Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Abami 15:1-34

15  Nuko mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yerobowamu+ mwene Nebati+, Abiyamu aba umwami wa Yuda+.  Aganza imyaka itatu i Yeruzalemu; nyina yitwa Mayaka+ umwuzukuru wa Abishalomu+.  Abandanya kugendera mu bicumuro vya se vyose, ivyo uno yakoze imbere yiwe; umutima wiwe ntiwaba uwukwiye+ kuri Yehova Imana yiwe, nk’umutima wa Dawidi sekuruza+.  Kuko, kubera Dawidi+, Yehova Imana yiwe yamuhaye itara+ i Yeruzalemu, mu guhagurutsa umuhungu wiwe mu nyuma ziwe no mu kugumizaho Yeruzalemu+,  kuko Dawidi yakoze ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, ntakevye ngo ave ku kintu na kimwe yari yaramutegetse imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kiretse mu vya Uriya Umuheti+.  Kandi haba intambara hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu imisi yose y’ubuzima bwiwe+.  Nayo ibisigaye mu vya Abiyamu be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? Haba kandi intambara hagati ya Abiyamu na Yerobowamu+.  Amaherezo Abiyamu aryama hamwe na ba sekuruza hanyuma bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Asa+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.  Mu mwaka ugira mirongo ibiri wa Yerobowamu umwami wa Isirayeli, Asa aganza ari umwami wa Yuda. 10  Aganza imyaka mirongo ine n’umwe i Yeruzalemu; inakuru yitwa Mayaka+ umwuzukuru wa Abishalomu+. 11  Asa atangura gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova, nka Dawidi sekuruza+. 12  Nuko azimanganya mu gihugu abamaraya b’urusengero b’abagabo+ yongera akuraho ibigirwamana vy’umwanda+ vyose ba sekuruza bari barakoze+. 13  Mbere na Mayaka+ inakuru, amukura mu kibanza co kuba umugore w’iteka+, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye ishishi agikoreye igikingi ceranda; hanyuma Asa asitura ico kigirwamana ciwe giteye ishishi+ araheza agituririra+ mu mwonga Kidironi+. 14  Mugabo ntiyakuraho+ ibibanza bikirurutse+. Naho vyari ukwo, umutima wa Asa uba uwukwiye kuri Yehova mu misi yiwe yose+. 15  Maze atangura kwinjiza mu nzu ya Yehova ibintu se wiwe yari yaragize vyeranda be n’ibintu we ubwiwe yari yaragize vyeranda: ifeza n’inzahabu be n’ibindi bintu+. 16  Nuko haba intambara hagati ya Asa na Bayasha+ umwami wa Isirayeli imisi yabo yose. 17  Bayasha umwami wa Isirayeli aduga rero gutera Yuda maze atangura kwubaka Rama+, kugira ngo ntakundire umuntu n’umwe gusohoka canke kwinjira kwa Asa umwami wa Yuda+. 18  Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu matunga y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami, abishira mu kuboko kw’abasuku biwe; nuko Umwami Asa abatuma kuri Beni-hadadi+ mwene Taburimoni mwene Heziyoni, umwami wa Siriya+, uwaba i Damasiko+, ati: 19  “Hariho isezerano hagati yanje nawe, hagati ya dawe na so. Ehe ndakurungikiye impano+ y’ifeza n’inzahabu. Genda urenge kw’isezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, kugira ngo ave iwanje+.” 20  Nuko Beni-hadadi yumviriza Umwami Asa, arungika abakuru b’inteko za gisirikare ziwe ngo batere ibisagara vya Isirayeli; aririka Iyoni+ na Dani+ na Abeli-beti-mayaka+ na Kinereti yose, gushika mu gihugu ca Nafutali+ cose. 21  Nuko Bayasha akimara kuvyumva, aca areka kwubaka Rama+ maze abandanya kuba i Tiruza+. 22  Nayo Umwami Asa, ahamagaza Yuda yose+, ata n’umwe avuyemwo, maze batangura gutwara amabuye y’igisagara ca Rama n’ibiti vyaco, ivyo Bayasha yari yubakishije; hanyuma Umwami Asa atangura kuvyubakisha Geba+ muri Benyamini, na Mizipa+. 23  Nayo ibisigaye mu vya Asa vyose, n’ubushobozi bwiwe bwose n’ivyo yakoze vyose be n’ibisagara yubatse, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? Gusa, mu gihe c’ubusaza bwiwe+, arwara ibirenge+. 24  Amaherezo Asa aryama hamwe na ba sekuruza biwe, ahambwa hamwe na ba sekuruza+ mu Gisagara ca Dawidi sekuruza+; maze Yehoshafati+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Nayo Nadabu+ mwene Yerobowamu, aba umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira kabiri wa Asa umwami wa Yuda; maze aganza Isirayeli imyaka ibiri. 26  Aguma akora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova, kandi abandanya kugendera mu nzira ya se wiwe+ no mu gicumuro ciwe, ico yacumurishije Isirayeli+. 27  Nuko Bayasha+ mwene Ahiya wo mu nzu ya Isakari atangura kumugīra umugambi mubi; Bayasha amugarikira i Gibetoni+ h’Abafilisitiya, mu gihe Nadabu na Isirayeli yose bari bugarije Gibetoni. 28  Gutyo Bayasha aramwica mu mwaka ugira gatatu wa Asa umwami wa Yuda, maze atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 29  Nuko akimara kuba umwami, aririka inzu ya Yerobowamu yose. Ntihagira uwuhema n’umwe asigaza mu ba Yerobowamu gushika abazimanganije, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yaravuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya Umunyashilo+, 30  kubera ibicumuro vya Yerobowamu, ivyo yacumuye+ akongera akabicumurisha Isirayeli, n’ukubabaza kwiwe yababarishije Yehova Imana ya Isirayeli+. 31  Nayo ibisigaye mu vya Nadabu be n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 32  Nuko haba intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli imisi yabo yose+. 33  Mu mwaka ugira gatatu wa Asa umwami wa Yuda, Bayasha mwene Ahiya amara imyaka mirongo ibiri n’ine ari umwami wa Isirayeli yose i Tiruza+. 34  Aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova+ kandi aguma agendera mu nzira ya Yerobowamu+ no mu gicumuro ciwe, ico yacumurishije Isirayeli+.

Amakuru yiyongereye