Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Abami 7:1-51

7  Maze Salomo yubaka inzu yiwe mu myaka cumi n’itatu+, ku buryo arangiza inzu yiwe yose+.  Atangura kwubaka Inzu y’Ikibira c’i Libani+: uburebure bwayo bwari amatambwe ijana, ubwaguke bwayo bwari amatambwe mirongo itanu, amahagarara yayo na yo yari amatambwe mirongo itatu, ayubaka ku misitari ine y’inkingi z’ibiti vy’amasederi; kuri izo nkingi hari ibibaho+ vy’isederi.  Iyo nzu yari yometsweko imbaho z’isederi+ hejuru ku myaro yari kuri nya nkingi mirongo ine na zitanu. Umusitari umwe wariko cumi na zitanu.  Nayo ku bijanye n’amadirisha y’ibizingiti, hari imisitari itatu; idirisha ricamwo umuco+ ryarabana n’irindi dirisha ricamwo umuco, ano akaba yari mu mirongo itatu igerekeranye.  Aminjiriro yose n’ibishimaryango vyari bifise ibizingiti vy’imfuruka ngororotsi+, kandi ni ko vyari no ku ruhande rw’imbere rw’idirisha ricamwo umuco ryarabana n’irindi dirisha ricamwo umuco, ano akaba yari mu mirongo itatu igerekeranye.  Kandi akora Ibaraza ry’Inkingi rifise uburebure bw’amatambwe mirongo itanu, n’ubwaguke bw’amatambwe mirongo itatu; kandi irindi baraza ryari imbere y’izo nkingi, rifise inkingi n’akarenzo imbere yazo.  Ku bijanye n’Ibaraza ry’Intebe y’ubwami+ yaciramwo imanza, akora ibaraza ry’imanza+; baripfukisha isederi, kuva hasi gushika ku bigiga+.  Nayo ku bijanye n’inzu yiwe yari kubamwo, muri ca kigo kindi+, yari hirya y’inzu yegukira Ibaraza*. Yari imeze nka ryo mu kuntu yari yubatswe. Kandi Salomo atangura kwubakira inzu umukobwa wa Farawo+ yari yaratwaye, iyo nzu ikaba yari imeze nk’iryo Baraza.  Izo nyubakwa zose zari izo mu mabuye azimvye+, akurikije ingero, mu mabuye abajwe, agegeneshejwe imisumeno y’amabuye, imbere no hanze, no kuva ku mushinge gushika ku musozo, be no hanze gushika ku kigo kinini+. 10  Ayo mabuye azimvye yashingishijwe umushinge yari amabuye maninimanini, amabuye y’amatambwe cumi, n’amabuye y’amatambwe umunani. 11  Hejuru hari amabuye azimvye, akurikije ingero, amabuye abajwe, be n’isederi. 12  Nayo ku vyerekeye ico kigo kinini, irya n’ino yaco hari imisitari itatu+ y’amabuye abajwe be n’umusitari w’ibibaho vy’isederi; ivyo ni ko vyari no kuri ca kigo c’imbere+ c’inzu+ ya Yehova no kw’ibaraza+ ry’iyo nzu. 13  Nuko Umwami Salomo atuma kurondera Hiramu+ i Tiro. 14  Uno yari umuhungu w’umugore w’umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali, se wiwe akaba yari umugabo w’Umunyatiro+, yakora mu bijanye n’umujumpu+; yari yuzuye ubukerebutsi n’ugutahura+ n’ubumenyi ku bwo gukora ubwoko bwose bw’igikorwa co mu mujumpu. Nuko aza ku Mwami Salomo maze atangura gukora igikorwa ciwe cose. 15  Maze ashongesha inkingi zibiri z’umujumpu+, inkingi imwe yose ikaba yari ifise amahagarara y’amatambwe cumi n’umunani, kandi akagozi k’amatambwe cumi n’abiri ni ko kapima inkikuro y’imwimwe yose muri izo nkingi zibiri+. 16  Akora imitwe y’inkingi ibiri yo gushira hejuru kuri izo nkingi, ikaba yari ishongeshejwe mu mujumpu+. Umutwe w’inkingi umwe wari ufise amahagarara y’amatambwe atanu, uwundi mutwe w’inkingi na wo ukagira amahagarara y’amatambwe atanu. 17  Hariho insenga z’urusobangane, tukaba twari udusharizo duhotoye dukozwe nk’iminyororo+, ku bwa nya mitwe y’inkingi yari hejuru kuri izo nkingi+; indwi ku bw’umutwe w’inkingi umwe, n’indwi ku bw’uwundi mutwe w’inkingi. 