ kw’Umwami Salomo kwari. Inyuma y’ivyo arahindukira, aja mu gihugu ciwe, we hamwe n’abasuku biwe+. 14  Uburemere bw’inzahabu+ zaza kwa Salomo mu mwaka umwe bwangana n’italanto amajana atandatu na mirongo itandatu na zitandatu z’inzahabu+, 15  hatarimwo ivyazanwa n’abagabo b’ingenzi be n’inyungu yava ku bacuruza, n’ivyava ku bami+ bose b’Abarabu+ no kuri ba buramatari b’igihugu. 16  Umwami Salomo akora inkinzo zagutse amajana abiri mu nzahabu ivanze+ (imwimwe yose muri izo nkinzo zagutse ayishirako shekeli amajana atandatu z’inzahabu+), 17  akora n’udukinzo amajana atatu mu nzahabu ivanze (agakinzo kamwekamwe kose agashirako imina zitatu z’inzahabu+). Maze umwami abishira muri ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+. 18  Vyongeye, umwami akora intebe y’ubwami+ y’amasenge ihambaye+, ayihomekako inzahabu ityoroye+. 19  Hariho ingazi zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, kandi iyo ntebe y’ubwami yari ifise inyuma akarenzo kihese, hakabaho n’aho gushira amaboko hino no hirya iruhande y’aho kwicara, hakaba n’intambwe+ zibiri iruhande y’aho hantu ho gushira amaboko+. 20  Kandi hariho intambwe cumi na zibiri zari ng’aho kuri nya ngazi zitandatu, irya n’ino. Nta bundi bwami bwari bufise intebe y’ubwami ikozwe nka yo+. 21  Ivyombo vyo kunyweramwo vyose vy’Umwami Salomo vyari ivyo mu nzahabu, kandi ivyombo vyose vya ya Nzu y’Ikibira c’i Libani+ vyari ivyo mu nzahabu itavanze+. Nta kintu na kimwe co mw’ifeza cariho; ifeza yabonwa nk’ubusa mu misi ya Salomo. 22  Kuko umwami yari afise ku kiyaga umugwi w’imeri w’i Tarushishi+ wari kumwe n’umugwi w’imeri za Hiramu. Rimwe mu myaka itatu, nya mugwi w’imeri w’i Tarushishi waraza uzanye inzahabu+ n’ifeza, amasenge+, n’inkende be n’ibinyoni vyitwa tawusi. 23  Gutyo Umwami Salomo aba uwuhambaye mu butunzi+ no mu bukerebutsi+ kuruta abandi bami bose bo kw’isi. 24  Kandi abantu bose bo kw’isi bararondera mu maso ha Salomo kugira bumve ubukerebutsi bwiwe Imana yari yarashize mu mutima wiwe+. 25  Barazana umwe wese ingabirano yiwe+: ibintu vy’ifeza+ n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu n’ibirwanisho+ n’amavuta y’umusomozo, amafarasi n’inyumpu+, ivyo bakabwirizwa kubigira buri mwaka+. 26  Salomo aguma akoranya imikogote n’amafarasi y’imbangutsi vyiyongereye; arahava agira imikogote igihumbi n’amajana ane n’amafarasi y’imbangutsi+ ibihumbi cumi na bibiri; abishira mu bisagara vy’imikogote no hafi y’umwami i Yeruzalemu+. 27  Amafeza umwami ayagira nk’amabuye i Yeruzalemu+, ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora biri muri Shefela*, mu bwinshi+. 28  Amafarasi Salomo yaronka yakurwa mu Misiri; umugwi w’abadandaza b’umwami waratora ubusho bw’amafarasi ku kiguzi+. 29  Mu bisanzwe umukogote waraduga, ukaba wakurwa mu Misiri ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti+ n’abami ba Siriya. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ntihasubira kuba impemu muri we.”
Canke, “mu ntara yo hasi.”