18  Maze akora amakomamanga n’imisitari ibiri irya n’ino kuri rumwe muri izo nsenga, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi yari hejuru kuri nya nkingi; kandi ukwo ni ko yakoze ku bw’uwundi mutwe w’inkingi+. 19  Iyo mitwe y’inkingi yari hejuru kuri nya nkingi kw’ibaraza yari ikozwe nk’ishurwe ry’ilisi+, ikaba yari amatambwe ane. 20  Iyo mitwe y’inkingi yari iteretse kuri nya nkingi zibiri, ikaba no hejuru ahegeranye n’inda yakoranako n’urusenga; hariho amakomamanga+ amajana abiri ari mu misitari irya n’ino ku mutwe w’inkingi umwumwe wose. 21  Nuko ahagarika inkingi+ z’ibaraza+ ry’urusengero. Ahagarika rero inkingi y’iburyo hanyuma ayita Yakini*, maze ahagarika inkingi y’ibubamfu hanyuma ayita Bowazi*. 22  Hejuru kuri izo nkingi hari hakozwe nk’ishurwe ry’ilisi. Amaherezo igikorwa c’izo nkingi kirarangira. 23  Hanyuma atangura gukora ikiyaga gishongeshejwe+ cangana n’amatambwe cumi kuva ku mbiga yaco imwe gushika ku yindi mbiga, kikaba cari umuzingi irya n’ino; amahagarara yaco yari amatambwe atanu; kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu+. 24  Munsi y’imbiga zaco irya n’ino hari udusharizo+ tw’imero y’icamwa c’umutanga+ twari tugikikuje, cumicumi mw’itambwe rimwe, tukaba twari dukikuje ico kiyaga irya n’ino+, hakaba hari imisitari ibiri y’utwo dusharizo tw’imero y’icamwa c’umutanga twashongeshanijwe n’ico kiyaga. 25  Cari gihagaze ku mashūri cumi n’abiri+: atatu araba mu buraruko, atatu araba mu burengero, atatu araba mu bumanuko, n’atatu araba mu buseruko; ico kiyaga cari hejuru kuri nya mashūri, kandi inyuma hayo hose haraba hagati na hagati+. 26  Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza+; imbiga yaco na yo yari ihinguwe nk’imbiga y’igikombe, nk’ishurwe ry’ilisi+. Cajamwo ingero za bati+ ibihumbi bibiri*+. 27  Hanyuma akora amashareti cumi+ y’umujumpu; uburebure bw’ishareti imwimwe yose bwari amatambwe ane, ubwaguke bwayo bukaba amatambwe ane, amahagarara yayo na yo akaba amatambwe atatu. 28  Uku ni ko ayo mashareti yari ahinguwe: yari afise impande zo mu mbavu, kandi izo mpande zo mu mbavu zari hagati y’imitambikwa. 29  Kuri izo mpande zo mu mbavu zari hagati ya nya mitambikwa hariko intambwe+, amashūri+, n’abakerubi+, kandi no hejuru ya nya mitambikwa kwari ukwo. Hejuru no munsi ya nya ntambwe na nya mashūri hari ibitsibo+ bikozwe nk’ibimanitse. 30  Kw’ishareti imwimwe yose hariko amakurudumu y’umujumpu ane, afise ibitambiko vy’umujumpu biyafashe; inkingi z’iyo shareti zine zo mu mfuruka ni zo zari ibishigikizo vy’ayo makurudumu n’ibitambiko. Munsi y’ibesani hari nya bishigikizo, bikaba vyari bishongeshanijwe n’ibitsibo vyava kuri kimwekimwe cose. 31  Umunwa wayo kuva indani gushika ku bishigikizo no kuduga wari amatambwe [?]*; umunwa wayo wari umuzingi, ukaba wari uhinguwe nk’igitereko c’itambwe n’inusu, kandi ku munwa wayo hari hakorogoshoweko. Impande zayo zo mu mbavu zari zigize imfuruka ngororotsi, ntizari umuzingi. 32  Ya makurudumu ane yari hasi munsi ya nya mpande zo mu mbavu, ibishigikizo vy’ayo makurudumu na vyo bikaba vyari hafi y’ishareti; amahagarara y’ikurudumu imwimwe yose yari itambwe rimwe n’inusu. 33  Ayo makurudumu yari ahinguwe nk’amakurudumu y’umukogote+. Ibishigikizo vyayo n’amapine yayo n’amasera yayo be n’amabombo yayo, vyose vyari ivyashongeshejwe. 34  Kandi hari ibishigikizo bine ku mfuruka zine z’ishareti imwimwe yose; ibishigikizo vyayo vyari bishongesherejwe hamwe n’ishareti ari ikintu kimwe. 35  Hejuru kw’ishareti hari igitereko gifise amahagarara y’inusu ry’itambwe, c’umuzingi irya n’ino; kandi hejuru kw’ishareti, impande zayo be n’impande zo mu mbavu zayo vyari bihinguranywe na yo ari ikintu kimwe. 36  Vyongeye, ku tubate tw’impande zayo no ku mpande zo mu mbavu zayo asarurako+ abakerubi, intambwe n’amashusho y’ibigazi yisunze ibibanza bigaragara vya rumwerumwe rwose, asarurako n’ibitsibo irya n’ino+. 37  Ukwo ni ko yakoze ya mashareti cumi+; yose yari ashongeshejwe kumwe+, angana, ameze kumwe. 38  Nuko atangura gukora amabesani+ y’umujumpu cumi. Ibesani imwimwe yose yajamwo ingero mirongo ine za bati. Ibesani imwimwe yose yari amatambwe ane. Kw’ishareti imwimwe yose muri ya mashareti cumi hariko ibesani imwe. 39  Maze ashira amashareti atanu ku ruhande rw’iburyo rwa nya nzu, yandi atanu ku ruhande rw’ibubamfu rwa nya nzu+; ikiyaga ubwaco agishira ku ruhande rw’iburyo rwa nya nzu mu buseruko, amaja mu bumanuko+. 40  Hanyuma Hiramu+ akora amabesani+ n’ibiyozo+ n’amabakure+. Amaherezo Hiramu arangiza+ gukora igikorwa cose yakoreye Umwami Salomo ku bijanye n’inzu ya Yehova: 41  Za nkingi zibiri+ na ya mitwe y’inkingi imeze nk’amabakure+ yari hejuru kuri izo nkingi zibiri, na za nsenga zibiri+ zo gupfuka nya mitwe y’inkingi yibumvye yari hejuru kuri izo nkingi, 42  na ya makomamanga+ amajana ane ku bwa za nsenga zibiri, imisitari ibiri y’amakomamanga ku rusenga rumwerumwe rwose, vyo gupfuka nya mitwe y’inkingi ibiri imeze nk’amabakure yari kuri nya nkingi; 43  ya mashareti cumi+ na ya mabesani cumi+ yari kuri ayo mashareti, 44  ca kiyaga+ kimwe rudende na ya mashūri cumi n’abiri yari munsi y’ico kiyaga+; 45  ibigopo na vya biyozo na ya mabakure be na bino bikoresho vyose+, ivyo Hiramu yakoreye Umwami Salomo mu mujumpu usenye, ku bw’inzu ya Yehova. 46  Mu Ntara ya Yorodani+ ni ho umwami yabishongeshereje mw’iforoma y’ibumba, hagati ya Sukoti+ na Zaretani+. 47  Nuko Salomo areka ivyo bikoresho vyose+ ata kubipima kuko vyari vyinshi cane bimwe bidasanzwe+. Ntibasuzuma uburemere bw’umujumpu+. 48  Amaherezo Salomo akora ibikoresho vyose vy’inzu ya Yehova, igicaniro+ c’inzahabu n’imeza+ yo mu nzahabu yariko imikate yerekanwa*, 49  n’ibitereko vy’amatara+, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu imbere y’icumba c’ahitereye, mu nzahabu itavanze+, n’amashurwe+ n’amatara+ n’udupensi+, mu nzahabu, 50  n’amabesani, n’ibizimisho+, n’amabakure+, n’ibikombe+, n’ibijamwo umuriro+, mu nzahabu itavanze, n’utunogo ku bw’imiryango+ y’inzu y’indani, ni ukuvuga, Aheranda Rwose, no ku bw’imiryango+ y’inzu y’urusengero+, mu nzahabu. 51  Amaherezo igikorwa cose Umwami Salomo yabwirizwa gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova kirarangira+; nuko Salomo atangura kwinjiza ibintu Dawidi se wiwe yagize vyeranda+; ifeza n’inzahabu be n’ibintu vyo gukoresha, abishira mu matunga y’inzu ya Yehova+.

Amakuru yiyongereye

“Inzu yegukira Ibaraza” ishobora kuba yerekeza kw’Ibaraza ry’Intebe y’ubwami.
Bisobanura ngo “Azoshimangira ubutanyiganyiga.”
Bishobora kuba bisobanura ngo “Mu Nkomezi,” bikaba bibwirizwa gusomwa inyuma y’izina ry’iyo yindi nkingi “Yakini.”
Nk’amalitiro 44.000. Ingero ya bati yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya 11.
Igitigiri nta kirimwo mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango.
Raba Inyongera ya 21.